IKIBIRIRAHO, DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Amerika: Christa Pike yikanguye kandi aravuga inyuma yo kurokoka igihano c'urupfu

    Umupfungwa wo muri Amerika yaciriwe urwo gupfa, Christa Pike,

    Umupfungwa wo muri Amerika yaciriwe urwo gupfa, Christa Pike, yarikanguye kandi arashobora kuvuga, inyuma yo kurokoka incuro zibiri bagerageje kumwica bamuteye urushinge mu ndwi iheze, nk’uko abamuburanira babivuga.

    Pike w’imyaka 50 aracavurirwa mu bitaro, ariko akiri mu mapingu. Abamuburanira babitangaje ku wa kabiri.

    Yaciriwe urwo gupfa inyuma yo kwagirwa n’icaha co kwica Colleen Slemmer mu 1995. Ku wa gatatu w’indwi iheze, abategetsi bo muri reta ya Tennessee baragerageje incuro zibiri gushitsa urwo rubanza bamuteye urushinge rurimwo imiti y’uburozi, ariko ntiyapfa.

    Amagara yiwe amaze kumera nabi, yaciye ajanwa mu bitaro n’ingoga. Yamaze imisi itari mike yataye ubwenge, mu gihe abaganga bariko baragerageza gukura mu mubiri wiwe imiti y’uburozi yari yatewe.

    Abahinga hamwe n’abashingwamanza biwe bavuga ko kuba yaragaruye ubwenge ari ikintu kidasanzwe cane. Bikekwa ko Pike ari we muntu wa mbere azwi yarokotse imiti y’uburozi imaze kwinjizwa guterwa mu mubiri wiwe mu gushitsa igihano co gupfa.

    Abamuburanira bavuze ko kuba yarikanguye kandi agashobora kuvuga ari ikintu “kidasanzwe kandi kitari bwigere kiboneka mu buvuzi”. Ariko abaganga ntibaramenya neza ingene amagara yiwe azomera, bakavuga ko ashobora gukenera igihe kirekire kugira akire.

    Deborah Denno, umuhinga mu bijanye n’ivyaha akaba n’umwigisha muri kaminuza ya Fordham, yavuze ko yatangajwe cane no kwumva ko Pike yikanguye.

    Denno yavuze ko hari abandi bapfungwa indwi barokotse igihe abategetsi bariko baragerageza gushitsa urubanza rwo kubica. Ariko muri izo ncuro, abari bajejwe ico gikorwa ntibashoboye kwinjiza imiti y’uburozi mu mitsi yabo.

    Yavuze ko Pike ari we muntu wenyene azwi yatewe iyo miti nk’uko bitegekanijwe, ariko ntapfe.

    Yagize ati: “Barakurikije intambwe zose zari zitegekanijwe, ariko ntivyakoze. Ivyo ntivyari bwigere biba.”

    Ivyashikiye Pike vyasubiye kuvyura impari ku gukoresha urushinge rw’uburozi mu gushitsa urubanza rwo gupfa muri Amerika, harimwo ibibazo vy’uko ubwo buryo bukora neza kandi ko bwemewe n’amategeko.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Australia: Uwahoze ari musenyeri yapfunzwe azira gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri batabishaka

    Uwahoze ari musenyeri muri Australia, Christopher Saunders

    Uwahoze ari musenyeri muri Australia, Christopher Saunders, yaciriwe umunyororo w’imyaka itandatu n’igice kubera gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri b’Abasangwabutaka ba Australia.

    Saunders w’imyaka 76 yaciriwe uwo munyororo kuri uyu wa gatatu. Azoshobora kurekurwa imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira guhera muri Ruhuhuma (2) 2031.

    Muri Myandagaro (8), sentare yari yamwagirije icaha kimwe co gufata umuntu ku nguvu n’ivyaha 12 vyo gukorakora abo basore batabishaka.

    Saunders yatanze imihoho mu 2020 ku mabanga yo kuba Musenyeri wa Broome, igihe yatangura kwagirizwa ivyo vyaha.

    Mu rubanza rwabereye muri reta ya Australia y’Uburengero, ubushikirizamanza bwavuze ko Saunders yagiye arakwegera abo basore, akabatumira mu bikorane aho basabwa gukura amashati, akongera akabaha inzoga nyinshi. Ivyo ngo akenshi vyakorerwa mu nyubakwa za Kiliziya kandi hagakoreshwa n’amafaranga yayo.

    Sentare yamwagirije ko yasomye akongera agakora ku mibiri y’abo basore mu buryo hagati ya 2010 na 2019. Yahamwe kandi no gufata umwe muri bo ku nguvu.

    Ariko ntiyagiriwe n’ivyaha yari yagirijwe ko yakoreye uwundi musore wa gatatu.

    Umwe mu bahohotewe yabwiye sentare ko bigoye kuvuga ivyashitse. Yagize ati: “Nari igikinisho yakoreshа. Ubu umutwe uriko urandya kandi ndababara cane.”

    Umucamanza Martin Flynn yavuze ko Saunders atubahirije agateka k’abo yahohoteye kandi ko yabateye ububabare buzomara igihe kirekire.

    Musenyeri Mukuru wa Perth, Timothy Costelloe, yasavye imbabazi abo basore, avuga ko bagaragaje umutima rugabo mu kubwira sentare ivyabashikiye no kurondera ubutungane.

    Saunders yari yabanje gukorwako amatohoza n’igipolisi mu 2020, ariko ararangira ata caha yagirijwe. Igipolisi casubiriye kuyatangura inyuma y’amatohoza adasanzwe yari yategetswe na Papa.

    Kiliziya Gatolika iriko irasabwa kwambura Saunders izina rya musenyeri n’ububasha yari asigaranye. Ingingo ya nyuma izofatwa na Vatikano.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

    abaganga ba ebola bafise abana

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

    Mu vyatangajwe kuri uyu wa kabiri, UNICEF yavuze ko abo bana babuze umwe canke abavyeyi bompi, abandi na bo batandukana n’imiryango yabo kubera ico kiza catangajwe muri Rusama (5).

    Benshi muri abo bana bari muri Ituri, abandi amajana bakaba bari muri Kivu ya Ruguru. Ariko UNICEF igabisha ko igitigiri nyakuri gishobora kuba kiruta ico, kuko ibiharuro biriho vyavuye gusa mu turere ikoreramwo ifatanije n’inzego z’intara zijejwe imibano.

    Lucia Elmi, ajejwe ibikorwa vya UNICEF , yavuze ko Ebola ishobora gusiga abana ata muntu abitaho, bikabashira mu kaga ko gufatwa nabi, gukoreshwa canke kwandura izindi ndwara.

    Iryo shirahamwe ryamenye kandi ko hari abana 214 baba canke bakorera mw’ibarabara i Bunia bakeneye gukingirwa vyihutirwa. Kubera batagira ababitaho, bashobora kwandura Ebola bitagoranye no kutaronka imiti igihe barwaye.

    Gushika mu mpera za Nyakanga (9), abana barenga 2.000 bari bamaze kwandura Ebola, abarenga 1.100 na bo barapfuye. Abana barenga ica kane c’abanduye bose, ariko bakaba hafi ica gatatu c’abapfuye.

    UNICEF iriko irafasha ibigo vyakira abana biri hafi y’ibitaro bivurirwamwo Ebola. Iriko kandi irafasha abana bahungabanye no kurondera imiryango yabo.

    Iryo shirahamwe rikeneye imiriyoni 113,4 z’amadolari kugira ribandanye ibikorwa vyo kurwanya Ebola, ariko rimaze kuronka imiriyoni 40,1 gusa.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.