Ubushinwa bwemeje ko buzogura Boeing 200 inyuma y'urugendo rwa Trump
Ubushinwa bwemeje ko buzogura indege 200 zo mu bwoko bwa Boeing inyuma y’aho Perezida wa Amerika Donald Trump ahuriye na Perezida Xi Jinping i Beijing mu ndwi iheze.
Mw’itangazo ryo kuri uwu wa gatatu, ubushikiranganji bw’ubudandaji bw’Ubushinwa bwamenyesheje ko mu masezerano ibihugu vyompi vyagiraniye, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zizofasha Ubushinwa kuronka ivyuma (ibice n’ibikoresho) nkenerwa bikoreshwa ku moteri z’indege.
Impande zompi kandi zizokora ziganisha ku kongereza ikiringo c’agahengwe k’amatagisi ku bicuruzwa vy'Amerika vyinjira mu Bushinwa no ku vy'Ubushinwa vyinjra muri Amerika, zumvikanyeko mu kwezi kwa cumi guheze.
Vyongeye, ibihugu vyompi bizorondera kugabanya ayo matagisi ku bicuruzwa bifise agaciro ka miliyaridi 30 z’amadolari y’Abanyamerika canke karenga, kuri buri ruhande.
Iryo tangazo ryashizwe ahabona mu gihe Xi yariko araganira na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, umubonano ubaye inyuma y’imisi mike Donald Trump agendeye Ubushinwa.
Urugendo rwa Trump mu Bushinwa rwatumye haba ukwiyemeza kw’ivyo bihugu rutura kuguriranira ibidandazwa bitandukanye.
Mu vyumvikanyweko, harimwo ko Ubushinwa buzogura indege zo mu bwoko bwa Boeing n’uko Amerika izokwongereza uburyo aborozi n’abarimyi b’Abanyamerika bashobora gushorera ibidandazwa vyabo kw’isoko ry’Ubushinwa.
Izindi nkuru wosoma: