Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

AFC/M23 yemeye ko ubutare buca mu Rwanda ariko ivuga ko buhaca burengana

Umuvugizi wa AFC/M23, Oscar Balinda, avuga ko inzahabu na coltan bicukurwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo bica mu Rwanda ariko ko bihaca gusa biriko birajanwa ku masoko yo hanze.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe!

    Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi. Ni aho ku wa mbere

  2. Papa Leo XIV agabisha ko abantu boshobora gutakaza ubuntu bwabo kubera AI

    Papa Leo XIV yagabishije ku ngaruka z’ubwenge bw’ubukorano (AI), mu ntango y’urugendo rw’imisi ine arimwo mu Bufaransa.

    Mu majambo yashikirije abategetsi ba Kiliziya n’aba reta ku kirimba ca Élysée i Paris, Papa yagabishije ko abantu boshobora “gutakaza ubuntu bwabo kubera AIi”.

    Yabivuze inyuma y’ibiganiro vyamaze isaha imwe yagiranye na Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron.

    Papa Leo XIV yakiriwe na Macron ku kibuga c’indege ca Orly kuri uyu wa gatanu mu gitondo. Mu nyuma yari ategekanijwe guca mu mabarabara ya Paris yerekeza kuri Katedrale Notre-Dame.

    Ku mugoroba, abantu bashika 80.000 bari bitezwe guhurira na we kuri Stade de France iri mu buraruko bw’umurwa mukuru Paris.

    Igikorwa nyamukuru c’urwo rugendo ni misa Papa azohereza ku wa gatandatu kuri Place de la Concorde, bitegekanijwe ko yitabirwa n’abantu barenga igice c’umuriyoni. Altari yarahubatswe, igice kinini c’amabarabara yo hafi ya Champs-Élysées na co kirugarwa n’igipolisi.

    Macron ntazokwitaba imisa Papa azohereza, ahanini kugira yubahirize itegeko ry’Ubufaransa ritandukanya reta n’amadini. Umutambukanyi wiwe Brigitte Macron hamwe n’Umushikiranganji wa mbere Sébastien Lecornu ni bo bazoyitaba.

    Ku wa mungu, Papa azohereza iyindi misa i Lourdes, aho abantu 150.000 bamaze kwiyandikisha kugira bayitabe. Azohura kandi na bamwe mu bahuye n’ihohoterwa rishingiye ku gitsina ryakozwe n’abakozi ba Kiliziya Gatolika.

    Ku wa mbere, azogendera igisagara ca Metz, mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa, aho azotera iteka Robert Schuman, umwe mu bashizeho Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya.

    Uru rugendo rubaye mu gihe igitigiri c’Abafaransa bavuga ko ari Abagatolika cabaye munsi y’igice c’abanyagihugu. Ariko Kiliziya ivuga ko hari ibimenyetso vy’uko abantu bariko barasubira kwitaho ivy’ukwemera, aho igitigiri c’abantu bakuze babatijwe carengeye 10.000 mu 2025, kikaba carikubye incuro zirenga zibiri mu myaka itanu.

  3. Burundi : Banki Nkuru ivuga ko yibwe ama euro arenga ibihumbi 814

    Banki Nkuru y’Uburundi, BRB, yemeje ko yibwe amafaranga arenga ibihumbi 814 vy’ama euro mu mwaka wa 2024, akaza kurungikwa muri banki yo muri Pologne.

    BRB yabwiye BBC ko ubwo busuma bwakozwe hakoreshejwe ubuhinga bwo kwinjira mu buryo bwa mudasobwa ata ruhusha, buzwi nka cyberattaque.

    Ayo mafaranga angana n’ama euro 814.957, ni hafi imiriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana umunani z’amafaranga y’Uburundi.

    Inkuru yerekeye ayo mafaranga yabanje kuja ahabona inyuma y’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bwa Leta.

    Umushikirizamanza wo mu ntara ya Gdańsk muri Pologne yari yarandikiye Uburundi mu mwaka uheze asaba gufashwa mu matohoza kuri iyo dosiye.

    Mu ntango, uruhande rwa Pologne rwari rwavuze ko ayo mafaranga yari aya REGIDESO, ikigo gitanga amazi n’umuyagankuba mu Burundi.

    Ariko BRB yaje kumenyesha ubushikiranganji bw’Ubutungane ko ayo mafaranga atari aya REGIDESO, ahubwo ko yari amafaranga ya Banki Nkuru y’Uburundi.

    BRB ivuga ko ayo mafaranga atarasubizwa, kandi ko inzego zo mu Burundi no muri Pologne zikibandanya amatohoza kugira hamenyekane ingene ubwo busuma bwakozwe n’ababugizemwo uruhara.

  4. AFCON 2027: Uyu munsi Uburundi buhura na Togo, Urwanda rwakire Liberia

    Imigwi nserukiragihugu y’Uburundi n’iy’u Rwanda iratangura kuri uyu wa gatanu inkino zo mu migwi zo kurondera itike y’Igikombe ca Afrika co mu 2027.

    Intamba mu Rugamba zirahura na Togo kuri Stade de Kégué i Lomé, mu gihe Amavubi y’u Rwanda yakira Liberia kuri Stade Amahoro i Kigali.

    Inkino zompi zitangura isaha 18:00 zo mu Burundi no mu Rwanda.

    Uburundi buri mu mugwi I hamwe na Algeria, Zambia na Togo. Bwashitse muri iki cicaro inyuma yo gutsinda Tchad ibitsindo 4-0 muri buri rukino rw’intambwe ya mbere, buronka 8-0 mu nkino zibiri.

    Togo, imenyerezwa na Patrice Neveu, yahamagaye ubwa mbere Henri Koudossou, ariko Kennedy Boateng ntari mu mugwi kubera imvune. Mu bakinyi bayo bakomeye harimwo Kévin Denkey na Kodjo Fodoh Laba.

    Inyuma y’urukino rwa Togo, Uburundi buzokwakira Algeria kuri Stade Intwari i Bujumbura ku wa 29 Nyakanga (9), isaha 15:00.

    Rwanda iri mu mugwi K hamwe na Mali, Cap-Vert na Liberia. Imigwi ibiri izorangiza iri imbere muri uwo mugwi ni yo izoronka itike. Amavubi arondera gusubira mu gikombe ca Afrika, aho aheruka kigikina mu 2004. Ku wa 29 Nyakanga (9), Rwanda izoja gukina na Cap-Vert.

    Inkino zose zo kuri uyu wa gatanu

    Amasaha ni ayo mu Burundi no mu Rwanda.

    • 15:00 — Tanzania na Guinée-Bissau
    • 17:00 — Niger na Lesotho
    • 18:00 — Malawi na Sudani y’Epfo
    • 18:00 — Gambiya na Somalia
    • 18:00 — Togo n’Uburundi
    • 18:00 — Sudani na Ethiopia
    • 18:00 — Rwanda na Liberia
    • 18:00 — Nigeria na Madagascar
    • 21:00 — Maroc na Gabon
    • 21:00 — Misiri na Angola
    • 21:00 — Burkina Faso na Benin
    • 21:00 — Algeria na Zambia
    • 21:00 — Senegal na Mozambique
    • 21:00 — Mali na Cap-Vert
  5. Zelensky: Trump yemeye kuzoha Ukraine uruhusha rwo gukora misile za Patriot

    Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, avuga ko Donald Trump yamubwiye mu nama bagiranye i New York ko Amerika izoha Ukraine uruhusha rwo gukorera mu gihugu misile za Patriot zikingira ikirere.

    Trump yari yabisezeranye ubwa mbere muri Mukakaro (7), ubu hakaba haciye amezi abiri. Ariko haciye indwi nke, yarahinduye aho yari ahagaze, avuga ko Amerika “ikwiye kwiyubara cane” imbere yo kwemerera ibindi bihugu gukora izo misile.

    Zelensky yavuze ko ubu “ingingo ya nyuma kuri ico kibazo yamaze gufatwa”. Ariko ubutegetsi bwa Amerika ntiburabitangaza.

    Misile za Patriot zirahambaye cane mu gukingira ibisagara vya Ukraine misile za balistike Uburusiya bubandanya kuyirasako.

    Zelensky yavuze kandi ko Amerika yatanze iciyumviro c’uko abaserukira Ukraine n’Uburusiya mu biganiro bohura muri Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, kugira barondere uburyo bwo guhagarika intambara.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Abantu 41 bapfiriye mw’isanganya ry’ubwato mu kiyaga Tanganyika

    Abantu n’imiburiburi 41 bapfuye inyuma y’aho ubwato bari barimwo butembagariye mu kiyaga Tanganyika.

    Ubwo bwato bwari buvuye i Kigoma muri Tanzania buja i Kalemie, muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Norris Mulongoyi, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu mu ntara ya Tanganyika, yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abantu bashika 100 hamwe n’imizigo igihe bwagira isanganya hafi y’akarere ka Mapera.

    Yavuze ko abantu 49 barokowe, mu gihe ibikorwa vyo kurondera abandi bari muri ubwo bwato bibandanya.

    Icatumye ubwo bwato butembagara ntikiramenyekana.

    Amasanganya y’ubwato arakunda kuba muri DR Congo. Abahinga bavuga ko amwe muri yo aterwa n’ugutwara abantu canke imizigo birenze urugero hamwe no kubura ibikoresho vyo gukingira ubuzima, harimwo amakoti y’ubutabazi afasha umuntu kuguma hejuru y’amazi.

    Ariko gushika ubu, abategetsi ntibaravuga icoba cateye mu vyukuri iryo sanganya.

    Ikiyaga Tanganyika ni kimwe mu biyaga binini vy’amazi meza kw’isi. Ni inzira ihambaye yo gutwara abantu n’ibidandazwa ku banyagihugu ibihumbi baba mu turere tugikikuje.

    Mu mihingo myinshi yo muri DR Congo, ubwato ni bwo buryo nyamukuru bwo kwiyunguruza, kubera amabarabara ameze nabi canke ahandi ugasanga ntayariho.

  7. Ethiopia: Imihora ya internet n’iya telefone yahagaze muri Tigray

    Imihora ya internet n’iya telefone yahagaze kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Tigray, mu buraruko bwa Ethiopia, inyuma y’uko intambara isubiriye hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi ba Tigray, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribivuga.

    Iyo ni yo ntambara ikomeye kurusha izindi zabaye kuva intambara yo hagati ya 2020 na 2022 irangiye.

    Abantu bane bazi uko ibintu vyagenze, harimwo uwuserukira igihugu ciwe muri Ethiopia, babwiye Reuters ko umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray wategetse amashirahamwe Safaricom na Ethio telecom guhagarika telefone na internet muri iyo ntara.

    Umwe muri bo yavuze ko iyo ngingo ishobora kuba yafashwe kugira igisirikare ca reta ntigikoreshe umuhora wa telefone mu kurungika indege zitajamwo abadereva ku rugamba.

    TPLF ntiyishuye ibibazo Reuters yayibajije. Ariko umuntu ayegereye, atashatse ko izina ryiwe ritangazwa, yahakanye ko ari yo yahagaritse iyo mihora, avyagiriza reta ya Ethiopia.

    Abamenyeshamakuru ba Reuters bavuga ko guhamagara n’ubutumwa barungikiye abakoresha Ethio telecom bitashitse. Abakoresha Safaricom na bo baronka umuhora mu bice bimwe bimwe.

    NetBlocks, ishirahamwe rikurikirana uko internet ikora kw’isi, ryemeje ko umuhora wahungabanye muri Tigray.

    Abanyagihugu bavuga ko Ethio telecom yahagaze ku wa kane mw’ijoro, bituma badashobora kurungika no kwakira amafaranga kuri telefone.

    Ibi vyateye ubwoba ko Tigray yosubira mu bihe yabayemwo mu ntambara ya 2020-2022, igihe imihora yo guhanahana amakuru yahagarikwa, ibifungurwa, amafaranga n’imiti bikabura. Iyo ntambara yahitanye abantu ibihumbi amajana.

    Inrwano y’iyi ndwi yatumye abantu birukira kugura ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa no gukura amafaranga muri banki.

    Abarwanyi ba Tigray n’ababafasha barigaruriye ibibuga vy’indege bitatu, bongera bagaba ibitero ku gisirikare ca reta muri Afar na Amhara. Bavuga ko bariko barirwanira ku bitero vya reta y’umushikiranganji wa mbere mbere Abiy Ahmed.

    ONU n’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya basavye impande zose kwirinda ivyunyura ibintu no gusubira mu biganiro vy’amahoro vyahagarikiwe n’ubumwe bwa Africa.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Trump na Xi babwiranye neza ku ifunguro rya nijoro ariko nta ntambwe nini bateye ku bibazo byihutirwa

    Perezida w’Amerika Donald Trump na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping babwiranye amagambo meza ubwo basangiraga ifunguro rihebuje rya nijoro ryo ku rwego rwa leta mu biro bya White House ariko nta kimenyetso bagaragaje cy’intambwe yatewe ku bibazo byihutirwa.

    Xi yashimangiye ko ubwenge buhangano (AI) bukwiye gukomeza “kugenzurwa n’abantu” ndetse ibihugu byombi bigakora “nk’ibihugu bikomeye bishyira mu gaciro”, mu gihe Trump yashimagije ejo hazaza harangwa n'"ubwumvikane, amahoro no kugera ku ntego" ku bihugu byombi.

    Ariko haracyari ubushyamirane nubwo habayeho iyo mvugo iryohereye yo muri dipolomasi, harimo ku ngingo irebana na Taiwan – mbere yaho ku wa kane, Xi yashishikarije Trump kujya mu “mwanya nyawo” ku bijyanye n'icyo kirwa cyitegeka Ubushinwa bufata nk’icyabwo, mu gihe hari intwaro nyinshi zigenewe icyo kirwa Trump yabaye aretse kugiha.

    Abakuru b’ibigo by’ubucuruzi batunze za miliyari z’amadolari, abategetsi bo muri leta y’Amerika n’abakuru ba kompanyi z’ikoranabuhanga zo muri Amerika, ni bamwe mu batumiwe kuri iryo funguro rya nijoro. Ariko kuhagera kwabo kwajemo kidobya, ubwo abigaragambyaga bavugaga mu ijwi ryo hejuru bari hanze, bamwe muri bo batawe muri yombi.

    Ubwo yavugaga ijambo mu ijoro ryo ku wa kane, Trump yashimiye Xi kuba yakoze urugendo rurerure rwo kujya muri Amerika, anavuga ko umubano hagati yabo ukomeye.

    Trump yagize ati: “Nta rimwe twigeze tubana neza cyane kurusha ubu.”

    Yashimagije amateka y’igihe kirekire y’umubano w’Amerika n’Ubushinwa.

    Cyo kimwe n’aya Trump, amagambo ya Xi na yo yari arimo gushimagiza kwinshi, yibanda ku mubano ushingiye ku muco no gusangira amateka hagati y’Amerika n’Ubushinwa.

    Yavuze ko umubano hagati y’ibihugu byombi “wavuye mu maraso no mu muriro” mu gihe cyo kurwana n’Ubuyapani mu ntambara ya kabiri y’isi – Amerika n'Ubushinwa byari biri ku ruhande rumwe rwa Les Alliés, nyuma uza kwiyongera mu gihe cy’ubutegetsi bwa Perezida w'Amerika Richard Nixon.

    Ahagana ku musozo w’ijambo rye, Xi yavuze ko intego z’Amerika n’iz’Ubushinwa zishobora “gushimangirana”. Yashishikarije impande zombi kwiga ku “buryo bushya bw’ukuntu ibihugu bikomeye byabana neza”.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Netanyahu yashyigikiye igikorwa cya gisirikare cya Israel mu gihe intumwa zasohotse mbere y'ijambo rye muri ONU

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yashyigikiye bikomeye ibikorwa by’igisirikare cy’igihugu cye muri Iran, Gaza n’ahandi mu Burasirazuba bwo Hagati, mu ijambo ryo ku wa kane yagejeje ku nteko rusange y’Umuryango w’Abibumbye (ONU).

    Nyuma yuko intumwa zihagarariye ibihugu zibarirwa muri za mirongo zisohotse mu kwigaragambya mbere yuko avuga iryo jambo, Netanyahu yasezeranyije gukomeza kurwana, agira ati: “Tugiye gutsinda. Nta yandi mahitamo dufite.”

    Mu gusubiza kuri abo basohotse mbere yuko avuga ijambo, yagize ati: “Niba hari ibindi bigwari mu myifatire bitarasohoka mu cyumba, nyabuneka nibibikore ubu.”

    Netanyahu yahakanye ibirego byuko Israel irimo gukora jenoside muri Gaza.

    Amasaha mbere yaho, mu butumwa bwari bwafashwe amajwi mbere, Perezida wa Palestine Mahmoud Abbas yabwiye ONU ko ibikorwa bya Israel – by’umwihariko kwagura mu buryo bunyuranyije n’amategeko kw’aho Abayahudi batuye mu gace bigaruriye ka West Bank (Cisjordanie) – biteje inkeke ku “buzima ubwabwo n’ukubaho kw’Abanye-Palestine ku butaka bwabo”.

    Yanavuze ko ibyo bishyira mu kaga igisubizo giteganya ko habaho leta ebyiri, uwo muvuno ukaba ari wo ushyigikiwe n’amahanga nk’uburyo bwo gutuma habaho amahoro hagati ya Israel n’Abanye-Palestine.

    Abbas yavuze ko Abanye-Palestine barimo “kwicwa, gusenyerwa, kwicishwa inzara no gushyirwaho amagerageza yo kubakura mu byabo, hamwe n’intambara ya jenoside” muri Gaza bikozwe n’ingabo za Israel.

    Uwo mutegetsi wa Palestine yagejeje ijambo kuri iyo nama ngarukamwaka akoresheje uburyo bw’iyakure bwa videwo kuko Amerika yamwimye uruhushya (viza) rwo kwinjira muri icyo gihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Abantu babarirwa mu bihumbi amagana bitezwe i Paris mu ruzinduko rwa Papa Leo

    Papa Leo XIV aratangira uruzinduko rw’iminsi ine mu Bufaransa kuri uyu wa gatanu, igice cy’ingenzi cyarwo kikaba ari misa nini cyane yitabirwa n’abantu barenga 500,000 rwagati mu murwa mukuru Paris.

    Ku bwa misa yo ku wa gatandatu nyuma ya saa sita z’amanywa, hubatswe alitari mu gace kitwa Place de la Concorde k’i Paris ndetse ahantu hagari hakikije agace k’umuhanda wa Champs-Élysées hafunzwe na polisi.

    Abanyagatolika bagera ku 600,000 bitezwe kwirunda muri uwo muhanda kugeza ku nyubako ya Arc de Triomphe no hirya yaho.

    Imbaga z’abantu benshi na zo zitezwe guteranira mu bindi bice by’urugendo rwa Papa, ibyo bikaba bigaragaza umwete Kiliziya Gatolika ivuga ko ushingiye ku nyota mu bya roho irimo kwiyongera mu Bafaransa no mu bandi Banyaburayi.

    Mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu, Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron araza gusuhuza Papa ku kibuga cy’indege cya Orly kiri i Paris, nuko nyuma agirane ibiganiro na we mu ngoro ya Élysée, ku bibazo byo muri politike mpuzamahanga hamwe no ku bwenge buhangano (AI). Azanavuga ijambo ari kumwe na Papa i Metz, mu majyaruguru ashyira uburasirazuba bw'Ubufaransa.

    Ariko Perezida Macron ntazajya mu misa n’imwe mu zo Papa azasoma, ahanini kubera kwirinda kurenga ku ihame ry’Ubufaransa ryo gutandukanya nta kujenjeka ibya leta n’iby’iyobokamana.

    Ahubwo mu mwanya we, umugore we Brigitte na Minisitiri w’intebe Sébastien Lecornu ni bo bajya mu misa ibera mu gace ka Champs-Élysées.

    Abakandida benshi bo mu matora ya perezida yo mu mwaka utaha na bo bitezwe kujya muri iyo misa, barimo Marine Le Pen wo mu murongo wa politike w’ibitekerezo byo gukomera ku bya kera ushyira imbere Ubufaransa n'ibyabwo, abo mu murongo w’ibitekerezo byo hagati ari bo Edouard Philippe na Gabriel Attal, na Bruno Retailleau na we wo mu murongo wo gukomera ku bya kera.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. AFC/M23 yemeye ko ubutare buca mu Rwanda ariko ivuga ko buhaca burengana

    Umuvugizi w'umuhari wa AFC/M23, Oscar Balinda, avuga ko inzahabu na coltan bicukurwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo bica mu Rwanda ariko ko bihaca gusa biriko birajanwa ku masoko yo hanze.

    Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango ku wa kane, Balinda yavuze ko u Rwanda ari inzira isanzwe ikoreshwa mu gushikana ubwo butare ku babugura hanze ya Afrika.

    Yavuze ko n’ibidandazwa vyinjira i Goma ahanini bica mu Rwanda. Ku bwiwe, n’ibisohoka muri ico gisagara bica muri iyo nzira, bikabandanya bija ku bivuko vya Dar es Salaam muri Tanzania canke Mombasa muri Kenya.

    Balinda yariko yishura icegeranyo Amnesty International yashize ahabona ku munsi wa mbere italiki 21 Nyakanga (9). Ico cegeranyo cagiriza abarwanyi ba M23 – bavugwa mu vyegeranyo vyinshi ko bafashwa n’u Rwanda ariko rwo rukabihakana – guhohotera abacukuzi b’ubutare no kujana inzahabu na coltan mu Rwanda mu buryo bwa magendu.

    Yavuze ko ico cegeranyo ari co kimwe n’ibindi bisohorwa n’amashirahamwe Balinda yavuze ko ahembwa na reta y’i Kinshasa kugira acafuze izina rya AFC/M23. Nta cemezo yatanze kuri ivyo yavuze.

    BBC Gahuzamiryango yarondeye reta ya Kinshasa, ariko ntaco barabivugako.

    Balinda yavuze ko AFC/M23 yiteguriye kwakira abahinga bipfuza kuja i Goma no mu turere turimwo ibirombwe kwirabira uko ibintu vyifashe.

    Yagize ati: “Ntushobora kuba i New York ngo umenye ibibera i Rubaya.”

    Mu cegeranyo cayo, Amnesty ivuga ko yatohoje ihohoterwa rikorerwa abacukuzi bato bato ku birombe vya coltan vya Rubaya, muri Kivu ya Ruguru, no ku birombe vy’inzahabu vya Lomera, muri Kivu y’Epfo.

    Iryo shirahamwe rivuga ko ryabajije abantu 26, barimwo abacukuzi, abahinga mu vy’ubutare, abafise ibirombwe hamwe n’abo mu miryango y’abishwe. Rivuga kandi ko ryasuzumye amafoto n’amashusho yafatiwe kuri ivyo birombwe.

    Igihe ico cegeranyo cashirwa ahabona, Amnesty yavuze ko AFC/M23 batari bishuye ibibazo yari yababajije mu gukora ico cegeranyo. AFC/M23 yo irahakana ko Amnesty itigeze ibarondera.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.