Trump yamirira kure ivy'uko Amerika ibirwanisho vyayiheranye, kandi ko abavuga ibi bariko barahigwa

    • Umwanditsi, Kayla Epstein
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann
    • Yakoze inkuru ari, Washington, DC
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Donald Trump yamirira kure amakuru avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu bukene bw'amasasu n'ibindi birwanisho, akaba arahira akarengwa ko abantu bakekwa ko basohora amakuru y'ibanga bazohanwa bikomeye.

Mu butumwa yashize ku mbuga nyagiro ku wa kane, Trump yagize ati: "Amerika ifise ibirwanisho n'amasasu menshi cane, cane cane ubwoko bumwebumwe. Vyongeye, ibindi vyinshi biriko birahingurwa mu nganda kandi bikarungikwa igihe cose bikenewe".

Trump hamwe n'Ubushikiranganji bwo Kwivuna Abansi (Pentagon) bahanzwe n'ibibazo vyinshi ku bijanye n'ingene ububiko bw'ibirwanisho bwifashe ubu, mu gihe intambara ubu iri mu kwezi kwa gatandatu kandi amasezerano y'amahoro akaba ari kure nk'ukwezi.

Mu kwishura kuri aya makuru, Irani yoyo ivuga ko ibirwanisho yihingurira bituma ishobora guhangana "n'akaga ako ari ko kose".

Umushikiranganji wo kwi¬vuna abansi wa Irani, Majid Ibn-e-Reza, yanditse ku rubuga rwa X ati: "Ku musi ku musi, ibimenyetso vyerekana ko ubushobozi bw'umwansi buriko buragabanuka bibandanya vyigaragaza. Ariko ingabo zacu, zishigikiwe n'inganda z'igihugu zihingura ibirwanisho, ziriteguye neza guhangana n'akaga ako ari ko kose.

"Abagerageza kurondera umutekano n'ububasha bwa gisirikare biciye mu kugura ibirwanisho hanze bagiye kubona bidatevye ko ubuhinga bwa Irani buhingirirwa mu gihugu buruta uburyo ubwo ari bwo bwose muri kano karere".

Inyuma y'uko Amerika ikoresheje ku rugero runini ibirwanisho bigoye guhingura no gusubiriza, mu gitero ciswe Operation Epic Fury hamwe no mu bitero vyakurikiye hagati yayo na Irani, ubutegetsi bwa Trump bubandanya bugerageza kwemeza Abanyamerika ko ububiko bw'igihugu bw'ibisasu vya misire bukiri ku rwego rwo hejuru.

Ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika, catangaje ko Amerika yamaze gukoresha igice kinini c'ububiko bwayo buri kw'isi yose bw'ibisasu vya misire biraswa kure kandi ntahusha, kigasubiramwo amasoko abiri azi neza ivy'ico kibazo ariko atashatse kumenyekana.

Muri ico gihe nyene, ikinyamakuru Washington Post catangaje ku mugoroba wo ku wa gatatu ko Trump yahanganye n'umushikiranganji w'ukwi¬vuna abansi Pete Hegseth mu ndwi iheze ku bijanye n'uko ibirwanisho bishobora kuba biriko birakena, na co nyene kigasubiramwo amasoko atavuzwe amazina. BBC nityashoboye kwemeza ayo makuru.

Mu butumwa yashize kuri Truth Social, Trump yavuze ati: "Abasohora aya makuru y'ubuhemu bariko barahigwa buhongo. Tuzobasabira umunyororo w'igihe kirekire".

Mu bundi butumwa yashize ahabona avuga ku nkuru ya Washington Post, yagize ati: "Ndemera vy'ukuri ko iyo nkuru 'y'ikinyoma' ari uguhemukira igihugu!"

Yongeyeko ati: "Ndahimbarwa cane n'igikorwa Pete Hegseth ariko arakora".

Amakuru nyayo yerekeye ububiko bwa misire za Amerika aracari ibanga rya gisirikare. Kuva aho Hegseth atanguriye amabanga y'umushikiranganji, yarondeye gushiraho amategeko ruhasha agabanya amakuru abanyamakuru bashobora kuronka muri Pentagon.

Cisunze amakuru ari ahabona, ikigo Center for Strategic and International Studies (CSIS), gikora ubushakashatsi ku bijanye n'umutekano, cerekanye ko gushika mu mpera za Mukakaro (7), Amerika yari isigaranye ibisasu vya misire zo mu bwoko bwa Patriot biri hagati ya 759 na 827, hafi ica gatatu c'ivyari bihari imbere y'uko intambara itangura vyangana na 2.330.

Kivuga kandi ko Amerika imaze gukoresha hafi ibice 60 kw'ijana vy'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa THAAD, bikoreshwa mu gutangira no gusambura ibindi bisasu vya misire, nk'uko bivugwa na Mark Cancian, umukukuruke w'umukoroneli mu ngabo zirwanira mu mazi, akaba kandi n'umuhanuzi mukuru muri CSIS.

Uretse intambara iyihuza na Irani, Amerika iriko isabwa ibirwanisho vyayo mu zindi ntambara, ibi bigashobora gushira ahatemba ububiko bwayo.

Kuva Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine mu 2022, Amerika yahaye Ukraine ibisasu vyinshi vya misire za Patriot, ariko Cancian yiteze ko Pentagon ishobora kuzovyimana uko ububiko bugenda bugabanuka.

Mu nama y'abashikiranganji yabaye ku wa gatanu, Trump yabwiye abanyamakuru ko kwemera ubusabe bwa vuba bwa Ukraine bwo kuronswa ibindi bisasu vya Patriot vyoba ari "intambwe ikomeye", ariko ko ico kibazo kikiriko kiraganirwako hagati y'ibihugu vyompi.

Ibirwanisho vya none bisaba intambwe nyinshi kandi igihe kirekire kugira ngo bishike mu bubiko bw'ingabo. Bisaba kubanza gutegura amafaranga yo kubihingura, guha amasoko amakompanyi abihingura, kubihingura mu nganda no kubishikana aho bikenewe. Ni co gituma iyo bimaze gukoreshwa mu ntambara, bitoroha kubisubiriza vuba.

Naho biri uko, ubutegetsi bwa Trump bubandanya bwemeza ko Amerika ifise ibirwanisho bihagije mu bubiko bwayo.

Mu kwezi guheze, Trump yabwiye ikinyamakuru Wall Street Journal ati: "Dufise ibirwanisho vyinshi kurusha igihugu ico ari co cose kw'isi, kandi vyinshi kurusha ivyo dukeneye".

Ku ruhande rwiwe, Pete Hegseth yavuze mu kiganiro yahaye CBS ku wa 14 Ruheshi (6) ko amakuru avuga ko Amerika ifise ubukene bw'ibigwanisho ari "irementanya".

Ariko kandi, ubutegetsi bwa Amerika bwarerekanye ko buriko burahingura ibirwanisho bishasha ku muvuduko, aho Hegseth yavuze ko igihugu kiriko kirakora vyihuta kugira ngo gihingure ibindi birwanisho.

Mu kwezi guheze, yasavye inama nkenguzamateka ya Amerika amafaranga yihutirwa angana na miriyari 87 z'amadolari y'Abanyamerika kugira yishure abasirikare no "kwihutisha gusubiriza ibikoresho n'ibirwanisho n'amasasu vyakoreshejwe".