Menya uru runani rukorera mw'ibanga mu Burusiya rurwanya Putin

    • Umwanditsi, Monica Garnsey
    • Igikorwa, BBC Eye
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Abarusiya babiri bavuga ko bakorana mu mpisho n'urwego rw'igendereza rwa gisirikare rwa Ukraine (GUR) baravuga ku bikorwa bavuga ko bagizemwo uruhara, vyo gutera ku bibanza vya gisirikare n'ingabo hagati mu Burusiya.

Umwe muri bo, twise Ivan ku bw'umutekano wiwe, avuga ko yafashije mu gutegura ibitero vya Ukraine vy'indege zitajamwo abadereva (drones) vyakozwe ku nganda zihingura ibirwanisho n'indege z'intambara mu Burusiya.

Yagaragaye mw'ireresi (documentaire) yakozwe na BBC World Service yihweza ibikorwa vy'ibanga vy'abarwanya ubutegetsi bwa Perezida Vladimir Putin.

Iyo documentaire yakozwe n'umumenyeshamakuru yigenga w'Umunya-Pologne Marcin Mamon irimwo kandi umugabo twise Foma, Umurusiya aba mu buhungiro muri Pologne.

Foma avuga ko arongoye urubuga rw'abakorerabushake bakorera mu mpisho imbere mu Burusiya, bakurikirana kandi bakegeranya amakuru ku basirikare bakuru urwego rw'igendereza rya gisirikare rwa Ukraine (GUR) ruba ruriko rurahiga. Ashimangira ko abo bantu batigera bagira uruhara rutaziguye muri ibi bitero.

Yagumye agira ibanga abo bariko barakurikiranira hafi mu mpisho, ariko inyuma y'aho Lt Gen Fanil Sarvarov yiciwe muri Kigarama (12) mu mwaka uheze i Moscou, Foma aremera ko yari yarahaye Abanya-Ukraine amakuru y'ibanga yerekeye iyi ntwazangabo.

Naho hari hamaze kuba amakuru yavuga ku mirwi y'Abarusiya ikora ibikorwa vy'ugutoba ku nyungu za Ukraine, ni gake cane haboneka umuntu ari ku rubuga nka Ivan, asigura ingene bakora ibi bikorwa.

Urwego rwa GUR ruremeza ko Ivan na Foma bakorana narwo, ariko rukavuga ko rudashobora kumenya vyose ku bikorwa vyabo. Igihe uwukorana na Ivan muri GUR yabazwa cane nimba Ivan ari umuntu w'umwizigirwa, yishuye ati: "Nta muntu nzi neza, kiretse jewe ubwanje."

GUR hamwe n'abo bagabo bose bariyubara cane ku rugero rw'amakuru batanga, ibi bigatuma bidashoboka kugenzura no kwemeza ibikorwa bavuga ko bakoze.

Intego: Gucafuza Ubutegetsi bwa Putin

Ariko rero, amayeri Ivan na Foma bavuga ko bakoresha aremezwa n'abategetsi ba Ukraine. Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) iravuga ku mikenyuro yayo y'ibitero ikorana na bo hakoreshejwe ama-drone, ku vyo ivuga ko ari ibibanza vya gisirikare biri mu Burusiya, kandi ikemera ko ikoresha abakozi ba yo bo mw'ibanga.

Kuva intambara itanguye, harabaye kandi ibikorwa vyinshi vyo kwica abantu ku mpamvu za poritiki mu Burusiya. Mu mukenyuro wayo Ukraine ntikunze kwemera ku mugaragaro canke kwigamba ko ari yo iba iri inyuma y'ivyo bitero, nubwo umukozi umwe wo mw'igendereza rya Ukraine yigeze kubwira BBC ko Ukraine ari yo yari inyuma y'iyicwa rya Lt Gen Igor Kirillov, umwe mu basirikare bakuru b'Uburusiya, mu kwezi kwa Kigarama 2024.

Biragoye kwemeza igitigiri nyaco c'Abarusiya bakorera Ukraine muri ibi bikorwa nk'ibi vyo mu kinyegero. Nk'uko Foma abivuga, abo bantu bashobora kuba bari hagati ya 300 na 500, nubwo bigoye kuvyemeza.

Ivan na Foma bavuga ko batarwanya gusa intambara y'Uburusiya kuri Ukraine, ariko kandi barwanya n'ubutegetsi bwa Perezida Vladimir Putin, kandi babona ko kazoza kiwe muri poritike kazovana n'ingene iyi ntambara izogenda.

Ivan agira ati: "Ndibaza ko ubutegetsi bwa Putin bushobora gusenyuka ni bwatsindwa muri iyi ntambara. Ivyo dukora ni ukugerageza kwihutisha ico gihe."

Avuga ko mu bikorwa vyiwe harimwo gukurikirana ibibanza vya gisirikare no kurondera ahobikwa ibice vy'amadrone ashobora gukoreshwa mu bitero ku bibanza kanaka vy'Uburusiya.

Agira ati: "Iyo ivyo bice vya drone biteranijwe… bivamwo ikirwanisho gikomeye cane, ku buryo n'igitero kimwe gusa gishobora gutikiza ikintu gifise agaciro k'amamiriyoni menshi cane y'amadolari."

Yarungikiye Mamon videwo isa n'iyimwerekana ariko anyegeza ibiturika hafi y'ikibuga c'indege za gisirikare c'Uburusiya.

Iyo afatwa, yari kwagirizwa iterabwoba, agaca apfungwa imyaka mirongo.

Foma we akora mu buryo butandukanye. Akorera kure, akigisha abakorerabushake biwe bo mu Burusiya aciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Mamon yaramwiboneye rimwe ariko aratanga izi nyigisho, zerekeye ingene bokurikirana intwazangabo mu gisirikare yategerezwa gukorerwako.

Ico gihe yabwira aba bakorerabushake biwe ati: "Jewe canke uwo dukorana tuzoguha dosiye irimwo amakuru y'uwo mutegerezwa gukurikirana. Izoba irimwo ifoto yiwe, amakuru yiwe, itariki y'amavuko, imyaka yiwe n'ibimuranga. Nimba afise imodoka, amakuru ayerekeye na yo azoba arimwo. Niwaba ugiye kumukurikirana, ntuze witwaze terefone."

Foma avuga ko yigeze kuba umwe mu bari mu nzego zo hejuru z'Uburusiya, ari co gituma yemeza ko afise urubuga rwihariye rw'abamuha amakuru y'imbere kandi buri mwanya.

Yeretse Mamon ku mashini nyabwonko yiwe ingene yacapuye ahantu hari ibirindiro n'ibindi bintu vya gisirikare yagomba gukurikirana.

Ati: "Ahantu herekana ububiko bw'amakuru... ahantu hari inyubakwa z'ububiko bw'ibikoresho, hamwe n'ibirindiro vya gisirikare. Aho abajenerali baba...ahaba abadereva b'indege z'intambara zidasanzwe zikoreshwa mu kurasa Ukraine.

"Kugira ngo usambure ikintu, utegerezwa kubanza gutahura ingene gikora. Ni ho ushobora kumenya ahoroshe ushobora guca."

Yavuze ko urubuga rwiwe rugizwe n'abantu bababa "mirongo itatu", bakwiragiye mu Burusiya, muri Ukraine no mu bindi bihugu vy'i Buraya. Abari hanze y'Uburusiya na bo batanga ubufasha mu gutegura no gushigikira ibikorwa, nko gukurikirana ibimenyetso umuntu asiga ku mashini nyabwonko.

Foma ashimangira ko GUR itanga amazina y'abategerezwa gukurikiranwa, ariko ko we hamwe n'abo bakorana babanza kwisuzumira ubwabo ko abo bantu koko bashobora gufatwa nk'abakoze ivyaha vya gisirikare.

Yagize ati: "Nk'uko bisanzwe, natwe turabanza gusuzuma ayo makuru [yerekeye uwo muntu]... Inyuma y'aho ni ho dufata ingingo nimba twomukorerako canke tutomukorerako."

Ariko avuga ko ibikorwa vy'umugwi wiwe bifise ishingiro.

Ati: "Nshaka ko abantu bakorera Putin n'Uburusiya bagakora ibintu bibi cane muri Ukraine bumva ko umusi umwe bazobibazwa. Nshaka ko bagira ubwoba."

Foma ashimangira kandi ko ivyo akora ari uguha gusa abanya-Ukraine amakuru y'igendereza, kandi ko abantu biwe batigeze bica abantu bo nyene ubwabo.

Ku bijanye n'iyicwa rya Jenerali Sarvarov, yishwe muri Kigarama (12) 2025, Foma mu nyuma yandikiye Mamon ubutumwa agira ati: "Kumurikirana vyarasavye akigoro gakomeye cane. Rimwe na rimwe yabana n'umukunzi wiwe, ikindi gihe naho akabana na mugenziwe bakorana. Yaragerageza kwama azimanganya ibimenyetso kandi buri gihe yama ahindagura integuro z'ibikorwa vyiwe."

Ariko Foma ntiyigeze abwira Mamon na BBC imbere y'igihe imigambi iyo ari yo yose yariko irategurwa.

Ariko Ivan yagumye ahishahisha amakuru ajanye n'ibikorwa yari yaragizemwo uruhara, mbere n'inyuma yavyo.

Foma na we yarakoze amatohoza yiwe bwite kuri Ivan.

Inyuma yo kuvugana n'abamuha amakuru bo mw'igendereza rya gisirikare muri Ukraine no mu Burusiya, Foma yabonye ko bishoboka cane ko Ivan yari yaragize uruhara mu mugambi wo gutera uruganda runini kuruta izindi ruhingura amadrone ya gisirikare rwo mu Burusiya, ruherereye i Yelabuga, muri Ruheshi (6) umwaka uheze. Bivugwa ko umuntu umwe yasize ubuzima muri ico gitero.

Ivan yashimangiye ko intego yama ari iyo kugerageza kwirinda guhitana ubuzima bw'abasivire.

Ariko kandi, ivyo bikorwa birimwo ingorane nyinshi no kuri Ivan ubwiwe.

Yavuze ati: "Ingorane ikomeye gusumba izindi zose nigeze kugira ni igihe imodoka narimwo yahagarikwa n'abajejwe umutekano, kandi nari nitwaje ibiturika nari nihinguriye. Ico gihe nticari coroshe na gato, ariko nk'uko ubibona, ntibashoboye kuntora."

Kugira ngo bakingire ibikorwa vyabo, Ivan avuga ko ata rwego rugaragara ruriho rwerekana ingene bakora, akavuga ko atarigera na rimwe ahura kandi ko atazi abo bandi bakorana muri ivyo bikorwa.

Foma na we nyene niko akorana n'abantu biwe.

Ati: "Iyo utanguye kwegeranya abantu mu mirwi mukavuganira mu kivunga ... ku buryo ushobora gusiga ibimenyetso kuri interineti, hari igihamana kibi cinshi co gufatwa mwese mugapfungwa canke mugasamburwa."

Ivan yashimangiye ko hasigaye abantu bake cane mu Burusiya bashobora gukora ibikorwa nk'ivyo.

Yavuze ati: "Abantu benshi bafise ivyiyumviro bindi baramaze kuva mu gihugu canke basanzwe bari mw'ibohero."

BBC yabwiwe ko hari Abarusiya benshi bisanga bagize uruhara muri ivyo bikorwa batabizi, nk'akarorero, umushoferi w'ikamyo ashobora gutwara umuzigo atazi ko urimwo ibintu biriko bikoreshwa muri ivyo bikorwa, canke abandi nabo bakaba babikora babizi kubera bahawe amafaranga.

Ku rundi ruhande, Ivan avuga ko akora ivyo bikorwa ahanini abitumwe n'imvo za poritike, kuko yahora ari umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi. Kubera ivyo, vyari vyitezwe ko inzego z'Uburusiya zimukurikiranira hafi cane.

Rero biratangaje kubona yarashobora kwinjira no gusohoka incuro nyinshi ntihagire ico aba.

Mamon yarashoboye kwumvisha Ivan ko yomujana mu bugaragwa bwa Géorgie, aho bashobora kuganirira bisanzuye, aca amubaza ingene Abanya-Ukraine boshobora kumwizera.

Ivan yamwishuye ati: "Uja mu kindi gihugu...ari naho uhurira n'abajejwe igendereza [rya Ukraine], hanyuma bakagupima nimba uri imvugakuri canke umubeshi."

Mamon yasavye Ivan ko yomuhuza n'umwe mu bakozi ba GUR bakorana na we muri Ukraine. Uwo muntu yaciye ahamagara Ivan ubwo nyene, terefone ishirwa ku ndangururamajwi, bikaba vyasa n'ivyerekana ko Ivan koko yamukorera. Bavuganye bakoresheje imvugo ihinyitse, bavuga ivyerekeye "gusanura ishure".

Mu nyuma uno muntu yaremeje ko atorekwa kwikeka ko Ivan ashobora kuba afasha n'Uburusiya, haba ku bushake canke ku gahato.

Foma abona ko kuba Ivan ashobora kugenda no kugaruka ata ntambamyi bidaca vyerekana ko ateye amakenga.

Yabwiye Mamon ati: "Hari ibihengeri vyinshi cane [mu butegetsi bw'igihugu], rero iyo ubizi canke ukagira amahirwe, urashobora kubicamwo...ukabaho ntihagire ico uba, nubwo boba baguhiga. Ni nk'imbeba iba yinyegeje kandi igendagenda mu mwenge w'iforomaje."

Ikindi gituma bamwe bamwizera kurushiriza ni uko, iyo Ivan aba yarakorera na FSB y'Uburusiya, vyari gushoboka cane ko yari gusangiza urwo rwego amakuru yari afise ku migambi y'ibitero vya Ukraine. Umwaka urenga imbere y'uko haba igitero gikomeye cakozwe n'amadrone arenga ijana ya Ukraine, Ivan yari yarabwiye Marcin ko hari himirije igitero gikomeye ku ndege z'intambara zidasanzwe zari ku bibuga vya gisirikare bitandukanye mu Burusiya, naho atigeze avuga igihe canke aho cari kubera.

Marcin yabajije Ivan ingene yashobora gukora igikorwa nk'ico.

Ivan yishuye ati: "Ubwoba ntibubura. Aho naja hose nama ndabufise. Mbere n'ubwo ata kintu na kimwe uba uriko urakora, ugumana ubwoba. Ubu ni Uburusiya."

Ariko rero, yari afise icizere ko umusi umwe ubuzima bwiwe buzohinduka bukamera neza.

Ati: "Putin ntazokwamaho ibihe bidahera."