Ibitero vy’Abahouthi vyatumye “hafi ibice 90 kw’ijana” vy’ingendo z’indege zija canke ziva Riyadh zihagarara

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibiharuro biva ku mbuga zikurikirana ingendo z’indege vyerekana ko ibitero vy’Abahouthi bo muri Yemeni vyagize ingaruka ku kirere c’i Riyadh aho ingendo 9 kuri 10 zari zitegekanijwe kuja canke kuva kuri uwo murwa mukuru wa Arabiya Sawudite zahagaze.
Ibiharuro bitangwa n’urubuga Cirium rukora ivyegeranyo n’isesangura ry’amakuru ku ngendo z’indege vyerekana ko hagati yo ku wa 8 no ku wa 25 Gitugutu (10), ingendo 4.071 ku 4.736 zari zitegekanijwe zahagaritswe.
Mu mezi aheze, Abahouthi – bafitaniye imigenderanire na Irani – barongereje ibitero vya misire na drones bagaba ku bibanza bitunganirizwamwo ibitoro, ibivuko n’ibibuga vy’indege vya Arabiya Sawudite.
Ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Riyadh, ari na co ca kabiri cakira ingendo nyinshi inyuma y’ico mu gisagara ca Jeddah, kimaze kugabwako ibitero vy’Abahouthi incuro zitari nke. Muri ivyo, harimwo ico ku wa 10 Gitugutu (10) cahitanye abantu 13.
Ku munsi w’ejo, abategetsi ba Arabiya Sawudite batangaje ko bagiye gusubira kwugurura ikibuga c’indege ca King Khalid kiri i Riyadh, inyuma y’amayinga abiri cari kimaze kidakora. Yamara amakuru yakurikiye yerekanye ko ibitero vy’Abahouthi vyabandanije, bituma ingendo nyinshi z’indege zihagarikwa.
Abahouthi bagabishije ko ikibuga c’indege ca Riyadh kibandanya gufatwa nk’“akarere gashobora kuraswa” kandi ko “kitari ahantu hatekanye.”
Izindi nkuru wosoma:




