Inkino z'igikombe c'isi zitezwe kubamwo ugutigira kwa mbere kunini mu mateka
Ihiganwa rya FIFA ry’inkino z’igikombe c’isi z’abagabo rigiye gutangura ryitezwe kubamwo ugutigira (betting) kwa mbere kunini kw’ibihe vyose, aho miriyaridi 50 z’amadolari zizoshirwa muri ico gisata ku rwego rw’isi.
Nk’uko vyihwezwa n’isosiyete Macquarie ikorera mu gisata kijanye n’ivy’ubutunzi n’amafaranga, iryo higanwa rishobora gutuma abatigira babishiramwo miliyoni 500 z’amadolari ku rukino rumwe.
Imiriyaridi 50 zitezwe muri rusangi, zoba ari ukwiyongera gukomeye cane ugereranije na miriyaridi 35 z’amadolari zari zashizwe mu bijanye no gutigira mu nkino z’igikombe c’isi zabereye muri Qatar mu 2022.
Amashirahamwe akangurira abantu kwirinda ibijanye no gutigira kubera ingaruka zavyo, yibutsa ko abantu nka bose bakina ibijanye no gutigira bahomba amafaranga ku gihe kirekire.
Ayo mashirahamwe agabisha ko abazotigira mu nkino z’igikombe c’isi z’uwu mwaka, bari mu kaga ko gukwegerwa mu nzira yo kugerageza ubundi buryo bwo gutigira bwinshi bushobora kubagirako ingaruka bukanabizizira gusumba.
Umusesanguzi wa Macquarie, Chad Beynon, avuga ko uku kwiyongera gukomeye kw’amafaranga ashirwa mu bijanye no gutigira guterwa ahanini n’uko igitigiri c’imirwi izokina congerejwe. Cavuye ku mirwi 32 gishika kuri 48.
Kubera iyo mvo, hazoba inkino zirenga 100 mu kiringo c’amayinga atandatu, mu gihe mw’ihiganwa riheruka ryabereye muri Qatar mu 2022 hari hakinywe inkino 64.
Beynon yongerako ko ibiringo vyiza vy’amasaha vy’ibihugu bizokwakira iryo higanwa, ari vyo Amerika, Canada na Mexique, bizotuma abantu benshi barushiriza gukurikirana izo nkino.
Ashimangira ko bizokwongereza n’inyota y’abatigira ku migabane ya Buraya, Afrika na Amerika y’Epfo.
Ikindi gituma haba ukwo kuduga ni iyongerekana ry’isoko ryo gutigira muri Amerika, aho hafi 65% vy’abanyagihugu ubu bashobora gukina imikino yo gutigira, igitigiri ciyongereye kivuye kuri 40% mu 2022.
Ivyo bisobanuye ko iri ari ryo higanwa rya mbere ry’igikombe c’isi igice kinini c’Abanyamerika bashobora gushiramwo amafaranga yo gutigira.
Izindi nkuru wosoma: