Ethiopia yaronse indege z'Uburusiya n'ibikoresho vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere, mu gihe intambara ikomeye muri Tigray
Ethiopia ivuga ko yaronse indege 12 z’intambara zo mu bwoko bwa Su-35 zikorerwa mu Burusiya, mu gihe intambara igenda ikomera mu karere ka Tigray gaherereye mu buraruko bw’ico gihugu, kagahana urubibe na Eritrea.
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, iyo ari i Moscou mu nama y’Uburusiya na Afrika, yavuze ko kuronka izo ndege ari "intambwe ihambaye" izofasha gukomeza ubushobozi bwo kwivuna umwansi bw’igisirikare c’igihugu ciwe.
Yavuze kohaciye imyaka itari mikeEthiopia n’Uburusiya bumvikanye kuri ayo masezerano, ariko ko izo ndege zashitse imbere y’igihe cari gitegekanijwe. Yashimangiye ko Ethiopia ifise umugambi wo kugura mu Burusiya n’ibikoresho bine vy’ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere buzwi nka S-400.
Abiy Ahmed amenyesha ko ivyo bikoresho bikenewe gose kugira igihugu ciwe cikingire akaga n’ibitero bishobora guturuka hanze yaco.
Yongeyeko ko Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ari "umugenzi somambike wa Ethiopia", kandi ko kino gihugu kibaye ica mbere muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara gifise ubwo buhinga bwa gisirikare.
Ati: "Nitwananirwa no kwubaka ubu bushobozi, bizogorana ko igihugu cacu kibandanya kubaho muri aka karere turimwo. Ibihugu vyiteguye bihagije ntivyoroha kubihangara."
Mu myaka iheze, Uburusiya na Ethiopia vyaragiranye amasezerano atari make mu gisata co kwivuna abansi. Muri yo, harimwo ayo mu 2021 ajanye no kumenyereza abasirikare hamwe no guteza imbere ubuhinga bukoreshwa mu gisirikare.
Izindi nkuru wosoma: