Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Boris Johnson asaba ko ibihugu vy’uburengero birungika ingabo muri Ukraine imbere y’amasezerano y’amahoro

Boris Johnson yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza avuga ko ibihugu vy’Uburengero bidashigikiye Ukraine ku rugero ruhagije kandi mu buryo butomoye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. Amerika: Umusaza w’imyaka 82 arashinjwa gutunga amashusho y'ihohoterwa ry'abana rishingiye ku gitsina

    Thomas Markle yashinjwe n’inteko y’abacamanza ya leta muri Los Angeles, muri Amerika, kuba yaratunze amashusho agaragaza ihohoterwa rishingiye ku gitsina rikorerwa abana.

    Inyandiko z’urukiko zigaragaza ko mu bimenyetso bimushinja harimo amashusho agaragaramo abana bari munsi y’imyaka 12 bakorerwa ihohoterwa rishingiye ku gitsina.

    Uyu mugabo w’imyaka 82 yahakanye ibyo aregwa.

    Urwego rw’iperereza rwa FBI rwataye muri yombi Markle tariki 6 Ugushyingo (11) mu kigo cyita ku bageze mu zabukuru kiri muri Florida, rumushinja gutunga ibikoresho birimo ayo mashusho.

    Ku ikubitiro yaregwaga icyaha kimwe, ariko nyuma ibirego biza kuba bibiri.

    Umushinjacyaha wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, Bill Essayli, yavuze ko Markle ashobora gukatirwa igifungo kigera ku myaka 20 kuri buri cyaha naramuka abihamijwe.

    Yatawe muri yombi nyuma y’isakwa ryakorewe ububiko yakodeshaga muri Los Angeles kuva hafi ku myaka 20, hamaze kubonekamo ibikoresho bivugwa ko birimo ayo mashusho.

    Mbere yari yemerewe kuburana ari hanze ya gereza ariko yubahiriza amabwiriza y’urukiko. Icyakora, nyuma yategetswe kuguma afunze mu gihe ategereje kuburanishwa, nyuma y’uko bivugwa ko yakuyeho igikoresho cyamukurikiraga aho aherereye.

    Mu bubiko bwasatswe, abashinzwe iperereza basanze amashusho abiri agaragaza umugabo mukuru, umutangabuhamya yavuze ko ari Markle, ari kumwe n’umwana utarageza imyaka y’ubukure.

    Abashinjacyaha bavuga kandi ko hari indi shusho isa n’igaragaza umwana uri mu cyumba bikekwa ko kiri muri imwe muri hoteli zo muri Philippines.

    Markle yimukiye muri Philippines umwaka ushize nyuma yo kugira ibibazo by’uburwayi bwo guturika kw’imitsi yo mu bwonko inshuro nyinshi, kandi yabaga mu mujyi wa Cebu kugeza muri Gicurasi.

    Ubushinjacyaha bwavuze ko kandi hari andi mafoto asa n’agaragaza Markle ari kumwe n’abana basa n’abatambaye hose.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Umunya-Zimbabwe yari agiye kurwanira Uburusiya muri Ukraine yakatiwe na sentare muri Afurika y’Epfo

    Sentare yo muri Afrika y’Epfo yakatiye ejo ku wa kabiri umusore w’Umunya-Zimbabwe yari agiye kwinjira mu gisirikare c’Uburusiya nk’umucangero igihano c’imyaka itanu kidashirwa mu ngiro mu gihe akurikije ivyo ategekwa na sentare.

    Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Bloomberg, Tafadzwa Sithole w’imyaka 24 yari mu wa gatatu kuri Kaminuza yo muri Zimbabwe, African University of Zimbabwe, akaba yari umwe mu banya-Zimbabwe icenda bafatiwe ku kibuga c’indege c’i Johannesburg bakekwa ko bari bagiye kwinjira mu gisirikare c’Uburusiya nk’abacangero.

    Sithole yaremeye ivyaha yagirijwe, aca ahabawa ico gihano, kandi ko azosubizwa muri Zimbabwe. Abandi bari bafatanywe na we na bo baracaburana, canke basaba kurekurwa vy’imfatakibanza.

    Amategeko ya Afrika y’Epfo arabuza ubucangero mu mirwi yitwaje ibirwanisho yo mu mahanga. Muri uru rubanza, ayo mategeko yakoreshejwe no ku banyamahanga bari ku butaka bwa Afrika y'Epfo kuko bari musi y’amategeko y’iki gihugu.

    Nk’uko Bloomberg ibandanya ibivuga, Abanyafrika nibura 460, harimwo Abanya-Zimbabwe 21, baramaze kwicwa bari kurwana muri Ukraine ku ruhande rw’Uburusiya.

  3. Trump: Amahera y’intambara yo kurwanya Irani ariho gushika mu mpera z’ukwa mbere

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko amahera yateguriwe intambara na Irani gushika mu mpera za Nzero (1) 2027 yabonetse.

    Mu kiganiro n’ikinyamakuru New York Post, Trump yavuze ko abashingamateka n’abakenguzamateka b’umugambwe w’Abademokarate bohavuye batuma “intsinzi yuzuye” ihinduka “ugutsindwa” baramutse bagerageje guhagarika intambara na Irani.

    Yavuze ko ububasha afise bwo gukoresha igisirikare bushobora kugabanuka igihe umugambwe w’Abademokarate uzoba ufashe mu minwe inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) mu kwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura wa 2027, ariko ko yizigiye y’uko uwo mugambwe utazotuma iyo ntambara ihagarara “imbere y’igihe”.

    Nk'uko New York Post yavyanditse, Trump yasubiye kuvuga ko ingabo za Amerika zasambuye ubushobozi bw'igisirikare kirwanira mu mazi n'ikirwanira mu kirere vya Irani, maze yagiriza umugambwe w'Abademokarate ko ushobora guhindura intsinzi ikaba ugutsindwa.

    Yongeyeko ati: “Turashobora guhagarika iyi ntambara igihe cose tubishakiye.”

    Mu ndwi iheze, inama nkenguzamateka ya Amerika yaranse integuro y’itegeko ryari rigamije kugabanya ububasha bwa Trump bwo kubandanya intambara na Irani.

    Iyo nteguro yasaba ko Perezida wa Amerika ahagarika iyo ntambara canke akabanza agasaba uruhusha inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ayibandanye.

  4. Israel: Iran iriko ihingura ibirwanisho vy’ubumara, ntituzoyemerera

    Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Israel Katz, yagirije Irani ko iriko irahingura ibirwanisho vy’ubumara (armes chimiques), hanyuma avuga ko Israel itazokwigera yemera ko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) ironka ubushobozi nk’ubwo.

    Mw’itangazo yahaye abanyamakuru muri Israel ejo ku wa kabiri, Katz yavuze ati: "Irani iri mu nzira yo guhingura ibirwanisho vy’ubumara. Reta ya Israel ntizoyemerera na gato ko ishika kuri ubwo bushobozi."

    Aya majambo yatangajwe n’imboneshakure yo muri Israel Kan TV hamwe n’ibindi binyamakuru vyo muri ico gihugu.

    Gusa, uyo mushikiranganji ntiyatanze ivyemezo nyavyo vyemeza ivyo birego.

    Imbere y’aho, ibinyamakuru vya Israel vyari vyatangaje ko abategetsi b’iki gihugu bari barahaye Reta Zunze Ubumwe za Amerika amakuru yavuga ko Iran ishobora kuba iriko irahingura ibirwanisho vy’ubumara.

    Iran yamiriye kure ivyo yagirizwa.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Boris Johnson asaba ko ibihugu vy’uburengero birungika ingabo muri Ukraine imbere y’amasezerano y’amahoro

    Uwahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, yasavye Ubwongereza n’ibindi bihugu biri mu runani rwiswe “coalition of the willing” (urunani rw’abashaka) kurungika ingabo muri Ukraine imbere y’uko haba amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

    Mw’ijambo yashikirije mu nama yateguwe n’ikigo RUSI (Royal United Services Institute) gikora ubushakashatsi ku mutekano, Johnson yavuze ko izo ngabo zishobora guca zitangura gufasha mu gutunganya ibikorwa n’ibikoresho mu bice vya Ukraine bitekanye kandi biri kure y’intambara.

    Yavuze ko mu gihe zoramuka zirungitswe vyoba ari ubutumwa bwerekana ko Ukraine ari yo ifise uburenganzira bwo guhitamwo ibihugu bishobora gukorera ku butaka bwayo, ko atari Uburusiya.

    Johnson kandi yasavye ibihugu vy’Uburengero kwongereza imfashanyo ya gisirikare biha Ukraine, harimwo ibisasu vya misire vyo gukingira ikirere, kuyorohereza mu kuronka makuru atangwa n’ibigendajuru, gufatira ingingo ruhasha amato y’Uburusiya akorera mu mpisho, no kwemerera Ukraine gukoresha amatungo y’Uburusiya yafashwe akabikwa mu mahanga.

    Yongeye gusaba Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kwizeza Ukraine mu buryo butomoye ko izokwinjira mu runani OTAN/NATO, aho avuga ko kubandanya vyijijanya imitima no kunanirwa no gufata ingingo zifatika vyatumye Ukraine idashigikirwa uko bikwiye.

    Johnson, umwe mu bashigikiye cane Ukraine ku rwego mpuzamakungu kuva Uburusiya butanguye intambara kuri ico gihugu, yavuze ko ibihugu vy’Uburengero bidashigikiye Ukraine ku rugero ruhagije kandi mu buryo butomoye.

    Ariko rero, abanegura ivyiyumviro vyiwe bavuga ko ivyiyumviro nk’ibi vyo kurungika ingabo z’ibihugu vy’Uburengero muri Ukraine imbere y’uko haboneka amasezerano yo guhagarika intambara bishobora gutuma icuka kibi kibandanya ciyongera, Uburusiya na bwo bukaharonkera intege zo kubandanya intambara.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru y'akarere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.