Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Flávio Bolsonaro yahakanye ko yahunze Brésil inyuma yo gushika i Miami

Uwo mukandida yatsinzwe mu matora ya Perezida muri Brésil, avuga ko yagiriwe ihirikwa ry’ubutegetsi n’ihohoterwa rya politike, asubiramwo ibirego bitagira ivyemezo vy’uko habaye “ubusuma bw’amatora”.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ethiopia yaronse indege z'Uburusiya n'ibikoresho vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere, mu gihe intambara ikomeye muri Tigray

    Ethiopia ivuga ko yaronse indege 12 z’intambara zo mu bwoko bwa Su-35 zikorerwa mu Burusiya, mu gihe intambara igenda ikomera mu karere ka Tigray gaherereye mu buraruko bw’ico gihugu, kagahana urubibe na Eritrea.

    Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, iyo ari i Moscou mu nama y’Uburusiya na Afrika, yavuze ko kuronka izo ndege ari "intambwe ihambaye" izofasha gukomeza ubushobozi bwo kwivuna umwansi bw’igisirikare c’igihugu ciwe.

    Yavuze kohaciye imyaka itari mikeEthiopia n’Uburusiya bumvikanye kuri ayo masezerano, ariko ko izo ndege zashitse imbere y’igihe cari gitegekanijwe. Yashimangiye ko Ethiopia ifise umugambi wo kugura mu Burusiya n’ibikoresho bine vy’ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere buzwi nka S-400.

    Abiy Ahmed amenyesha ko ivyo bikoresho bikenewe gose kugira igihugu ciwe cikingire akaga n’ibitero bishobora guturuka hanze yaco.

    Yongeyeko ko Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ari "umugenzi somambike wa Ethiopia", kandi ko kino gihugu kibaye ica mbere muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara gifise ubwo buhinga bwa gisirikare.

    Ati: "Nitwananirwa no kwubaka ubu bushobozi, bizogorana ko igihugu cacu kibandanya kubaho muri aka karere turimwo. Ibihugu vyiteguye bihagije ntivyoroha kubihangara."

    Mu myaka iheze, Uburusiya na Ethiopia vyaragiranye amasezerano atari make mu gisata co kwivuna abansi. Muri yo, harimwo ayo mu 2021 ajanye no kumenyereza abasirikare hamwe no guteza imbere ubuhinga bukoreshwa mu gisirikare.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Tanzania: Umutekano wakajijwe i Dar es Salaam, mu gihe harumanye umwaka habaye amatora mu ntureka

    Abapolisi n’abasirikare bafise inkoho bakwiragiye mu duce dutandukanye tw’umurwa mukuru wa Tanzania, Dar es Salaam, mu gihe inzego zikeka ko hashobora kuba imyiyerekano kuri iri genekerezo umwaka wuzuye kuva habaye amatora yaranzwe n’umudugararo.

    Muri ayo matora, yiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Perezida Samia Suluhu Hassan yatowe ku majwi 98 kw’ijana (98%).

    Mu guhasha imyiyerekano yakurikiye mu burere butandukanye bw’igihugu, abantu 518 barishwe, 197 muri bo bakaba bishwe barashwe, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi washizweko na reta wagize amatohoza.

    Ubu rero reta igabisha ko uwohirahira akaja mu myiyerekano canke agatera umudurumbanyo kuri uwu wa 29 Gitugutu (10) afatirwa ingingo ruhasha.

    Abapolisi n’abasirikare bagaragara mu turere twinshi, harimwo no ku mahuriro y’amabarabara.

    Mu misi iheze, abaharanira uburenganzira n’impinduka bagiye bakoresha imbuga ngurukanabumenyi mu guhamagarira abantu kuja mu myiyerekano yobaye muri iyi ndwi. Basaba ko habaho ubwigenge mu vya politike hamwe n’uko abagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu gihe c’amatora yo mu 2025 bahanwa.

    Inama y’Abepiskopi Katolika muri Tanzaniya (TEC) yatangaje ko uyu munsi haba imisa yo gusabira no kwibuka abishwe, abakomeretse canke abagizweko ingaruka n’intureka zabaye ico gihe.

    Abarongoye CHADEMA, umugambwe wa mbere ukomeye utavuga rumwe na reta muri Tanzania, bavuze ko baja kwitaba iyo misa.

    Ku ruhande rwayo, reta ishimangira ko ari ngirakamaro kubungabunga amahoro, igasaba abanyagihugu kwirinda ibikorwa vyose bishobora guhungabanya umutekano n’ituze mu gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Amatora - Israel: Urunani rwa Netanyahu ruri imbere ariko nta bwiganze rufise, nk'uko amajwi amaze guharurwa abigaragaza

    Amajwi amaze guharurwa mu matora rusangi yo muri Israel yerekana ko umushikiranganji wa mbere afise uburambe, Benjamin Netanyahu, ari imbere y’uwo bahanganye, Gadi Eisenkot yahoze arongoye igisirikare.

    Ariko urunani rwa Netanyahu nta bwiganze rufise mu nama nshingamateka.

    Ku bice 85 kw’ijana (85%) vy’amajwi amaze guharurwa, umugambwe Likud wa Netanyahu n’imigambwe bacuditse y’abagendera mu murongo wa ‘Extrême droite’ hamwe n’abayahudi b’aba ‘Ultra-orthodoxes’, vyitezwe ko bazoronka intebe 53 mu ntebe 120 zigize inama nshingamateka ya Israel (Knesset).

    Umugambwe Yashar wa Eisenkot hamwe n’iyindi itatu y’Abayahudi batavuga rumwe n’ubutegetsi, ihurikiye mu runani rwiwe, vyitezwe ko ironka intebe 48.

    Abo barongozi bompi bavuze ko bazogerageza gushinga reta igizwe n'urunani rw’imigambwe.

    Imigambwe iyobowe n’Abarabu, bitegekanijwe ko ironka intebe 19, igitigiri kitari bwigere kiboneka mu matora yo muri Israel. Uwo murwi woshobora rero kugira uruhara rukomeye mu kugena umugambwe uzoshinga reta, kiretse ko imigambwe yose y’Abayahudi havuyemwo umwe, yiyemeje kutifatanya na wo.

    Amajwi ari hagati ya 430.000 na 480.000 y’abatoye hakoreshejwe uburyo n’ubuhinga budasaba ko barinda gushika mu bibanza vy’itora, harimwo abasirikare, abadiplomate n’abarwariye mu bitaro, ntaramenyekana. Ni co gituma bishobora gufata umusi umwe canke ibiri kugira ngo ivyavuye mu matora vyose bimenyekane.

    Ivyayavuyemwo nivyamara kwemezwa, Perezida Isaac Herzog azogirana ibiganiro n’abaserukira imigambwe yose, hanyuma atumire umukuru w’umugambwe abona ko afise amahirwe menshi yo kuroranirwa kugira ngo agerageze gushinga reta. Ico gikorwa gishobora kumara indwi zitari nke.

    Iyo uwo muntu ananiwe gushinga reta, amaherezo bizoba ngombwa ko haba ayandi matora.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Elon Musk ni 'incabwenge cane' – Putin inyuma y'ibiganiro n'uwo mukuru wa SpaceX

    Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku wa gatatu yavuze ko Elon Musk ari “incabwenge cane” inyuma yo kumenyesha ko bompi baguma bavuganira “hafi na hafi” ku bijanye n’ubuhinga bw’ibigendajuru.

    Ivyo Putin yabivugiye mu nama y’Uburusiya na Afrika i Moscou, igihe yaganira ku mugambi Uburusiya na bwo bufise wo gutanga internet biciye ku bigendajuru witwa Rassvet, utuma abantu baronka iyo internet iva ku bigendajuru.

    Avuga kuri Musk, nk’uko BBC yahinduye mu rundi rurimi ivyo yashikirije, Putin yagize ati: “Ni incabwenge cane”. Yongeyeko ati: “Turavugana gose, hafi na hafi, n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika, harimwo n’umushingantahe Musk.”

    Starlink ni igice kimwe mu bigize komanyi SpaceX ya Musk. Iyo kompanyi ntiyishuye ku gisabo c’uko yogira ico ishikirije kuri ayo makuru.

    Putin yabandanije avuga ko ari ngirakamaro ko Uburusiya buguma buvugana na Musk kugira ngo ibigendajuru vya Rassvet na Starlink “ntivyinjiranire mu gihe biba biriko birazunguruka mu kirere”.

    Yongeyeko ati: “Twebwe n’abafatanyabikorwa bacu bo muri Amerika turabiha agaciro twese mu buryo magiriranire, kandi n’ubwo hari ibibazo vya politike, turiko turakora cane.”

    Kompanyi SpaceX ivuga ko Starlink imaze kurungika mu kirere ibigendajuru bigera ku 13.000. Yamara ku rundi ruhande, ibiharuro vy’abakurikirana ibigendajuru biciye kuri internet vyerekana ko ivya Rassvet biri mu kirere ubu ari bikeya cane, biharurwa muri mirongo ibiri.

    Ku wa gatatu, ambassade y’Uburusiya muri Afrika y’Epfo yavuze ko Rassvet ari “ubundi buryo bw’Uburusiya bushobora gusubirira Starlink”, yongerako ko uwo mugambi “werekana intambwe za mbere gusa z’iki gihugu muri ico gisata”.

    Putin avuze ayo majambo ku bijanye na Rassvet na Starlink mu gihe bisa n’uko imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya iriko irushiriza kuba myiza, n’ubwo hasigaye igihe gito ngo harangire imyaka itanu kuva Uburusiya bushoje intambara yeruye kuri Ukraine.

    Ukraine yarakoresheje internet ya Starlink mu bikorwa vyo guhangana n’ingabo z’Uburusiya no kuzigumiza kure. Ariko, mu ndwi iheze, igisirikare ca Ukraine caragize ingorane zitari zitezwe mu bijanye no gukoresha Starlink. Musk yaremeje ko SpaceX yabikoze nkana.

    Mu ntango z’uku kwezi, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko yumvikanye n’Uburusiya ku bijanye no kwinjiza muri Amerika igitoro co mu bwoko bwa mazutu, mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyaco vyaduze cane kubera intambara Amerika irimwo na Irani.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Espagne yatangiye icyunamo cy'iminsi itatu nyuma yuko impanuka ya gariyamoshi yishe abarenga 60

    Espagne yatangiye icyunamo cy’iminsi itatu nyuma yuko abantu nibura 68 bapfuye naho abandi babarirwa muri za mirongo bagakomereka, muri imwe mu mpanuka zikomeye cyane za gariyamoshi zibayeho mu mateka y’Uburayi bwa none.

    Abakora ubutabazi bwihuse bakoze ijoro ryose bifashishije amatara amurika cyane kugira ngo bashobore gukata ibyuma bikoze ibice binyuranye bya gariyamoshi, mu gushakisha abapfiriye muri iyo mpanuka. Hari benshi mu bapfuye bataramenyekana imyirondoro yabo.

    Abategetsi barimo gukora iperereza ku cyateye iyo mpanuka, yabaye mu gitondo cyo ku wa gatatu ubwo gariyamoshi yavaga i Madrid ijya i Séville yagongaga gariyamoshi yari ihagaze.

    Minisitiri w’intebe Pedro Sánchez yavuze ko “Espagne yose iri mu kababaro”. Yongeyeho ko “ubuzima bwasenyutse, imiryango yasenyutse, umubabaro ni mwinshi cyane”.

    Minisiteri y’ubutegetsi bw’igihugu ya Espagne yavuze ko abakozi babarirwa mu magana boherejwe aho iyo mpanuka yabereye kugira ngo bafashe mu bikorwa by’ubutabazi. Indege nto zitajyamo abapilote (zizwi nka ‘drones’) hamwe n’indege za kajugujugu zirimo gukoreshwa mu gushaka abapfuye no gukuraho ibyasenyutse.

    Minisitiri wo gutwara abantu n’ibintu Óscar Puente yavuze ko iyo gariyamoshi yari ihagaze, ya kompanyi Iryo itari iya leta, yari irimo abagenzi 147, ndetse ko yari yahagaze mu nzira ya gariyamoshi kubera ko mudasobwa yari yananiwe gukora.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Flávio Bolsonaro yahakanye ko yahunze Brésil inyuma yo gushika i Miami

    Umukenguzamateka w’umunya Brésil, Flávio Bolsonaro, yashitse i Miami inyuma yo gutsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi w’Imana, avuga ko atigeze yipfuza “kuva mu gihugu canje c’amavukiro”.

    Mu butumwa bwiwe bwa mbere kuva avuye muri ico gihugu, yavuze ati: “Sinahunze Brésil; nagiye ku neza ya Brésil.”

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamuhaye impusha zo kwinjira ku butaka bwazo hamwe n’umuryango wiwe, inyuma y’uko Brésil ihagaritse pasiporo ziwe ku mvo z’itohoza ku vyaha. Bolsonaro arahakana ko hari ikibi yakoze.

    Ku wa gatatu, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Twaramuhaye uruhusha rwo kwinjira muri iki gihugu.”

    Perezida wa Brésil aherutse gusubira gutorwa, Luiz Inácio Lula da Silva, yaneguye ukuntu Bolsonaro yavuye mu gihugu mu mpisho, agira ati: “Abatagira ico bahisha nta co batinya.”

    Gushika kwa Bolsonaro muri Floride kwarangije ikiringo c’imisi cari giheze abantu batazi neza aho aherereye, inyuma y’uko bivuzwe ko yari yagiye muri Argentine, hanyuma ku wa kabiri bigatangazwa imburagihe ko yari yamaze kwinjira muri Amerika.

    Mu butumwa bwiwe, Bolsonaro yashimiye abakuru b’ibihugu vya Argentine na Amerika hamwe n’abanyagihugu ba Amerika, avuga ko basangiye “indangagaciro n’abantu beza bo mu gihugu canje”.

    Yagize ati: “Ntivyigeze biba mu vyipfuzo vyanje kuva mu gihugu canje, ariko ndazi neza aho ibintu biriko birerekeza.”

    “Navuye mu butegetsi burangwa n’ingingo zidasanzwe, kugira ngo nshobore kuba umuyobozi abantu banje bakwiriye.”

    Yavuze ko yagiriwe ihirikwa ry’ubutegetsi n’ihohoterwa rya politike, kandi ko urugendo yafashe yerekeza muri Amerika rwari rugamije gukingira umuryango wiwe.

    Muri iryo baruwa rirerire, yongeye gushimangira, ata vyemezo atanze, ivy’uko habayeho “ubusuma bw’amatora”, akemeza mbere ko bwatumye haba ikintu “kidashoboka hisunzwe ibiharuro” mu matora.

    Ku wa gatatu, Trump yaranse kugira ico avuze ku bijanye n’ivyo birego biri muri iryo baruwa rya Bolsonaro.

    Ivyavuye mu matora vy’uko Lula yatsinze vyaremejwe n’umukuru wa sentare nkuru iraba ivy’amatora muri Brésil, yari yagenywe muri aya mabanga na se wa Bolsonaro, Jair Bolsonaro yahoze ari Perezida w’ico gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.