Ethiopia: Umugore yibarutse abana batanu icarimwe, inyuma y'imyaka 12 arondera kuvyara

Ahavuye isanamu, Hiwot Fana Specialised Hospital
- Umwanditsi, Michael Teferi
- Igikorwa, BBC Africa
- Igihe co gusoma: iminota 3
Umugore yibarutse abana batanu icarimwe mu buryo budasanzwe mu karere ka Harari muri Ethiopia, inyuma y'imyaka 12 arondera kwibaruka.
Bedriya Adem yavuze ko we n'umugabo wiwe "banezerewe cane" no "guhezagirwa n'abana batanu icarimwe".
Uwo mugore w'imyaka 35 yibarutse abahungu bane n'umwigeme umwe, bose bakaba "bafise amagara meza", nk'uko ibitaro vya Hiwot Fana Specialised Hospital vyabimenyesheje.
Yabwiye BBC ati: "Sinshobora gusigura umunezero mfise mu majambo", yibuka ko yari "yuzuye agahinda n'umubabaro" gushika amasengesho yiwe yumviswe.
Umukuru w'abaganga muri ivyo bitaro, Dr Mohammed Nur Abdulahi, yavuze ko uwo muvyeyi n'abo bana bakiri mu bitaro bariko baritabwaho n'abaganga.
Abo bana bapima hagati y'ibilo 1.3 na 1.4.
Yabwiye BBC ko abana bavutse bapima ibiro birenga kimwe baba bafise amahirwe menshi yo kubaho no gukura neza.
Uwo muganga yabwiye BBC kandi ko Bedriya yasamye mu buryo busanzwe, atifashishije uburyo bwo gufashwa gusama buzwi nka IVF, ubusanzwe ivyo bitaro bidatanga.
IVF ishobora kwongera amahirwe yo kwibaruka abana benshi icarimwe igihe insoro zirenga imwe zishizwe mu gitereko.
Amahirwe yo gusama abana batanu icarimwe mu buryo busanzwe ni nk'umwe mu miliyoni 55.

Ahavuye isanamu, Hiwot Fana Specialised Hospital
Uwo muganga yavuze ko abo bana bavutse biciye mu kubagwa (Caesarean) ku mugoroba wo ku wa kabiri.
Mohammed yavuze ati: "Yaronse ubuvuzi busanzwe mu gihe cose yari afise inda kandi yari yarabwiwe ko yasamye abana barenze umwe.
"Yaronkejwe ubufasha bwose bukenewe bw'abaganga kuva agisama gushika yibarutse".
Bedriya yavuze ko mu ntango yari yabwiwe ko afise inda y'abana bane, ariko igihe yibaruka basanga harimwo uwundi umwe.
Yagize ati: "Nasavye Imana umwana umwe gusa, ariko Allah ampa abana batanu," avuga uko yiyumva muri iyo "myaka myinshi yo kurindira".
Uwo muvyeyi yibarutse bwa mbere yavuze ko umugabo wiwe yari asanzwe afise uwundi mwana yaronse mu kindi gihe c'ubugeni, kandi uwo mwana yabana na bo.
Yagize ati: "Yahora ambwira ko uwo mwana yari ahagije kandi ko ntategerezwa guhangayika, ariko mu mutima nariko ndababara cane, mu vyiyumviro no mu mutima, kuko abantu bose bo ku mutumba bahora bambaza igituma ntavyara."
Yongeyeko ati: "Ivyo naciyemwo mu bihe vya kera ubu numva ari nk'indoto ya kure cane, mbere ntanipfuza kuvyibuka."
"Namaze imyaka 12 mu mubabaro, nihisha abantu kandi nsenga ubudasiba nsaba abana. Amaherezo Allah aranyumvise."
Yavuze kandi ko ari umurimyi n'umworozi mutoyi ataramenya neza ingene azotunga umuryango wiwe wagutse.
Ati: "Ariko ndizera ko Allah azobitanga biciye ku mfashanyo y'abanyagihugu hamwe na reta."
Abo bana yise "imihezagiro itanu" bahawe amazina ya Naif, Ammar, Munzir, Nazira na Ansar.












