Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Amasezerano y’amahoro hagati ya Amerika na Iran arashobora gushirwako umukono ku wa mungu i Genève

Bitegekanijwe ko ayo masezerano yoshirwako umukono n’icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika JD Vance hamwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Iran, Mohammed Baqer Qalibaf.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ibiriraho y'uyu munsi, mwakoze kubana natwe, ni ah'ejo

  2. Axios: Netanyahu yashizwe ku ruhande mu masezerano ya Amerika na Iran

    Ibimenyeshamakuru muri Amerika bivuga ko Benjamin Netanyahu wa Israel yashizwe ku ruhande kandi ntamenye ibiriko biraba igihe ku wa kane mw'ijoro Amerika na Iran vyari mu biganiro ubu bivugwa ko vyashitse ku mwumvikano.

    Ikinyamakuru Axios, kivuga ko cahawe amakuru n’abadiplomate babiri bo mu bihugu vyahagarikiye ibiganiro hamwe n’abategetsi babiri ba Amerika, catangaje ko hari amasezerano hagati ya Amerika na Iran yashitsweko ku mugoroba wo ku wa kane inyuma y’amasaha menshi y’ibiganiro hagati ya Ali Al-Zawadi, umuhuza ava muri Qatar, na Abbas Araghchi, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Iran.

    Nk’uko ayo makuru abivuga, uwo muhuza wo muri Qatar yaravuganye incuro nyinshi kuri telefone na Steve Witkoff hamwe na Jared Kushner, bamwe mu begereye Donald Trump kandi bamuserukira muri ivyo biganiro.

    Ayo masoko nyene avuga kandi ko Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yatangajwe no kumva inkuru y’ayo masezerano.

    Abategetsi babiri ba Amerika bazi neza ibijanye n’ivyo biganiro babwiye Axios ko Netanyahu atamenyeshejwe na Amerika aho ibiganiro vyari bigeze muri iyi minsi iheze. Kubera ivyo, ngo yari amaze iminsi arondera amakuru ku ncuti za hafi za Amerika kugira amenye uko ibintu vyifashe.

  3. Iran ntizotunga ibirwanisho ruhonyanganda vya nikreyeri nkiri umushikiranganji wa mbere wa Israel - Netanyahu

    Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yasohoye ubutumwa ku rubuga rwa X inyuma y'aho Perezida wa Amerika Donald Trump atangarije ko hari icizere c'uko amasezerano hagati ya Amerika na Iran yoshikwako vuba.

    Netanyahu yanditse ati: "Igihe cose nkiri Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, Iran ntizokwigera ironka ibirwanisho vya nikleyeri."

    Yavuze kandi ko we na Trump bahuriza ku ciyumviro c’uko Iran idakwiye kugira ibirwanisho vya nikleyeri.

    Uwo mutegetsi wa Israel yongeye ko ati : "Iyo tutagira utwigoro twacu two kubibuza, Iran iba yaramaze kuronka ibirwanisho ruhonyanganda vya vya nikleyeri vyokoreshwa mu gusambura Israel."

    Mu butumwa bwiwe, Netanyahu ntiyatanze ido n'ido ku masezerano yo guhagarika inrwano ari kuvugwa hagati ya Amerika na Iran, kandi ntiyanatanze iciyumviro ciwe kuri ayo masezerano.

    Yashimikiye ko Iran ifise intumbero yo gusambura Israel, ariko avuga ko igihugu ciwe kitazokwigera cemerera ko ivyo bishika.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. DR Congo: Martin Fayulu yakomerekeye mu myigaragambyo ku nteko ishingamategeko i Kinshasa

    Umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo yakomerekeye mu myigaragambyo yabereye hafi y’inteko ishingamategeko mu murwa mukuru Kinshasa kuri uyu wa gatanu.

    Martin Fayulu wabaye uwa gatatu mu matora ya perezida ya 2023, ari mu bakomerekeye mu bushyamirane na polisi yariho ibuza abo bantu kwigaragambya.

    Ihuriro ry’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri DR Congo ryarenze ku mabwiriza ya polisi yabuzaga kwigaragambya ku nteko ishingamategeko uyu munsi.

    Abapolisi benshi bari boherejwe kurinda ingoro y’inteko ari na ho bavuye ubushyamirane mu gihe polisi yatatanyaga abaje kwigaragambya.

    Amashusho yashyizwe ku mbuga nkoranyambaga yerekana Martin Fayulu ava amaraso ku ishati arimo gutwarwa n’abamushyigikiye, nubwo ubukana bw’igikomere yagize kugeza ubu butaramenyekana.

    Mbere, abategetsi bari babujije imyigaragambyo kuri iyo nzu izwi nka Palais du Peuple, bagira inama abigaragambya yo kujya kubikorera ahitwa Kasa-Vubu muri Kinshasa.

    Iyi myigaragambyo itangiye nyuma y’uko ku wa kabiri umutwe w’abadepite w’inteko ishingamateko ya RD Congo wemeje umushinga w’itegeko rya referandum, ubu utegerejwe kwemezwa na sena mbere y’uko Perezida Tshisekedi awusinya nk’itegeko.

    Abatavugarumwe n’ubutegetsi baramagana ibyo bikorwa bavuga ko bigamije guhindura itegekoshinga kugira ngo Perezida Félix Tshisekedi yiyamamarize manda ya gatatu nyuma ya 2028, manda atemerewe n’itegekonshinga ririho ubu.

  5. Amasezerano y’amahoro hagati ya Amerika na Iran arashobora gushirwako umukono ku wa mungu i Genève

    Amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran ashobora gushirwako umukono kuva ku wa Mungu, nk'uko amakuru yatanzwe n’isoko ryo mu bihugu vyo muburasirazuba bwo hagati ribikurikirana hafi abivuga.

    Igisagara ca Genève mu Busuwisi ni co kiriko kiravugwa cane nk’ahoshobora kubera uwo mugirwa, n'aho ikibanza nyaco kitaramenyekana.

    Bivurwa ko abahinga mu biganiro bariko barangiza gutunganya amajambo agize ayo masezerano, mu gihe Iran ikomeje gushimika ko ayo masezerano ategerezwa kandi kurangiza inrwano iri muri Liban, aho Israel iriko irarwana n’umuhari Hezbollah ushigikiwe na Iran.

    Bitegekanijwe ko ayo masezerano yoshirwako umukono n’icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika JD Vance hamwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Iran, Mohammed Baqer Qalibaf.

    Donald Trump yatangaje ku wa Kane ko yahagaritse imigambi y’ibitero bishasha kuri Iran, avuga ko amasezerano yo guhagarika intambara ari hafi guhsikwako.

    Abategetsi ba Iran bavuga ko integuro y’ayo masezerano irimwo gukurwako ibihano vy’ubutunzi ku bitoro vya Iran, kurekurwa kw’amafaranga yayo yari yarafatiwe hanze y’igihugu, hamwe no guhagarika inrwano ku mpande zose harimwo na Libani.

    Ibibazo vyerekeye umugambi wa nikleyeri wa Iran bizosubirwamwo mu biganiro bizokurikira.

    Isoko ryo muri Iran rivuga kandi ko ayo masezerano yoshobora kuba arimwo ukwemera kwa Amerika kugabanya ingabo zayo ziri hafi ya Iran no gushigikira imigambi yo gusubiza ku murongo ubutunzi bw’ico gihugu.

    Aya makuru yakiriwe neza ku masoko mpuzamakungu, aho imigabane y’amashirahamwe yaduze igiciro mu gihe ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse, kubera icizere ko ugushamirana kwo muri ako karere k’ikigobe gashobora kurangira vuba.

  6. Amerika : Abakirisu bacitsemwo ibice ku ntambara ya Trump muri Iran na politike y’abimukira – Icigwa

    Hafi ica kabiri c’abakirisu b’abavanjelika - bagize igice gihambaye c’abashigikiye Perezida Donald Trump mu vya politike – bibaza ko uburyo ubutegetsi bwiwe buriko buravyitwaramwo ku ntambara ya Iran no ku kibazo c’abimukira bidahuye n’ukwo batahura inyigisho z’ubukirisu.

    Ivyo bigaragazwa n’ubushakashatsi bwakozwe n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters rifadikanije n’ikigo mpuzamakungu Ipsos gikora ivyigwa bijanye n’iryo abanyagihugu bagona.

    Abakirisu barafashije cane umugambwe w’aba Républicains kugira utsinde amatora muri 2024, kandi Trump n’abategetsi bakuru bo mu ntwaro yiwe, harimwo umushikiranganji wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, barakunda gukoresha imvugo zishingiye ku kwemera mu gusigura imigambi n’ingingo za politike vyabo.

    Umugambwe w’aba Républicains uzobandanya urondera cane gushigikirwa n’abo bakirisu mu matora yo hagati mu kiringo ategekanijwe muri Munyonyo (11), aho uzoba uriko ugerageza kugumana ubwiganze buto ufise mu nama nkenguzamateka na nshingamateka.

    Nk’uko ubwo bushakashatsi bwakozwe hagati y’itariki 3 na 8 Ruheshi (6) buvyerekana, ibice 54 kw’ijana vy’abavanjelika babona ko uko Trump akoresha ingabo za Amerika muri Iran bidahuye n’ukwo batahura inyigisho z’ubukirisu. 41 % ni bo bemeza ko bihuye n’izo nyigisho.

    Ku bijanye n’ingingo zerekeye abimukira, 51% vy’Abavanjelika bavuga ko ukwo ubutegetsi bwa Trump bufata ico kibazo bidahuye n’agaciro k’ubukirisu. 44% ni bo babona ko bihuye.

    Ubu bushakashatsi bwa vuba bwerekana ko urugero rw’abemera ibikorwa vya Trump mu Bavanjelika ruri kuri 52%, mu gihe rwari kuri 61% muri Myandagaro (8) mu mwaka uheze.

    Urwo rugero rw’abakirisu n’ubwo rwagabanutse, ruracari hejuru cane y’urw’abanyamerika bakuze bemera ibikorwa vya Trump kuko rwo ruri kuri 35%.

    Urugero rw’abemera Trump rwagumye rugabanuka muri aya mezi ya vuba, kubera intambara yo muri Iran idashigikiwe na benshi muri Amerika yatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Umuganwakazi waThailand yapfuye inyuma y'imyaka irenga itatu ari muri koma

    Umuganwakazi wa Thailand Bajrakitiyabha, yari amaze imyaka irenga itatu ari muri koma, yapfuye, nk'uko umuryango w'i Bwami wabimenyesheje. Yari afise imyaka 47.

    Yaguye hasi muri Kigarama (12) 2022, igihe yariko aragirisha imyimenyerezo imbwa ziwe.

    Abaganga biwe bavuze ko ukwo kugwa kwaturutse kw'ihungabana rikomeye ry'umutima ryatewe n'indwara ya 'mycoplasma' yari yateye umutima wiwe.

    Inkuru iramvuye soma ngaha

  8. Misiri isaba Iran na Amerika gukoresha neza ‘akaryo’ kabonetse kugira bashike ku masezerano

    Umushikiranganji w’imigenderanire wa Misiri yasavye Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran gukoresha neza ‘akaryo’ kabonetse kugira bashike ku masezerano yo guhagarika intambara, nk’uko bimenyeshwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.

    Badr Abdelatty abivuze inyuma y’aho Perezida wa Amerika Donald Trump yisubiyeko ku bitero bishasha yavuga ko bizoba “bikomeye cane” vyari bitegekanijwe kugabwa kuri Iran.

    Kuva Amerika na Israel batanguje intambara kuri Iran, kw’itariki ya 28 Ruhuhuma (2) 2026, uruhererekane rw’amasoko ntanganguvu – harimwo igitoro na gaz – rwarahungabanye cane kw’isoko mpuzamakungu, bituma ubutunzi ku rwego rw’isi buja mu kaga.

    Vyatewe n’uko Iran, mu kwihora, yaciye ibuza canke iragabanya cane uruja n’uruza rw’amato muri Hormuz, umuhora ucamwo ibice birenga 20 kw’ijana vy’igitoro na gaz bikoreshwa kw’isi.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Niger yashizeho itegeko rihana abahuza ibitsina n’abo babisangiye

    Niger yashize mu gitabo c'amategeko mpanavyaha gishasha itegeko rihana abahuza ibitsina n’abo babisangiye.

    Iryo tegeko rifata imibonano mpuzabitsina hagati y’abantu babisangiye hamwe no guhindura canke kugerageza guhindura igitsina nk’ “ibikorwa biteye kubiri n’imico” y’igihugu.

    Ivyo vyose rero, ritegekanya ko bihanishwa umunyororo wo gupfungwa imyaka itanu canke amande agera ku miriyoni 100 z’ama CFA (imiriyoni zirenga 500 z’amafaranga y’amarundi).

    Iryo tegeko ritegekanya ibihano biremereye gusumba ku boshinga urwabo bahuje ibitsina. Ni umunyororo uva ku myaka 10 gushika ku 20, ibihano biraba n’ivyabona hamwe n’aboba bateguye urubanza.

    Amande ashobora gushika ku miriyoni 500 z’ama CFA (amafaranga arenga imiriyaridi 2 n’imiriyoni 600, mu marundi).

    Ivyo bihano birafata kandi abafise ubutambiro canke amashirahamwe vy’abahuza ibitsina n’abo babisangiye.

    Ni ubwa mbere muri ico gihugu, gisanzwe ciganjemwo abantu bo mw’idini rya Islam, bakaba banagendera ku vyiyumviro vya kera, hafashwe ingingo yo guhana abahuza ibitsina n’abo babisangiye.

    Niger ihambije rero ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika nka Burkina Faso, Ghana na Sénégal, vyagiye na vyo nyene bifata ingingo nk’izo kuva mu mwaka uheze.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. ‘Ntimukoreshe umuziki wanje’ - Ariana Grande abwira White House

    Umuririmvyi w’umunyamerika, Ariana Grande, yasavye White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) kudasubira gukoresha umuziki wiwe, inyuma y’aho iwukoresheje muri videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi igamije kwamamaza politike ya Trump yo kurwanya abimukira.

    Iyo videwo yacishijwe ku rubuga rwa TikTok ku wa mbere, yerekana abapolisi bacungera imbibe bariko barafata abantu bakabambika amapingu, mu gihe ururirimbo Grande yise ‘Bye’ ruba ruriko rukoreshwa nk’umudiho wayo.

    Muri iyo videwo handitsemwo ngo: “Bye-bye… Perezida Trump yatumye imbibe zigira umutekano kurusha izindi zose mu mateka.”

    Yishura kuri iyo video, Grande yagize ati: “Ntimukoreshe umuziki wanje mu bifitaniye isano n’ubugome, bitagira ubuntu kandi biteye isoni.”

    Umuvugizi wa White House, Abigail Jackson, yabwiye ibimenyeshamakuru vya Amerika ati: “Ibintu mu vy’ukuri ari ubugome, bitagira ubuntu, biteye n’isoni, ni ibikorwa vy’abanyamahanga binjira mu gihugu mu buryo butemewe kandi bakoze ivyaha, bagakomeretsa canke bakica Abanyamerika b’inzirakarengane.”

    Iyo videwo ya White House yashizwe ahabona inyuma y’aho Donald Trump ashize umukono kw’itegeko ritegekanya amafaranga arenga miliyaridi 70 z’amadolari, agenewe ibisata vya reta bigiye kurwanya abimukira mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice isigaye ngo Trump arangize ikiringo ciwe.

    Iyo videwo yerekana abapolisi bambika amapingu abantu, bakaburiza amamodoka, hanyuma bakabajana mu bigo bapfungirwamwo.

    Inyuma y’aho Grande yishuriye, iyo videwo yarakuwemwo ijwi kandi n’ubutumwa uwo muririmvyi yari yanditse bwarafuswe.

    Uyu mukinyi w’ireresi ‘Wicked’ agiye ku rutonde rugenda rwaguka rw’abandi baririmvyi bagenda basaba ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika kudakoresha imiziki yabo mu kumenyekanisha imigambi ya politike ya Trump.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Real Madrid yagaruye Mourinho imuha amasezerano y’imyaka itatu

    Ikipe ya Real Madrid yemeje ko yagaruye Jose Mourinho nk’umutoza mukuru.

    Uyu munya-Portugal w’imyaka 63 yemeye amasezerano y’imyaka itatu, azatangira akazi tariki 13 z’ukwezi gutaha kwa Nyakanga.

    Real yishyuye Benfica miliyoni 15 z’ama-euro y’ikiguzi ku masezerano Mourinho bita ‘The special one’ yari agifite muri iyo kipe y’iwabo.

    Agarutse i Bernabeu nyuma y’imyaka 13 ahavuye nk’umutoza wa Real.

    Perezida w’iyi kipe Florentino Perez yari yahigiye ko azagarura Mourinho naramuka atorewe gukomeza gutegeka iyi kipe mu matora yabaye mu ntangiriro z’uku kwezi.

    Perez w’imyaka 79, ukuriye iyi kipe kuva mu 2009, yatsinze ayo matora ku majwi 65%.

    Byahise biha inzira Mourinho, wahesheje Porto na Inter Milan ibikombe bya Champions League, yo kugaruka muri Madrid yatwaye icyo gikombe inshuro 15.

    Ubwo yari muri Madrid guhera mu 2010 akahamara imyaka itatu Mourinho yatwaye igikombe cya La Liga, Copa del Rey, na Super Cup ya Espagne.

    Real Madrid igaruye Mourinho nyuma y’imyaka ibiri nta gikombe na kimwe itwara.

  12. Kabila yasabye abanyecongo “guhaguruka bose” bakarwanya guhindura itegekonshinga

    Uwahoze ari perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatangaje ko uwamusimbuye ashaka guhindura itegekonshinga kugira ngo “agume ku butegetsi butagira imbibi” maze asaba abanyecongo “guhaguruka bose” bakabirwanya.

    Mu itangazo rye ryasohowe n’ihuriro Reconstruire RDC abamo, Joseph Kabila Kabange yavuze ko bitakiri ibihuha cyangwa ibirego ko ubutegetsi bwa Félix Tshisekedi bushaka guhindura itegekonshinga.

    Yavuze ko bashaka “gushyiraho ubutegetsi butagira imbibi” kandi “butemera gusimburana muri demokarasi”.

    Kabila wategetse RDC imyaka hafi 20 hagati ya 2001 na 2019, ku gihe cye na we yahinduye itegekonshinga bituma amara imyaka ibiri y’inyongera ku butegetsi itari iteganyijwe.

    Ku gihe cye kandi ubwo abamushyigikiye bazanaga igitekerezo cyo guhindura itegekonshinga ngo yiyamamarize manda ya gatatu, byamaganwe n’abanyecongo n’amahanga maze mu 2019 manda ze ebyiri zirangiye aha ubutegetsi Tshisekedi.

    Kabila, ushinjwa na Kinshasa na Washington gukorana n’umutwe wa M23, mu itangazo rye yavuze ko yakomeje kuburira ku mitegekere mibi y’uwamusimbuye.

    Ati: “Ariko sinigeze numvwa”

    Avuga ko ubutegetsi buriho bushaka guhindura itegekonshinga “batitaye ku bibazo byashyira ku gihugu”.

    Yavuze ko ingingo ya 64 y’itegekonshinga rya Congo yemerera umunyecongo wese “kuburizamo umuntu wese cyangwa itsinda ry’abantu bategeka bahonyora itegekonshinga”

    Ati: “Si uburenganzira gusa, ni inshingano za politike.”

    Yavuze ko yamagana yivuye inyuma uko guhindura itegekonshinga kandi asaba “abanyecongo bose kujya hamwe ku bwinshi” ngo babirwanye.

    Inteko ishingamategeko ya RD Congo muri iki cyumweru yemeje umushinga w’itegeko utegura kamarampaka yo kwemeza cyangwa kwanga ivugururwa ry’itegekonshinga.

    Perezida Félix Tshisekedi avuga ko iryo tegeko rikeneye kuvugururwa kuko rifite byinshi ribuze n’ibikwiye guhindurwa ku neza y’igihugu.

    Yanemeje kandi ko abaturage nibamusaba kwiyamamariza manda ya gatatu atazabyanga.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran aregereje – Trump inyuma yo kwisubirako ku bitero

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano y’ibanze agamije kurangiza intambara na Iran yegereje, inyuma y’aho atangarije ko yahagaritse ibitero bishasha vyari bitegekanijwe kugabwa kuri ico gihugu.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bari mu biro vy’umukuru w’igihugu (Bureau ovale) ku wa kane, yagize ati: “Twarashitse ku masezerano meza cane yo guhagarika intambara na Iran.”

    N'ubwo biri uko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei, yabwiye imboneshakure ya reta ko ayo makuru yerekeye amasezerano ari “ivyiyumviro vy’ugukekeranya gusa” kandi ko “ata na kimwe kiratungana.”

    No mu bihe vyaheze, Trump yarigeze kuvuga ko Amerika na Iran vyegereje gushika ku masezerano yo guhagarika intambara.

    Amasaha make imbere y’iri tangazo, yari yavuze ko Amerika igiye gusubira gutera Iran “mu buryo bukomeye cane.”

    Ku wa 28 Ruhuhuma (2), Amerika na Israel bagavye ibitero bikomeye kandi vyagutse mu bice bitandukanye vya Iran.

    Iran mu kwivuna, yateye Israel n’ibihugu vyo mu kigobe bicuditse na Amerika, yongera irabuza canke iragabanya cane uruja n’uruza rw’amato muri Hormuz, umuhora uhambaye cane kubera ari ho haca igice kitari gito c’igitoro na gaz bikoreshwa kw’isi.

    N’ubwo muri Ndamukiza (4) bari bumvikanye ku gahengwe, Amerika na Iran bagiye barasana, aho muri iyi ndwi ho habaye ibitero bikomeye vy’ingere ku yindi. Muri ico gihe nyene, Trump yagumye avuga ko hari amahirwe menshi yo gushika ku masezerano na Iran.

    Inyuma y’iri tangazo rya vuba rya Perezida Trump, igiciro c’igitoro mfatirwako ariko kidahinguye kizwi nka ‘Brent crude’ caciye gikoroka gishika hafi ku madorari 89 ku kagunguru, aho cagabanutse ku rugero rwa 4,4 kw’ijana kuri uwo musi.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.