Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Imigumuko mu Bufaransa: Perezida Macron asaba ‘ituze’ inyuma y’intureka zirangwa mu gihugu cose

Mu mpera z'indwi iheze, ibintu ntivyari vyoroshe muri iyi myiyerekano yatanguye mu kwezi guheze ari iy’abanyeshure, mu nyuma amashirahamwe y’abakozi hamwe n’iyindi mirwi iterekwa ubutegetsi bagahava bifatanije nabo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri aya makuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone muri gahunda nk'iyi.

  2. Trump yavuze ko gusubika ibihano ku Burusiya ari ukugira ngo ibiganiro by'amahoro bikomeze

    Perezida w'Amerika Donald Trump yavuze ko umwanzuro we wo guhagarika ibihano bitandukanye ku Burusiya biri mu muhate wo mu kugumisha Moscow ku meza y’ibiganiro.

    Trump yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa Truth Social ati: "Ndi mu nzira y’ibiganiro by’amahoro mu ntambara iri hagati ya Ukraine n’Uburusiya." Yongeyeho ko adashaka kugira icyo akora kizasaza Uburusiya kigatuma bujya kure y’ameza y’ibiganiro.

    Trump yahagaritse ibihano byinshi ku Burusiya mu ijoro ryo ku wa gatanu, iminsi ibiri mbere yuko bishyirwa mu ngiro, mu gihe amakimbirane hagati ye na Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yiyongereye.

    Ku cyumweru, Zelensky yabwiye igitangazamakuru NBC News cyo muri Amerika ko kwifatanya na Perezida Vladimir Putin byaba “ikosa ryanditse amateka”.

    Intumwa y’Uburusiya Kirill Dmitriev yasubije ku itegeko rya Trump avuga ko ari "igihe cy’ingenzi kandi cya nyacyo cyanditse amateka”. Yavuze ko ibihano byatowe n’inteko ishingamategeko y'Amerika bigasinywaho na Perezida w'Amerika muri Nzeri (9), byari guteza “iyangirika rikomeye” kuri Amerika n’isi yose.

    Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Amerika Marco Rubio yasobanuye ihagarikwa ry’ibi bihano ko ari agahenge k’iminsi 60, aho ingaruka bishobora kugira ku bukungu bw'Amerika n’isi zizasesengurwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Abatuye mu ntara ya Alberta bagiye mu matora yo gufata icyemezo niba batora ku kwitandukanya na Canada

    Abaturage bo mu ntara ya Alberta, mu burengerazuba bwa Canada, bagiye mu matora kuri uyu wa mbere yo gufata icyemezo niba bazakora kamarampaka (referendum) ku itariki iri imbere ku kwitandukanya na Canada.

    Ayo matora yahamagajwe mu ntangiriro y’uyu mwaka n’umutegetsi w’iyo ntara, Danielle Smith, nyuma yuko itsinda ryo ku rwego rw’ibanze rikusanyije imikono igera hafi ku 300,000 ku busabe bwo gukora amatora ya kamarampaka ku kwitadukanya na Canada.

    Benshi mu basaba kwitandukanya bavuga ko iterambere ry’ubukungu bw’iyo ntara ikize ku bikomoka kuri peteroli ryadindijwe na gahunda zo kubungabunga ibidukikije z’ubutegetsi bukuru bwa leta ya Canada bukorera mu murwa mukuru Ottawa.

    Ariko abashaka ko Alberta iguma kuba muri Canada – barimo Minisitiri w’intebe Mark Carney – basabye ko igihugu kigaragaza kugira ubumwe mu gihe cyugarijwe n’igitutu cyo mu mahanga.

    Amakusanyabitekerezo yumvikanisha ko benshi mu baturage b’intara ya Alberta bazatora kuguma muri Canada, nubwo impaka zabaye mbere y’amatora zo ubwazo zagaragaye ko zaciyemo abantu ibice.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. RD Congo: Ebola yageze mu ntara ya munani ya Nord-Ubangi

    Inzego z’ubuzima muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, zemeje ko intara ya Ubangi y'amajyaruguru (Nord-Ubangi), ihana imbibi na Centrafrique, yabaye iya munani icyorezo cya Ebola cyagezemo.

    Raporo nshya kuri iki cyorezo yasohotse ku itariki ya 18 y’uku kwezi kw'Ukwakira (10) igaragaza ko iki cyorezo cyageze mu karere k'ubuzima ka Wapinda muri Nord-Ubangi, ubu uturere tw'ubuzima 66 ni two Ebola imaze kugeramo mu ntara umunani.

    Iki cyorezo cyatangajwe bwa mbere ku itariki ya 15 Gicurasi (5) uyu mwaka. Abemejwe ko banduye bose hamwe bamaze kugera ku 9,455 naho abapfuye ni 4,561, bivuze ko iyi Ebola yica ku gipimo cya 48.2%.

    Nubwo Ebola irimo gukwira mu turere dushya, hari ibimenyetso bitanga icyizere by'abarwayi bakize. Umubare w’abarwayi bose hamwe bakize warenze 2500 ugera ku 2530, nyuma yo gusezererwa mu bitaro guherutse kuba mu ntara za Ituri na Kivu ya Ruguru.

    Abarwayi 925 baracyari mu kato cyangwa mu bitaro, mu gihe amatsinda y'abakozi bo mu rwego rw'ubuzima arimo kureba uko yabyitwaramo kubera ikibazo cy'ibitanda byo kwa muganga birimo kuba bicye bitewe n'ubwinshi bw'abarwayi mu turere twibasiwe cyane n'iki cyorezo.

    Ibikorwa byo gufasha abantu biracyakomeje mu mpande zose, harimo no gukangurira abaturage kwirinda no gukingira abantu ngo hakumirwe ikwirakwira ry’iki cyorezo. Inzego z’ubuzima zitangaza ko igipimo rusange cyo kumenya abagize aho bahurira n'abanduye kiri kuri 80% ku rwego rw'igihugu, kikaba kikiri munsi y'intego ya 95% bihaye.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Igitigiri c’abanduye Ebola muri Kenya caduze gishika ku munani

    Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya, Dr. Patrick Amoth, yabwiye televiziyo Citizen TV ejo haheze ko ubu bushikiranganji bwapimye abantu 38, maze umwe hatorwa umwe muri bo yanduye umugera wa Ebola wo mu bwoko bwa Bundibugyo.

    Uwo murwayi mushasha ni umukozi ajejwe kwitaho abarwayi bari bashizwe ukwabo.

    Amoth yavuze ko uwo murwayi yashizwe ukwiwe kandi ko ariko aravurwa mu buryo bwihariye, nk’uko bimeze no ku bandi barwayi indwi bari basanzwe baranduye uwo mugera.

    Ibi vyatangajwe haciye umusi umwe gusa Kenya itangaje abandi bane bari banduye Ebola. Muri abo banduye harimwo umugabo afitaniye ubucuti bwa hafi mu muryango n'umurwayi wa mbere yanduye iyo ndwara muri ico gihugu, hamwe n'abakozi batatu bo mu gisata c'amagara y'abantu bari bamuvuye igihe yari mu bitaro.

    Amoth kandi yahumurije abanyagihugu ku bijanye n'uko iyo ndwara ishobora gukwiragira mu kibano, akavuga ko akaga k’uko abantu bashizwe ukwabo bashobora kuba baranduje abandi imbere y'uko bashirwa ukwibo ari gato.

    Yagize ati: “Batanguye kwerekana ibimenyetso vy'indwara haciye igihe kirekire, ku musi ugira icenda canke icumi. Ivyo bisigura ko igihe bari bakiri mu kibano ata bimenyetso vy'indwara bari bafise. Ni co gituma urugero rwo kwanduza abandi bantu rwari turo cane.”

    Kenya yemeje umuntu wa mbere yanduye Ebola kw'igenekerezo rya 6 Gitugutu (10). Uwo murwayi wa mbere yari umugabo yaba muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC).

    Vyongeye, kubera ko abandura Ebola muri Kenya baguma biyongera, inama mpuzamakungu yerekeye uburimyi (Africa International Agricultural Expo 2026, AIAE), yari itegekanijwe kubera mu nyubakwa ya KICC i Nairobi, yarungurujwe gushika mu mwaka uza.

    Ayandi makuru kuri Ebola ushobora gusoma:

  6. Human Rights Watch: Ingabo za Mali n’abacangero b’Abarusiya bagirizwa kwica abasivire

    Icegeranyo c’ishirahamwe Human Rights Watch kivuga ko ingabo za Mali hamwe n’abacangero b’Abarusiya bagandaguye abasivire mu bikorwa vya gisirikare vyo kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho vyabaye mu mezi aheze.

    Iri shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu rivuga ko abantu bikekwa ko bafasha abo barwanyi ari bo bakozweko ibitero, harimwo no mu bitero bibiri vy’indege zitajamwo abadereva (drones) vyasambuye ikigo c’ivuriro hamwe n’isoko ryo mu karere ka Kidal, mu buraruko bwa Mali.

    Iki cegeranyo cagiriza kandi imirwi y’abitwaje ibirwanisho amabi akomeye, harimwo iyicarubozo be no kwica abasirikare ba Mali bafashwe canke batagishoboye kwirwanira.

    Igisirikare ca Mali ntaco kiravuga kuri ibi birego, ariko abo bitwaje ibirwanisho basanzwe bafitaniye isano n’umuhari wa Al-Qaeda barahakana ko ari bo bategetse ubwo bwicanyi.

    Aya mabi avugwa muri iki cegeranyo yabaye inyuma y’aho abo barwanyi biyitirira idini rya Isilamu hamwe n’abarondera kwiyonkora ku gihugu bakoze ibitero rusangi mu ntango z’uno mwaka.

  7. Trump: Zelensky nta cipfuzo afise co guhagarika iyi ntambara

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashize ku rubuga nyagiro rwiwe, Truth Social, ubutumwa burebure buvuga ku migenderanire iheruka hagati ya Ukraine n'Uburusiya, harimwo n'ibindi yagirije Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine.

    Trump yavuze ati: "Ingingo mfata ku Burusiya iroroshe cane. Ndiko ndagerageza kugarukana amahoro hagati y'Uburusiya na Ukraine, kandi sinshaka gukora ikintu na kimwe cotuma Uburusiya buva muri ibi biganiro.”

    Perezida wa Amerika yavuze ko hamaze kuba “intambwe zifatika”, harimwo n'ibiganiro bibandanya vyerekeye guhanahana imbohe.

    Yavuze kandi ko Uburusiya ubu butagifasha cane Iran, anongerako ati: "Ndashaka ko bibandanya gutya, kandi ni ko bizoguma, kiretse habaye abantu bamwe bamwe b'ibijuju baje kubibangamira."

    Trump abandanya avuga ko ibitero Ukraine igaba ku bigo vy’Uburusiya bitunganya igitoro bituma igiciro ca mazutu ciyongera kw'isoko mpuzamakungu, kandi bigatuma ibiciro vy'igitoro muri Amerika biduga. Ashimangira ko naho ibi bigo biterwa, Uburusiya bubandamya burungika amamiriyoni y'amatoni ya mazutu kw’isoko mpuzamakungu.

    Yagize ati: "Zelensky ntaco bimubwiye." Ni mu gihe imigenderanire yiwe na Zelensky imaze iminsi itifashe neza, cane cane inyuma y'aho Amerika ihagarikiye ibihano vyari vyafatiwe mazutu iva mu Burusiya.

    Mu kwibutsa ko Uburayi buriko buratanga amafaranga menshi cane yo gufasha Ukraine, hamwe n'imfashanyo zatanzwe n'uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika, Joe Biden, Trump yasozereye ubutumwa bwiwe agira ati: "We (Zelensky) ntashaka ko iyi ntambara ihagarara kandi kumbure ntavyo yigeze yipfuza kuva mu ntango."

    Yongeyeko ati: "Mu myaka ibiri iheze yari gushobora gushika ku masezerano meza kurusha ubu. Igihugu ciwe kigeze ahatemba, igice kinini c'ubutaka bwaco caragiye, ntikigisigaranye inzira igishikana ku biyaga n’ibahari nk'uko vyahora, kandi abagabo benshi bo muri Ukraine baragabanutse cane, barakomeretse canke barapfuye. NIRIFUZA KO IYI NTAMBARA IHAGARA!"

    Ku wa Mungu, Zelensky yabwiye ikimenyeshamakuru NBC co muri Amerika ko ingingo ubutegetsi bwa Trump buherutse gufata, zirimwo kwemera kuguramazutu y’Uburusiya no guhagarika ibihano, zishobora kubangamira Ukraine.

    Yavuze ati: "Ari nka hamwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika zoja ku ruhande rw'Uburusiya ku mugaragaro, canke ibihugu vyompi bikunga ubucuti, nta nkeka ko Ukraine itoshobora gutsinda iyi ntambara canke kubandanya yihagazeko."

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  8. Macron yanse imihoho y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati inyuma y’intureka zabaye mu Bufaransa

    Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yanse imihoho yatanzwe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Laurent Nunez, inyuma y’intureka zaranze impera z’indwi irangiye mu bice bitandukanye vy’igihugu.

    Macron yavuze ko Nunez akwiye kuguma mu mabanga yiwe kandi agashiraho uburyo bushasha bwo guhangana vyihuta n’abateza intureka.

    Yavuze kandi ko ubwo bugizi bwa nabi bwatewe ahanini n’ukunanirwa kw’inzego z’umutekano mu gutegura neza ingene zokwitwara hamwe no mu bikorwa vy’igendereza vyari gutuma zitahura kare ivyari biriko birategurwa.

    Izo ntureka zakurikiye imyiyerekano ikomeye yabaye mu gihugu cose yo kwiyamiriza iduga ry’ibiciro hamwe n’ibikorwa vya reta bibandanya bisubira inyuma birimwo n’ivyerekeye amashure.

    Bitegekanijwe ko inama yihutirwa ya Reta iba mu masaha ari imbere kugira yihweze ico kibazo.

    Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ku wa Mungu, Macron yongeye gushimangira ko abazokwagirwa n’ivyaha bijanye n’izo ntureka bazoshikirizwa ubutungane.

    Yongeye kuvuga ko hakwiye gutandukanywa abitavye imyiyerekano bafise ivyo basaba vyumvikana n’abafashe ingendo yo gusambura, kwonona no gusahura amatungo y’abandi.

  9. Hampande y’Ubufaransa, imigumuko iravugwa mu Butaliyano no muri Albania, iterwa n'iki?

    Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giorgia Meloni, ategekanya inama yihutirwa y’umutekano kuri uyu wa mbere inyuma y’aho abari mu myiyerekano bataniye mu mitwe n’abapolisi mu gisagara ca Milan.

    Intureka zatanguye ku mugoroba wo ku wa gatandatu zikabandanya gushika ku wa Mungu, inyuma y’aho abantu barenga 5.000, benshi muri bo bakaba ari abanyeshure, bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry’ibiciro vy’ubuzima.

    Bamwe mu bari muri iyo myiyerekano bateye abapolisi amabuye, intebe n’ibisandugu vy’imicafu, abapolisi na bo baca bakoresha ibimodoka bitera amazi, banakoresha kandi n’ivyuka biryana mu maso.

    Meloni yavuze ko "abagizi ba nabi" bikitse inyuma y’iyo myiyerekano maze bakwiragiza akajagari.

    Hagati aho ku wa Mungu, no muri Albania haradutse imyiyerekano ikomeye ku mugwa mukuru, Tirana, imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi, aho abantu isinzi babandanya gusaba ko Umushikiranganji wa mbere Edi Rama kuva ku butegetsi.

    Abari muri iyo myiyerekano bavuga ko batishimiye ingene igihugu kirongowe hamwe n’ibibazo vy’ubutunzi n’imibano bihanze abanyagihugu, bagasaba ihinduka mu ntwaro y’igihugu.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  10. Kenya: Pasitori Paul Mackenzie yagirizwa kwica abana 191 yiteze gusomerwa kuri uno wa mbere

    Bitegekanijwe ko kuri uyu munsi hasomwa urubanza rw’umupasitori wo muri Kenya yagirizwa uruhara mu rupfu rw’abantu hafi 200, benshi muri bo bakaba ari abana, muri bumwe mu bugizi bwa nabi bukomeye cane muri kahise k’iki gihugu bushingiye ku madini y’ivyaduka.

    Paul Mackenzie yagirizwa kuba yarumvishije amajana y’abanywanyi biwe kwisonzesha gushika bapfe kugira ngo bashobore kubona Yezu/Yesu.

    Vyongeye uno mupasitori yahimirije abanywanyi biwe kwanka imiti ya none, mbere no kwanka amashure.

    Mu nyigisho ziwe, yakunda kugabisha abantu ko umuhero w’isi wari wegereje kandi ko shetani yari yarinjiye mu buzima bwa none.

    Mackenzie arahakana ivyo yagirizwa, kandi ko atigeze ahatira abanywanyi biwe kwisonzesha.

    Mu mwaka wa 2023, igipolisi catoye ibisigarira vy’ibiziga vy’abantu barenga 400 mw’ishamba rya Shakahola, hafi y’inkengera z’ibahari Indiyano muri Kenya, ibintu vyatumye hatangura amatohoza n’imanza zimaze imyaka.

    Igipolisi kiracabandanya n’ibipimo vy’uturemangingo ndangasano (DNA) kugira hamenyekane neza amamuko y’ibi bisigarira.

  11. Intambara yo muri Ukraine: Zelensky avuga ko Trump ariko agerageza guhatira Ukraine kumanika amaboko

    Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariko agerageza guhatira Ukraine kwemera kumanika amaboko imbere y’Uburusiya.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Bloomberg, Zelensky yavuze ko yari yemeye guhagarika ibitero ku bigo bitunganya igitoro vy’Uburusiya mu gihe Amerika yari kwihutira kurungikira Ukraine ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot bikoreshwa mu kwivuna ibitero vyo mu kirere, ariko ko inyishu yahawe na Amerika ari uko ivyo bitero bikwiye guhagarara ata kindi gisabwe.

    Zelensky yavuze ati: “Mbona ko hari ingingo zafashwe zigamije gutuma Ukraine imanika amaboko. Si mvuga ko incuti zacu zafashe iyi ntumbero. Kandi sinoshima kwiyumvira ko Amerika ibona ko iyi ntambara ikwiye kurangira vuba bishoboka Ukraine ikaba ari yo ivyishura. Ariko bisa nk’aho ari ko bimeze”.

    Yavuze kandi ko imigenderanire hagati ya Ukraine n’ubutegetsi bwa Amerika, imaze iminsi irangwamwo ukutumvikana, ishobora guhinduka inyuma y’amatora y’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika ategekanijwe mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo (11).

    Zelensky yavuze ati: “Mu gihe c’amatora, ibikorwa vya politike biba bikaze cane. Ubu birashushe cane, ariko amatora niyarangira ubuzima buzobandanya kandi nibaza ko ibintu bizosubira mu buryo.”

    Abanyamakuru ba Bloomberg babajije Zelensky ku ngingo zafashwe na Amerika zishobora kugabanya ubushobozi bwa Ukraine bwo kwivuna, harimwo ukugabanya umuvuduko w’itumatumanako rikoresha ikigendajuru ca Starlink, hamwe n’ugukwega amaguru mu guha Ukraine ibisasu vya Patriot.

    Perezida wa Ukraine yashimangiye ko amakuru yakuye ku masoko yizeye avuga ko ingingo yerekeye Starlink yafashwe n’“abategetsi, Maison Blanche/White House”, kandi ko ivyo guteba kurungikira igihugu ciwe izo misire kitari ikibazo c’ubuhinga.

    Ati: “Ibi birwanisho twarabirihiye. Hari ivyo Amerika yemeye kurungika, ariko hari ibindi itemeye kurungika. Rero iki si ikibazo c’ubuhinga.”

    Ayandi makuru:

  12. Imigumuko mu Bufaransa: Perezida Macron asaba ‘ituze’ inyuma y’intureka zirangwa mu gihugu cose

    Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa atera akamo abanyagihugu gutekana no kwubahiriza amategeko inyuma y’umunsi w’imyiyerekano minini yahindutse intureka, n’ugusahura ku wa gatandatu, mu gihe akajagari kabandanije mu bice vy’umugwa mukuru Paris ejo ku wa Mungu.

    Mw’ijambo yashikirije igihugu ari ku kirimba c’Umukuru w’Igihugu, Élysée, Macron yagabishije abagize uruhara muri izi ntureka ko batobandanya bunyura ibintu, avuga ati: “Twese twumva ishavu n’isoni.”

    Abantu bashika ku bihumbi 550 baritavye imyiyerekano, basaba gutorera umuti ikibazo c’iduka ry’ibiciro vy’ibitoro, ubuzima bubandanya buzimba hamwe n’ibikorwa vya reta bibandanya bisubira inyuma birimwo n’ivyerekeye amashure.

    Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko abantu bababa 2.400 bamaze gufatwa.

    Perezida Macron yavuze ko ata kintu na kimwe gishobora gusigura ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi ndengakamere vyabonetse muri iyo myiyerekano, yongerako ko ababikoze bazoshikirizwa ubutungane.

    Mu bisagara vya Paris, Marseille n’ahandi, abagumutsi bamwe bari bambaye imyambaro yirabura kandi bipfutse mu maso baraturiye imodoka n’inyubakwa zitandukanye.

    Ejo ku wa Mungu, ibikorwa bibi vy’ugusahura n’ukutana mu mitwe n’abapolisi vyarabandanije mu bice bimwe vya Paris no mu gisagara ca Lyon.

    Itororokanirizo ry’amakuru AFP rivuga ko abapolisi bakoresheje ivyuka biryana mu maso mu gusanzaza abantu, mu gihe bamwe mu bari muri iyi myiyerekano basubiye gutera amacupa n’amabuye abapolisi.

    Ivyabaye ejo ku wa Mungu vyatumye ibisagara bitandukanye mu gihugu cose bihangana n’ingaruka z’imwe mu ntureka zikomeye zibaye mu Bufaransa muri ibi bihe vya vuba.

    Mu gisagara ca Limoges, inyubakwa ndangakaranga yubatswe mu kinjana ca 19 yarahiye iratokombera ku wa gatandatu ituriwe n’abari muri iyi migumuko.

    Ibikorwa vy’ugusahura vyarakwiragiye mu bisagara vya Paris, Marseille na Lille hamwe no mu tundi turere twinshi.

    Macron avuga ko hazoba “isuzuma rizokorwa ku mugaragaro” ku kungene abapolisi bitwaye mu guhangana n’abari mu myiyerekano.

    Mu mpera z’indwi, abapolisi bakoresheje imyuka iryana mu maso n’ibiduga bitera amazi ku bantu benshi, kandi babonetse bakubita abantu bakoresheje amahiri ahatari hake.

    Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko abapolisi bababa 1000 bakomeretse ku wa gatandatu honyene, muri bo indwi bakaba barasinzikaye.

    Ibintu vyagiye vyunyuka muri iyi myiyerekano y’abanyeshure yatanguye mu kwezi guheze, inyuma y’aho amashirahamwe y’abakozi hamwe n’iyindi migwi iterekwa ubutegetsi bifatanije nabo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  13. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.