Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) zagirije Irani igitero “c’ubugome”
ku mato abiri atwara igitoro mu Muhora wa Hormuz ku wa mbere, gihitana umuntu
umwe kinakomeretsa abandi umunani, mu gihe Donald Trump avuga ko Amerika izotoza
ikori ringana na 20% ku mizigo yose mu rwego rw’ingingo nshasha yo kuzibiria
uno muhora.
Trump yavuze ko bariko bakubita Irani “bikomeye cane” inyuma
y’ibitero vyabaye mw’ijoro rigira gatatu vyikurikiranya, mu gihe ukurasana
hagati y’ibi bihugu bibiri kwiyongereye.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe migenderanire yishuye kuri
iyi ngingo yo kuzibira uno muhora, avuga ko Tehran ari yo “MURINZI” wawo.
Imishamirano ishingiye ku kugenzura Umuhora wa Hormuz ishobora
kuburabuza utwigoro two guhagarika intambara, nubwo Trump ashimangira ko
amasezerano agishoboka.
Mu gihe rero icuka kibi kuri uno muhora kibandanya
ciyongera, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu zavuze nijoro ku wa mbere ko ibisasu
vya misire vya Irani vyakubise amato abiri y’ico gihugu yunguruza igitiro,
bihitana umwe mu bakozi b’Abahindi bari muri ayo mato vyongera bikomeretsa
abandi umunani, muri bo bane bakomeretse cane.
Muri abo bakomeretse, batandatu bari Abahindi, mu gihe
babiri bari Abanya-Ukraine, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa UAE ajejwe kwivuna
abansi mw’itangazo yacishije ku rubuga rwa X.
Mu nyuma, ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira
ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) ryemeje ico gitero, mw’itangazo ryacishijwe ku
rubuga rwa Telegram. Rivuga ko ayo mato abiri yirengagije igabishwa yahawe,
akazimya ubuhinga butuma akurikiranwa kandi akagerageza guca mu nzira yari
yatezwemwo ibisasu bitegwa mu mazi.
Mu kwishura, IRGC yavuze ko yaciye irasa ayo mato maze
irayahagarika gukora.
Yongeye ivuga ko “ugukorana n’umwansi” ata kindi bizovyara atari
ukwicuza, guhomba be n’ugucererwa kwugurura uwo muhora, ibi na vyo biteze
ingorane y’igitoro kw’isi yose.
Uno muhora ubandanya kuryanisha Amerika na Irani,
aho ejo ku wa mbere impande zompi zateranye ibisasu buri ruhande rurondera
kuwugenzura, mu gihe mw’ijoro ryo ku wa Mungu zari zaraye zirarasana.