Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RDC igiye gutangura kugerageza urucanco rwa Ebola
Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) iriko iritegurira gukwiragiza mu burere butandukanye urucanco rwa Ervebo (rwemejwe kugira rukoreshwe mu gukinga ubwoko bwa Ebola bwa Zaïre), rujanye n'ubushakashatsi bw'intambwe yo kugirira amagerageza ku barwayi, mu ntumbero yo guhangana n'ikiza ca Ebola kizwi nka Bundibugyo.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara OMS ryemeje ko ama 'doses' 20.000 azokoreshwa mu gice ca gatatu c'ubushakashatsi bwo gusuzuma urwo rucanco imbere y'uko rwemezwa ko rukora neza, mu gihe ayandi 50.000 azohabwa abakozi bari ku murongo w'imbere mu kurwanya Ebola n'abo mu gisata c'amagara.
OMS hamwe n'ikigo ca Afrika kijejwe kurwanya ingwara, Africa CDC, vyakiriye neza iyo ntererano, bivuga ko ari inyongera ihambaye mu bikorwa vyo guhangana n'iki kiza.
Ebola irabandanya kurandagata mu ntara zitandatu - Bas-Uélé, Haut-Uélé, Ituri, Kivu ya Ruguru, Kivu y'Epfo na Tshopo - aho imaze gushika mu burere bw'amagara 56. Kugeza ku wa 18 Myandagaro (8), abari bamaze kwemezwa n'ibipimo vyo muri laboratware ko bayanduye bagera ku 5.208. Muri abo, 730 baracari mu bibanza vya bo nyene canke aho bavurirwa, abandi 1.115 barakize, mu gihe abagera ku 2.476 bapfuye.
Urugero rw'abapfa ruri kuri 47,5%, mu gihe ibikorwa vyo gukurikirana abantu bahuye n'abanduye bimaze gushikira 84%. Abategetsi bavuga ko gukoresha urucanco rwa Ervebo, hamwe no gukomeza cane gukurikirana no kuvura abarwayi, biriko birafasha mu guhangana n'iki kiza.
Hagati aho, umuhari urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa ukaba umaze no kwigarurira uburere butari buke mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, AFC/M23, watangaje ingingo nshasha zijanye no kugabanya uruja n'uruza hagati y'uburere ugenzura n'ubugenzurwa na Reta.
Imodoka zunguruza abantu zo mu bwoko bwa taxi rusangi zifata ibarabara rya Goma-Kirumba, hamwe n'ubwato butwara ingenzi mu kiyaga ca Edward, bigiye guhagarikwa mu kiringo c'ukwezi. Amabisi mato atwara ingenzi hamwe n'amakamyo atwara ibidandazwa bizobandanya gukora, ariko hakurikijwe ingingo zikomeye z'isuku n'ukwirinda indwara.
Izo ngingo zifashwe inyuma y'amakuru avuga ko abantu babiri bariko bariyunguruza bavuye i Lubero basanze baranduye Ebola igihe bari bageze mu kigwati kigenzurwa na M23. Abategetsi b'uwo muhari bavuga ko izo ngingo zari nkenerwa kugira Ebola ntibandanye kurandagata.
Ukwo ibintu vyifashe ubu, ni kimwe mu vyerekana ukuntu bigoye guhangana n'ico abajejwe amagara bavuga ko ari ikiza ca Ebola kiriko kirakwiragira ku murindi munini cane kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho, mu gihe intambara hagati ya Reta ya Kongo n'uwo muhari ushigikiwe n'Urwanda ikibandanya.
Umuhari M23, wafashe Goma na Bukavu mu ntango za 2025, waragerageje kwerekana ko ushoboye gucunga intara ugenzura, mu gutunganya ibikorwa vyawo vyo guhangana na Ebola bibangikanye n'ivya Reta. Mu mpera za Ruheshi (6), abategetsi bawo batangaje ko ahantu bagenzura hatakirangwa ico kiza, inyuma y'uko umuntu umwe yari yemejwe ko yacanduye asanzwe i Goma ku wa 17 Rusama (5) 2026.
Ariko abahinga mu vy'amagara y'abantu baraburira ko akaga k'uko Ebola ishobora kurenga imbibe kakiri kanini cane.