Inyakamwe kandi bazerutse, abana b'Abashinwa barondera ababagirira igishika ku 'bavyeyi bo ku mbuga hwaniro'

    • Umwanditsi, Eunice Yang
    • Igikorwa, BBC Igisata c'Igishinwa
    • Yakoze inkuru ari, Hong Kong
  • Igihe co gusoma: iminota 7

Nk'abandi benshi bakiri bato, Vincent Zhang yama ari kw'iterefone mu gihe co gufungura - ariko ivyo akunda kuraba biva ku mugore n'umugabo b'imyaka yo hagati na hagati yita ''abavyeyi [biwe] bo ku mbuga hwaniro''.

Abakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro Vincent akunda kuraba kuri Douyin, TikTok yo mu Bushinwa, ni Pan Hugian na Zhang Xiuping. Ama video yabo ashimikira ku buzima bwabo bw'umuryango bwerekanwa uko busanzwe ariko burimwo urukundo, uwo mugore n'uwo mugabo rimwe na rimwe bakaba bavugisha ababaraba nk'uko boba ari abana babo. Mu myaka idashika itatu, konte yabo yungutse abayikurikira barenga miriyoni imwe n'ibihumbi amajana umunani(1.800.000).

Muri imwe mu ma video yakunzwe cane, Pan na Zhang bavuga ngo: ''Ni inde akuze kurusha abandi mu muryango? Ufise uburuhe bw'akazi no kwiga amasaha agiye? Ntuvyihatireko cane. Mama na papa barazi ko umaze gukora vyinshi.''

''Abavyeyi nta na rimwe ari bo bambwira ko ntokwivuna cane canke ko maze gukora bishimishije,'' niko Vincent avuga. ''Ariko abavyeyi bo ku mbuga hwaniro bo barambaza niba nezerewe uwo munsi.''

''Abavyeyi bo ku mbuga hwaniro'' batanguye kuba amajambo avugwa cane kuri internet y'Ubushinwa mu 2024, none kuva ico gihe abakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro barenga 10 nka Pan na Zhan baramaze kuronka ababakurikira benshi cane.

Ivyo vyashize ahagaragara ingene haguma hiyongera muri benshi mu bakiri bato mu Bushinwa - Gen Z na millennials - ni ukuvuga abavutse hagati ya 1997 na 2012 no hagati ya 1981 na 1996 - ukudashimishwa uko ubuzima busanzwe butunganijwe mu miryango kuva kera, aho kugira ivyo utegerezwa gukora no kwubaha biza imbere y'igishika.

Kuri app (application) yo ku mbuga hwaniro yitwa Red Note, hashtag (#) ''Abavyeyi b'Abashinwa (Chinese Parents)'' imaze kurabwa incuro zirenga miriyoni 500, n'incuro zirenga miriyoni n'ibihumbi 200 z'abagize ico bayivugako.

Benshi barababajwe kandi n'uko abavyeyi babo badatahura ingorane zo kubaho mu butunzi bwagabanuye umurindi wo kwiyongera n'umutwaro wo kwuzuza ivyo abavyeyi baba biteze ku mwana umwe rudende wabo - nk'ingaruka ya poritike y'Ubushinwa yo kuvyara umwana umwe hagati ya 1979 na 2015.

Vincent ubu yarateye imbere, ubu akorera i Shanghai mu bijanye no gutunganya imbuga hwaniro. N'ubwo akora amasaha menshi cane mu kizwi nka 996 - aho abakozi bo mu buhinga bwa none biba vyitezwe ko bategerezwa gukora kuva 09:00 (isaha zitatu z'igitondo) gushika 09:00pm (isaha zitatu z'ijoro) iminsi itandatu (6) ku ndwi - no kuvugana n'abavyeyi rimwe ku ndwi asanga bimutera bimuruhisha.

Akenshi baranegura akazi yahisemwo gukora, nk'uko avuga, kuko bibaza ko akazi ka reta kogira amaragamo gusumba. Canke bakamubaza ryari azobazanira umukobwa bakundana.

Vincent yumva atari wenyene iyo ariko aravugana n'abandi mu gace ko kugira ico ushikirije ku rubuga rwa Pan na Zhang. Co kimwe na Vincent, benshi bandikira uwo mugabo n'umugore babita Mum na Dad (Mama na Papa). Ubutumwa bwabo akenshi buba bwerekeye ubuzima bwabo bwa minsi yose, rimwe na rimwe bagasaba n'imihezagiro y'isabukuru y'amavuko.

Ariko bumwe mu butumwa burateye umutima uhagaze cane. Hamwe, umukobwa yitwa Dian Dian yabwiye Pan ko atari agishaka kubaho, ko yari arwaye agahinda kandi ko yiyumvira kwiyahura kubera ivyo.

''Nagumye ndamuvugisha mu kiringo c'amasaha abiri, ariko inyuma y'iminota 40 ntiyari bwishure,'' niko Pan yavuze mu kiganiro yatanze mu 2024 kuri Douyin, yongerako ko atari azi ivyashikiye uwo mukobwa.

Haheze indwi, yahamagawe kuri terefone na Dian Dian, amubwira ko ubu yumva amerewe neza gusumba: ''Numvise ko nakoze ikintu c'akamaro nca mara umwanya munini numva nishimye.''

Pan aratahura ububabare bushobora kuzanwa n'umuryango utitaho mu gihe na we nyene atagize ibihe vyiza mu bwana.

Yakuriye muri yaodong, inzu yo mu kuzimu yubatswe mu buryo bwa kera, mu ntara y'uburaruko ya Shaanxi.

Ku myaka 14, yavuye i muhira aja gukora akazi ko gutunga umuryango inyuma y'aho nyina acikiye ikimuga. ''Namaze imyaka 33 naravuye i muhira, kandi abavyeyi banje nta jambo na rimwe bigeze bavuga ryo kuntera intege,'' niko yavuze muri ico kiganiro kuri Douyin.

Pan yari yiyemeje gushinga ubundi buryo bwo kwiyumva mu muryango inyuma y'aho umwana wabo w'umukobwa avukiye. Bitandukanye n'imiryango y'Abashinwa isanzwe, Pan na Zhang bama babwira Jiangu ko bamukunda.

Jiangu yarateye intege abavyeyi biwe ngo bakore utu video duto duto, gushika aho baba abantu basigara bakora buri igihe ibihanahanwa ku mbuga hwaniro inyuma y'aho imirimo ya Pan yugariye mu 2024. Pan nta migambi miremire afitiye konte yiwe, n'ubwo ashobora kubikuramwo inyungu nini mu kugurisha ivyo atunganya abicishize mu kubisangiza abandi ikibiriraho.

''Nizeye ko nshobora gukora gito nshoboye kugira bumve ko baronse igishika c'urukundo rwa se'', niko avuga.

'Amayagwa y'isupu y'umuhiti'

Hamwe n'ibihanahanwa ku vyerekeye abavyeyi bo ku mbuga hwaniro, hari ibindi vyarabwe cane mu mezi aheze: amayagwa yo kunegura biciye mu gutwenza canke gukoresha indenzarugero yiswe ''amayagwa y'isupu y'umuhiti''. Vyandurutse ku gakino k'umunota umwe aho umwana w'umuhungu yanka mu rupfasoni igikombe c'isupu ahawe na nyina, ariko amaherezo agatukwa ko atagira urupfasoni.

Benshi mu bakiri bato baja ku mbuga hwaniro bavuga ko kerekana ukutayaga bahuza kuranga imiryango y'Abashinwa, na cane cane iyo abavyeyi birengagije ivyifuzo vy'abana babo bavuga ko ari ku neza yabo.

Zhazo y'imyaka 28 ni umwe muri abo.

Uwo mukobwa ubu yaramaze kunumvya umugwi umuryango wayagiramwo kuko abavyeyi biwe ari gake cane berekana ko bamwitayeho - naho iyo baramutse bamuvugishije, ni co kimwe n'ibivugwa mu ''mayagwa y'isupu y'umuhiti'', nk'uko avuga.

Yibaza kandi ko abavyeyi biwe biyumvamwo kuruta musazawe w'imyaka 15. Mu mico ya kera y'Abashinwa, abahungu ni bo bonyene bafatwa nk'abatwara ubwoko bw'umuryango.

Zhao avuga ko nyina agenzura buri kantu kose ko mu buzima bwiwe. Amaze guheza amashure, yaciye aronka akazi k'umwanya wose mu Bufaransa, ariko nyina yaciye amubwira kugaheba ngo agaruke mu Bushinwa.

''Imbere y'uko ngaruka, mama yaguma ambarira ko azonyitaho. Numva binshitse,'' niko avuga. ''Ariko mu vy'ukuri, yashaka ko ngaruka kugira niteho musazanje...

''Amfata uko yamfata nkiriko ndakura. Ariko kuri musazanje ni umuvyeyi w'akarorero.''

Muri kahise, Zhao yararira iyo ariko arayaga n'abagenzi hanyuma akagerageza gutahura inyifato y'abavyeyi biwe. Ariko ubu asigaye yirabira udushushanyo twigana n'ama video yo gukebura canke kunegura mu binanka. Abandi bigendera uko nyene batumye abona ko ivyo abayemwo atari we wenyene, kandi ko ashobora kwitwara mu bibazo vy'umuryango abicishije mu gutebura.

Ihahamuka rya poritike

Guo Ting, wo kuri Kaminuza ya Toronto muri Canada, avuga ko yumvira impuhwe abavyeyi bo mu Bushinwa kuko abona imvo nyinshi zijanye na kahise zisigura igituma baba biteze vyinshi ku bana babo hamwe n'ingene bibagora kwereka igishika abana babo.

Amarangamutima y'umuntu ku giti ciwe nta kibanza yari afise mu buzima bw'igihugu igihe abavyeyi b'ubu bariko barakura, nk'uko avuga.

Mu gihe c'impinduka z'imico - imyaka cumi y'intureka n'uruhagarara kuva mu 1966 gushika mu 1976 - urukundo rwari urwo kwereka igihugu gusa canke indongozi yaco ico gihe, Mao Zedong.

Umutekano muke n'umwitwarariko w'abavyeyi b'ubu bishobora gusigurwa ''n'inkuruma n'ubukene bigeze gucamwo, hamwe n'ibihe vya ''haramuka uwubishoboye bategerezwa gucamwo'', niko yongerako.

Bimwe mu binyamakuru vya reta vyaragerageje guhindukiza ivyo biyago vyo ku mbuga hwaniro kugira babirabishe ku nyifato ya kera yo kwubaha/gusonera abavyeyi n'aba kera, bahimiriza abakiri bato gutahura gusumba abavyeyi babo.

Ariko uwo mukenyuro usa n'uwudakora, nk'akarorero ufatiye kuri Vincent: ''Ndatahura ingorane z'abavyeyi banje, ariko nanje ndafise ivyampahamuye,'' niko avuga.

Bamwe mu bavyeyi bo ku mbuga hwaniro barumvikanye n'amakompanyi ingene bokura amafaranga mu vyo batunganya bihanahanwa ku mbuga hwaniro, ariko Vincent avuga ko n'ubu aguma ashaka kuraba ama video yabo.

''Ibi ni vyo bimpa agasusuruko konyene nshobora kuronka mu buzima,'' niko avuga. ''Kandi ivyo biruta ubusa.''

Inkuru yatunganijwe na Grace Tsoi hamwe na Alexandra Fouché

Isanamu yo hejuru ni iya Andro Saini wa East Asia Visual Journalism