IKIBIRIRAHO , Boris Johnson asaba ko ibihugu vy’uburengero birungika ingabo muri Ukraine imbere y’amasezerano y’amahoro

Boris Johnson yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza avuga ko ibihugu vy’Uburengero bidashigikiye Ukraine ku rugero ruhagije kandi mu buryo butomoye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. Trump: Amahera y’intambara yo kurwanya Irani ariho gushika mu mpera z’ukwa mbere

    Trump

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko amahera yateguriwe intambara na Irani gushika mu mpera za Nzero (1) 2027 yabonetse.

    Mu kiganiro n’ikinyamakuru New York Post, Trump yavuze ko abashingamateka n’abakenguzamateka b’umugambwe w’Abademokarate bohavuye batuma “intsinzi yuzuye” ihinduka “ugutsindwa” baramutse bagerageje guhagarika intambara na Irani.

    Yavuze ko ububasha afise bwo gukoresha igisirikare bushobora kugabanuka igihe umugambwe w’Abademokarate uzoba ufashe mu minwe inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) mu kwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura wa 2027, ariko ko yizigiye y’uko uwo mugambwe utazotuma iyo ntambara ihagarara “imbere y’igihe”.

    Nk'uko New York Post yavyanditse, Trump yasubiye kuvuga ko ingabo za Amerika zasambuye ubushobozi bw'igisirikare kirwanira mu mazi n'ikirwanira mu kirere vya Irani, maze yagiriza umugambwe w'Abademokarate ko ushobora guhindura intsinzi ikaba ugutsindwa.

    Yongeyeko ati: “Turashobora guhagarika iyi ntambara igihe cose tubishakiye.”

    Mu ndwi iheze, inama nkenguzamateka ya Amerika yaranse integuro y’itegeko ryari rigamije kugabanya ububasha bwa Trump bwo kubandanya intambara na Irani.

    Iyo nteguro yasaba ko Perezida wa Amerika ahagarika iyo ntambara canke akabanza agasaba uruhusha inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ayibandanye.

  2. Israel: Iran iriko ihingura ibirwanisho vy’ubumara, ntituzoyemerera

    Israel Katz

    Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Israel Katz, yagirije Irani ko iriko irahingura ibirwanisho vy’ubumara (armes chimiques), hanyuma avuga ko Israel itazokwigera yemera ko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) ironka ubushobozi nk’ubwo.

    Mw’itangazo yahaye abanyamakuru muri Israel ejo ku wa kabiri, Katz yavuze ati: "Irani iri mu nzira yo guhingura ibirwanisho vy’ubumara. Reta ya Israel ntizoyemerera na gato ko ishika kuri ubwo bushobozi."

    Aya majambo yatangajwe n’imboneshakure yo muri Israel Kan TV hamwe n’ibindi binyamakuru vyo muri ico gihugu.

    Gusa, uyo mushikiranganji ntiyatanze ivyemezo nyavyo vyemeza ivyo birego.

    Imbere y’aho, ibinyamakuru vya Israel vyari vyatangaje ko abategetsi b’iki gihugu bari barahaye Reta Zunze Ubumwe za Amerika amakuru yavuga ko Iran ishobora kuba iriko irahingura ibirwanisho vy’ubumara.

    Iran yamiriye kure ivyo yagirizwa.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Boris Johnson asaba ko ibihugu vy’uburengero birungika ingabo muri Ukraine imbere y’amasezerano y’amahoro

    Boris Johnson

    Uwahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, yasavye Ubwongereza n’ibindi bihugu biri mu runani rwiswe “coalition of the willing” (urunani rw’abashaka) kurungika ingabo muri Ukraine imbere y’uko haba amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

    Mw’ijambo yashikirije mu nama yateguwe n’ikigo RUSI (Royal United Services Institute) gikora ubushakashatsi ku mutekano, Johnson yavuze ko izo ngabo zishobora guca zitangura gufasha mu gutunganya ibikorwa n’ibikoresho mu bice vya Ukraine bitekanye kandi biri kure y’intambara.

    Yavuze ko mu gihe zoramuka zirungitswe vyoba ari ubutumwa bwerekana ko Ukraine ari yo ifise uburenganzira bwo guhitamwo ibihugu bishobora gukorera ku butaka bwayo, ko atari Uburusiya.

    Johnson kandi yasavye ibihugu vy’Uburengero kwongereza imfashanyo ya gisirikare biha Ukraine, harimwo ibisasu vya misire vyo gukingira ikirere, kuyorohereza mu kuronka makuru atangwa n’ibigendajuru, gufatira ingingo ruhasha amato y’Uburusiya akorera mu mpisho, no kwemerera Ukraine gukoresha amatungo y’Uburusiya yafashwe akabikwa mu mahanga.

    Yongeye gusaba Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kwizeza Ukraine mu buryo butomoye ko izokwinjira mu runani OTAN/NATO, aho avuga ko kubandanya vyijijanya imitima no kunanirwa no gufata ingingo zifatika vyatumye Ukraine idashigikirwa uko bikwiye.

    Johnson, umwe mu bashigikiye cane Ukraine ku rwego mpuzamakungu kuva Uburusiya butanguye intambara kuri ico gihugu, yavuze ko ibihugu vy’Uburengero bidashigikiye Ukraine ku rugero ruhagije kandi mu buryo butomoye.

    Ariko rero, abanegura ivyiyumviro vyiwe bavuga ko ivyiyumviro nk’ibi vyo kurungika ingabo z’ibihugu vy’Uburengero muri Ukraine imbere y’uko haboneka amasezerano yo guhagarika intambara bishobora gutuma icuka kibi kibandanya ciyongera, Uburusiya na bwo bukaharonkera intege zo kubandanya intambara.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  4. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru y'akarere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.