Uburundi mu bihugu bimaze kwakira abirukanywe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Amasoko atandukanye yerekana ko abantu 12 bashikanywe mu Burundi n'indege ivuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kwa munani guheze.
Iyo nkuru imaze igihe ivugwa mu Burundi yarabajijwe mu ndwi iheze mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za reta n'abamenyeshamakuru n'abanyagihugu. Imbere y'aho, imboneshakure yo mu Bufaransa, France 24, mu kwezi guheze yari yabajije ico kibazo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ubwiwe aho yishuye ko Uburundi bwemeye kuzokwakira bene abo bantu.
Muri ico kiganiro c'abavugizi b'inzego za reta, uwuvugira ibiro vy'umukuru w'igihugu, Nancy Mutoni, yishuye nk'ivyo umukuru w'igihugu yari yavuze ariko ahakana ko ata n'umwe yari bwarungikwe.
Abagabo 11 n'umugore umwe
Ariko amasoko atandukanye BBC Gahuzamiryango yarondeye, haba mu Burundi, muri Amerika, no mw'ishami rya ONU riraba abimukira OIM, yemeza ko hamaze kurungikwa abantu 12.
Abo bagabo 11 n'umugore umwe bivugwa ko bazanywe n'indege ku wa 27 ukwezi kw'umunani guheze.
Rimwe muri ayo masoko ni ishirahamwe ryo muri Amerika riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights First.
Mu cegeranyo c'impapuro 30 c'ukwezi kwa munani ku makuru riguma ryegeranya ku kwirukana abimukira muri Amerika, Human Rights First rivuga ko abo bantu 12 baturuka mu bihugu vya Cameroun, Angola na Sudan.
Iyo nkuru yemezwa kandi na Alma David, umushingwamanza w'Umunyamerika afise uwo yunganira muri abo bantu barungitswe mu Burundi.
Ayo masoko yo muri Amerika yemeza ko abo bantu bashikiye mu minwe y'ishami rya ONU riraba abimukira, OIM.
Isoko ryo mu Burundi ryemeye ko abo bantu bazanywe ariko ritubwira ko ari inkuru yo kwiyubara cane yobazwa ibiro vya OIM vy'akarere bikorera i Nairobi muri Kenya.
Uwo twavuganye kuri ivyo biro tukamubwira ayo makuru yose dufise ntiyahakanye canke ngo yemeze iyo nkuru. Yavuze gusa ko ataco ''dushoboye gufasha kuri ico [kibazo] muri uwu mwanya''.
Igituma ico kibazo ari ico kwiyubara
Bitandukanye n'uko vyagenze ku barungitswe mu bihugu bimwe bimwe nka Eswatini (Swaziland), abarungitswe mu Burundi ntibashikiye mw'ibohero kuko atari inkozi z'ikibi.
Uwo mushingwamanza wo muri Amerika yatubwiye ko abo birukanywe bari bararonse uburenganzira bahawe n'abacamanza bwo gukingirwa muri Amerika. Ariko bafashwe n'ingingo yagiyeho ku ntwaro ya Perezida Joe Biden yashinga ko abimukira binjiriye ku mupaka na Mexique batari bemerewe kuronka ivyangombwa vyo kuba muri Amerika.
Iyo ngingo yarateshejwe agaciro mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka, ariko abo birukanywe ntivyari bigishoboka ko hagira igihinduka kuri bo. N'ubu hari abandi boba bimirije kurungikwa mu Burundi n'ahandi.
Ishirahamwe Human Rights First rivuga ko amasezerano hagati y'Uburundi na Amerika (Memorandum of Understanding, MoU) yerekeye kwakira bene abo bantu yasinywe mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka, ariko ko mu kwezi kwa gatandatu ariho kimwe mu bisata vya reta ya Amerika vyavuga ko ahari.
Co kimwe n'uwo mushingwamanza, iryo shirahamwe ntaco rizi ku biri muri ayo masezerano.
Gusa ayo masoko atandukanye arerekana bimwe mu vyoba bituma iyo nkuru ifatwa nk'iyo kwiyubara cane n'abazi cane ico kibazo.
Kimwe ni uko kazoza k'abo bantu barungitswe mu Burundi kataramenyekana neza: ko amaherezo bazorungikwa mu bihugu baturukamwo, ko bazoguma mu Burundi canke ko bazorungikwa ahandi. Abarenga igice c'abo 12 boba bararahiye bararengwa ko badashobora kwemera gusubizwa iwabo.
Ibihugu vya Afrika bironka iki mu kwemera kwakira abirukanywe na Amerika?
Uburundi bubaye kimwe mu bihugu birenga 10 vyo muri Afrika bimaze kwakira abantu birukanywe muri Amerika bakarungikwa mu bihugu bitari ivy'amamuko yabo.
Ibindi ni nk'Urwanda, Uganda, Repuburika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo), Ghana, Liberia, Eswatini (yahoze yitwa Swaziland), Guinée Equatoriale, Sierra Leone na Sudan y'Epfo .
Muri ivyo bihugu vyose amasezerano hagati yavyo na Amerika akenshi ntiyigeze ashirwa ku mugaragaro.
Ico Amerika ibiha ntikizwi neza. Hari ibihabwa amafaranga, ibindi bikarondera akunguko mu nzira zitandukanye.
Mu mwaka uheze Eswatini yaremeje ko yahawe miriyoni 5,1 z'amadorari ($5,1m) n'intwaro ya Trump, ibintu vyaneguwe cane n'imigwi y'agateka ka zina muntu.
Urwanda ruri mu bihugu bivugwa ko vyahawe amafaranga ajanye n'uwo mugambi. Ibindi ni Guinée Equatoriale, Sierra Leone, Centrafrique na Cameroun. Umugwi ujejwe imigenderanire n'ibindi bihugu mu nama nkenguzamateka ya Amerika uvuga ko vyose hamwe ivyo bihugu vyahawe miriyoni 32 z'ama dorari ($32m) mu kwemera kwakira abirukanywe 300.
Liberia yo yavuze ko itasavye canke ngo yakire indishi iyari yo yose canke ngo yemererwe kuzoyihabwa mu kwemera gufasha muri uwo mugambi.
Ariko hari n'ibindi bihugu bihabona amahirwe yo kurushiriza kwikundwakaza kuri Amerika kugira biharonkere amahirwe y'ubutunzi canke ibindi bisaba Amerika na cane cane ibihugu biba bisanzwe mu ngorane z'imbere muri vyo.
Nka RD Congo yifuza ko Amerika yogira uruhara rukomeye gusumba mu matati irimwo n'Urwanda no mu gisata c'ubutare.
Imaze kwemera kwakira abirukanywe na Amerika, Sudan y'Epfo yaciye irungikira Amerika urutonde rw'ivyo yifuza harimwo ko Amerika yovana ibihano kuri umwe mu bategetsi n'uko yoshigikira urubanza rw'uwutavuga rumwe n'ubutegetsi, Riek Machar.
Ariko kubera ayo masezerano akenshi adashirwa ahabona, ico Amerika yemerera ivyo bihugu ntikizwi neza.
Amashirahamwe arwanira uburenganzira bwa zina muntu aranegura uwo mugambi w'intwaro ya Perezida Trump.
Abirukanwa hari igihe baba barimwo abantu bari barahawe uburenganzira bwo kuba no gukingirwa muri Amerika kuko bashobora kugirirwa nabi hamwe bosubizwa mu bihugu baje baturukamwo canke bakarungikwa mu bihugu navyo bisanzwe bidafise umutekano uhagije canke binegurwa ku bijanye n'iyubahirizwa ry'uburenganzira bwa muntu.









