Burundi: Ivy'impunzi z'abakongomani ziri mw'ikambi ya Busuma bizoherera he?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Izo mpunzi zigera ku bihumbi 50 iyo zibonye umutegetsi nta kindi zimubwira atari uko zipfuza gusubira iwabo muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) buno nyene. Ariko, umugambi wo kuzitahukana warakwamye.

"Nimwongereze igitigiri c'imodoka dutahe iwacu", iki ni igisabo umwe mu bagore bahungiye muri iyo kambi yashikirije ku wa gatanu igihe bagenderwa n'abategetsi batandukanye harimwo n'abaserukira ibihugu vyabo vyo muri Afrika mu Burundi.

Uwo mugore avuga ko ubuzima babayemwo ari bubi cane mu gihe yemeza ko n'udufaranga two kwikenura baronka ari intica ntikize.

"Baduha ibihumbi 13 vy'amarundi gusa ku kwezi. Na yo nyene aza yatevye".

"Raba umwana wanje ararwaye. Ndamujana hehe? Mu kumuvura ndamuha ikinini ca 'paracétamol' gusa".

Urugendo abaserukira ibihugu vya Afrika bifise icicaro mu Burundi bagize mw'ikambi ya Busuma ku wa gatanu, rwari rufise intumbero yo gutera intege izo mpunzi no kuzishigikira.

Baje bitwaje n'imfashanyo y'ibifungurwa. Henry Wambuma aserukira Kenya mu Burundi, ni we yavuze mw'izina ryabo.

"Twaje ngaha kugira dufate mu mugongo bene wacu bavuye muri Kongo. Bari ngaha kubera intambara zikibandanya iwabo. Twaje kandi kubabwira ko twifadikanije na bo mu magume barimwo".

Yongeyeko ati: " Twaje tubazaniye n'imfashanyo twashoboye kwegeranya nk'abaserukira ibihugu vyabo vyo muri afrika bifise ivyicaro mu Burundi".

Imfashanyo idashemeye n'ubukene bw'uburyo

Inkambi ya Busuma iherereye mu ntara ya Buhumuza mu busruko bw'Uburundi. Benshi mu bayirimwo ni abahunze intambara zikomeye zabaye mu mpera z'umwaka wa 2025 mu bice ahanini vya Luvungi na Sange imbere y'uko igisagara ca Uvira gifatwa na M23, ikaza kukivamwo mu nyuma.

Impunzi ziyirimwo zivuga ko ubuzima bwifashe nabi rwose. Ni mu gihe zemeza ko n'imfashanyo nkeya iboneka inyuruzwa.

Umwe mu bagabo bahaba yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: " N'iyo imfashanyo zije, ntizishikira impunzi. Abajejwe inkambi ni bo baca bacika impunzi bakazigabura hagati yabo hamwe n'imiryango yabo".

Mu misi iheze, hari hatanguye igikorwa co gutahukana impunzi zose zivyipfuza. Ariko ishirahamwe HCR riherutse kuzimenyesha ko iki gikorwa cahagaze kubera ingorane y'uburyo.

Mbere n'ishami rya ONU rijejwe ivy'imfungurwa PAM, na ryo nyene riherutse kuvuga ko ritashoboye kuronka imiliyoni 35 z'amadolari zari zikenewe kugira rishobore kubandanya rigaburira izo mpunzi.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko imfungurwa za nyuma zizotangwa mu kwezi kw'icenda umwaka wa 2026. Kuva mu kw'icumi, nta citwa infungurwa kizosubira gutangwa.

Bisa n'uko ata muti uhari

Uretse PAM, n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburundi, Edouard Bizimana, na we nyene aremeza ko ingorane y'uburyo ihari kandi ko irengeye Uburundi.

Mw'ijambo yashikirije izo mpunzi yagize ati: "Uburundi nta buryo bukwiye tworonka ngo tuje turabafasha. Tuzobandanya rero dutera akamo amakungu kugira adufashe".

Mu gihe izo mpunzi zituruka muri RDC ata kindi zishaka kwumva atari ugutahukanwa iwabo, umushikiranganji Bizimana azisaba kwihangana.

"Muramaze kwumva ko hari abagera ku bihumbi 15 bamaze gutahukanwa. Mugabo abo ni abaja mu karere ka Uvira gusa hari amahoro. Ubundi burere umutekano niwagaruka, ntakizobuza ko babarekura ngo mutahe, ariko ntidushobora kurungika abantu mu ntara zikirimwo ingwano".

Ubu butumwa busa n'ubutanyuze izi mpunzi. Zisa n'izidatahura ingene zobwirwa ko ata buryo bwo kuzigaburira buhari ariko kandi zigasabwa kuguma muri iyo kambi. Ku bwazo, ni ibihushane.

Igihe abategetsi batandukanye n'abaserukira ibihugu vyabo bariko baragendera ikambi ya Busuma, impunzi zaguma zivugira rimwe, mu gisa no kugaragaza akababaro, ziti: "twipfuza gusubira iwacu, dushaka Kongo yacu".