Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha
ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya
Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.
Yavuze aya majambo mu kiganiro n’imboneshakure Fox News, mu
gihe Amerika na Irani bimaze imisi ine birasana ubudasiba.
Yagize ati: "Indwi iza ibintu bizobabera bibi cane.
Tuzobomagura ibigo vyabo vyose vy’umuyagankuba. Tuzobomora ibiraro vyabo vyose
nimba bataje ku meza y’ibiganiro".
Yarigeze kuvuga aya majambo yatewe ivyatsi n’abategetsi b’ishirahamwe
mpuzamakungu ONU.
Inyuma y’uko Trump yari yagabishije muri Ndamukiza (4) ko
azotera ibikorwa remezo vya gisivire muri Irani, harimwo ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba,
umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Volker Türk, yavuze
ati: "Mu mategeko mpuzamakungu, gutera nkana abasivire n’ ibikorwa remezo
vyabo bifatwa nk’icaha c’intambara".
Muri ico kiganiro citwa “Special Report with Bret Baier”
gicishwa kuri iyo mboneshakure ku wa kabiri mw’ijoro, Trump yongeye kuvuga ati: "Nzoba
ndihojeje gatoya ibigo ntanganguvu, ariko impera n’imperuka tuzotera ibigo
ntanganguvu".
Avuga kandi ko intumwa za Amerika zamenyesheje abo ku
ruhande rwa Irani ku mugoroba wo ku wa kabiri ziti: "Vyiza mwokwemera amasezerano,
ahandi ho nta na kimwe muzosigarana".
Yavuze aya majambo imbere y’uko ku mugoroba w’ejo ku wa
kabiri, igisirikare ca Amerika gitangura ibindi bitero no gusubira kuzibira amato
yinjira canke asohoka ava ku bivuko vya Irani.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, ubuyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika mu
karere (CENTCOM) bwatangaje ko ingabo zabwo “zatanguye ikindi gice c’ibitero
kuri Irani kugira ngo zirushirize kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo gutera
amato y’ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz".
Iti: “Ubu amato y’intambara arenga 20 y’ingabo za Amerika
zirwanira mu mazi hamwe n’amajana y’indege za gisirikare biri mu bikorwa mu
karere k’Ubuseruko bwo Hagati".
Mu rindi tangazo ryasohowe ku wa kabiri mw’ijoro, Admiral
Brad Cooper wa Amerika yavuze ko Irani "yarashe abasivire n’ibigira nkana"
mu gutera amato ndwi y’ubudandaji muri ako karere, ivyo bikaba vyatumye hafi
abantu cumi na babiri bari mu mato bapfa, babura canke bakomereka.
Mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu, igisirikare ca
Koweti catangaje ko kiriko kiratangira indege z’intambara za Irani zitajamwo
abadereva (drone), mu gihe Bahreïn nayo yuguruye inzamba zo kugabisha ku bitero
vyo mu kirere.
Igisirikare ca Koweti cavuze giti: "Ubwirinzi bwo mu
kirere bwa Koweti buri kurwanya ibitero vya drones vy’abansi bikomoka ku gitero
c’ubugome ca Irani."
Ubushikiranganji bwa Bahreïn bujejwe intwaro yo hagati bwasavye
abanyagihugu n’ababa muri ico gihugu kuguma batekanye no kwihutira kuja mu
bibanza bitekanye.
Ibi bitero vya Amerika vyaje
bikurikira urundi rukurikirane rw’ibitero vy’ijoro vya Amerika ku musi ugira
gatatu vyikurikiranya.
Umusi umwe imbere y’aho, Perezida Trump
yari yatangaje ko ingingo yo kuzibira amato yinjira canke ava muri Irani
yasubijweho mbere aca atangaza n’ikori rya 20% ku mato kugira ngo ashobore
gukingira umutekano w’Umuhora wa Hormuz, imbere y’uko yisubirako agahagarika
iryo kori inyuma y’amasaha 24. Mu kwishura, Irani yarashe amato abiri atwara
ibitoro ya Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE). Abu Dhabi (ubutegetsi bwa UAE)
yatangaje ko umuntu umwe yahasize ubuzima.
Irani nayo yaciye yihora mu gutera
amato abiri yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.
Uku kurasana kwasubiye kwaduka hagati ya Amerika na Irani
kwatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera ko uruja n’uruza rw’amato
atwara ibitoro aca mu Muhora wa Hormuz rwahagaze hafi rwose.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara: