Uburusiya buvuga ko inganda zayo zitatu zitunganya igitoro zatewe kuri uno wa gatanu

Moscou ivuga ko Ukraine yasubiye kugambararira Perezida Donald Trump wa Amerika ku vyo yasavye vyo guhagarika ibitero ku nganda zitunganya igitoro zo mu Burusiya, kubera ingaruka zavyo ku biciro vya mazutu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gisele Berwa na Gildas Yihundimpundu.

  1. Uburusiya buvuga ko inganda zayo zitatu zitunganya igitoro zatewe kuri uno wa gatanu

    Igitero ku ruganda rw'igitoro

    Alexander Novak, icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, yatangaje ko kuri uno wa gatanu hagabwe ikindi gitero ku bigo bitatu bitunganya igitoro vy’Uburusiya, hamwe n’uruganda rutunganya gaze.

    Yavuze ati: “Ego, uno musi habaye ikindi gitero ku nganda zitunganya igitoro. Uruganda rumwe rwononekaye gatoyi gusa, ariko muri rusangi ubuhinga bwacu bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoze neza.”

    Novak asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru TASS avuga ko inyuma y’igihe gito ata bitero bihabaye, ibitero ku nganda zitunganya igitoro vyasubiye gutangura, ariko ko amakompanyi y’Uburusiya ariko arakingira ibikorwa vyayo.

    Imbere y’uko atangaza ibi, abategetsi b’Uburusiya ntibari bwatangaze ibitero bishasha vyagabwe kuri izo nganda. Ariko umufasha wa Perezida w’Uburusiya, Yuri Ushakov, yavuze ko ico gitero atari ikintu gitangaje.

    Yagirije ubutegetsi bwa Ukraine ko bwongeye kugambararira Perezida Donald Trump wa Amerika ku vyo yasavye vyo guhagarika ibitero ku nganda zitunganya igitoro zo mu Burusiya, kubera ingaruka zavyo ku biciro vya mazutu.

    Yaba Novak canke Ushakov, nta n’umwe yavuze amazina y’izi nganda zatewe kuri uwo wa gatanu.

    Gusa, buramatari w’intara ya Samara yatangaje ko habaye igitero gikomeye, mu gihe urubuga Fire Point rwavuze ko uruganda rw’igitoro rwa Novokuibyshevsk ari rwo rwagabweko igitero.

    Hagati aho, Uburusiya na bwo nyene nta gahengwe buha Ukraine, aho havugwa ibitero mu ntara zitandukanye, harimwo, Kyiv na Dnipropetrovsk, aho Uburusiya bwarashe ibigo ntanganguvu bigatuma umuyagankuba ucika, nk’uko bitangazwa n’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe amasoko ntanganguvu.

    Mu ntara ya Sumy naho, umugore umwe yishwe abandi bantu umunani barakomereka inyuma y’igitero c’indege zitajamwo abadereva (drone) z’Uburusiya mu gisagara ca Shostka, muri iyo ntara.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Trump avuga ko intambara ya Iran igiye kurangira vuba

    Trump

    Igihe yari mu myiyamamazo y’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka ateganijwe ku wa 3 Munyonyo (11) muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Perezida Donald Trump yavuze ko yemera ko intambara iri hagati ya Amerika na Iran igiye kurangira vuba, naho atasiguye ingene ivyo bizoshikwako.

    Mu kiganiro yahaye iradiyo KCMO yo mu gisagara ca Kansas City, Trump yavuze ati: "Vuba cane intambara irarangira."

    Yavuze kandi ko Amerika ikeneye icemezo c’uko Iran itazokwigera itunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

    Amaze imisi avuga ko Amerika itazotera Iran imbere y’ayo matora.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Papa yohereje urupapuro rw'itora binyuze mu iposita

    Papa Leo
    Insiguro y'isanamu, Papa yohereje ijwi rye abinyujije ku iposita

    Papa Leo yohereje ijwi rye mu matora yo hagati muri manda muri Amerika, akoresheje uburyo bwo kohereza urupapuro rw’itora binyuze mu iposita bizwi nka mail-in vote.

    Bivugwa ko ari ubwa mbere mu mateka umushumba wa Kiliziya Gatolika ku isi atoye mu matora asanzwe ya politiki adafitanye isano n’idini.

    Vatikani yatangaje ko Papa yemera ko buri muturage afite inshingano zo kugira uruhare mu bikorwa bya demokarasi, harimo no kwitabira amatora.

    Uyu Papa wavukiye mu mujyi wa Chicago, yanditse ku rutonde rw’abemerewe gutora mu karere ka Will, muri leta ya Illinois.

    Muri ayo matora, abaturage barimo gutora senateri mushya, ubahagarariye mu Nteko Ishinga Amategeko ya Amerika (Congress), ndetse na guverineri mushya

    Ku rundi ruhande, Donald Trump, na we wigeze gutora akoresheje uburyo bwo kohereza urupapuro rw’itora mu posita, avuga ko ubwo buryo burangwa n’uburiganya bukabije. Icyakora, ubushakashatsi bugaragaza ko ibibazo by’uburiganya bugaragara muri ubwo buryo bwo gutora ari buke cyane.

    izindi nkuru wasoma:

  4. Tanzania na Angola vyumvikanye guhuza ibahari Indiyano na Atlantike biciye ku nzira ya gari ya moshi

    indarayi

    Tanzania na Angola vyumvikanye guhuza imihora yavyo yo gutwara abantu n’ibintu ihuza Ibahari Indiyano n’Ibahari Atlantike biciye ku nzira ya gari ya moshi izoca muri Zambia no muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), nk'uko vyatangajwe na Perezida wa Tanzania, Samia Suluhu Hassan.

    Inzira ya gari ya moshi ya Benguela yo muri Angola izohuzwa n’iya TAZARA ihuza Tanzania na Zambia, isanzwe igarukira ku kivuko ca Dar es Salaam.

    Ico gikorwa kizohuza Umuhora wa Lobito uri ku nkengera z’Ibahari ya Atlantike n’Umuhora wo Hagati urangirira ku nkengera z’Ibahari Indiyano.

    Perezida Samia Suluhu Hassan ntiyatangaje igihe uwo mugambi uzoba warangiye igihe yavugana n’abanyamakuru.

    Mu mwaka wa 2025, Ubushinwa bwasinye amasezerano y’agaciro ka miliyari 1.4 z’amadolari y’Amerika na Zambia hamwe na Tanzania yo gusubiramwo no guteza imbere inzira ya gari ya moshi ya TAZARA, bukaba bwari bwaraterereye mw’iyubakwa ryayo mu myaka ya 1970 mu ntumbero yo kworosha ishorwa ry’ubutare bw’umujumpu no kwinjiza ibitoro.

    Muri iyi ndwi, ikompanyi y’ubwubatsi yo mu Butaliyano , Webuild, yatangaje ko yatsindiye isoko ryo kwubaka igice c’inzira ya gari ya moshi y’Umuhora wa Lobito muri Zambia.

    Inzira ya gari ya moshi ya TAZARA yari imaze igihe ibonwa nk’iyasubirira Umuhora wa Lobito, ushigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Bulaya, uhuza Angola, uciye muri Zambia, ugashika muri RDC.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. 'Muri F1 nta wigeze uhaba umeze nkanjye' – Hamilton

    ifoto ya Lewis Hamilton yambaye umupira n'ingofero bitukura
    Insiguro y'isanamu, Lewis Hamilton yatangiye gukina muri Ferrari mu 2025

    Lewis Hamilton avuga ko ari umushoferi utandukanye n’abandi bose Formula 1 (F1) yigeze igira, kandi yongeye gushimangira ko afite umugambi wo gukomeza gusiganwa kugeza ageze mu myaka 45 cyangwa irenga.

    Uyu mukinnyi wegukanye igikombe cy’isi inshuro zirindwi yavuze ko ashaka gukomeza muri uyu mukino kugira ngo agere ku nzozi ze zo kuzasiganwa muri Afurika. Ibi yabivuze nyuma y’imyaka myinshi aharanira ko isiganwa rya Grand Prix ryazajya ribera kuri uyu mugabane.

    F1 yamaze gusinyana amasezerano y’imyaka 10 n’igihugu cy’u Rwanda, azatangira mu ntangiriro z’imyaka ya 2030. Iri rizaba isiganwa rya mbere rya F1 ribereye ku mugabane wa Afurika kuva mu mwaka wa 1993.

    Uyu mwongereza yavuze ko mu myaka 70 ishize uyu mukino umaze nta wundi muntu wigeze ubamo umeze nka we, kandi ko yumva yararemwe mu buryo bwihariye butandukanye n’abandi.

    Hamilton azaba afite imyaka nibura 45 igihe iryo siganwa rizabera. Ni imyaka ingana n’iyo Fernando Alonso, umushoferi wa Aston Martin, azaba afite mu mwaka utaha kandi azaba agikomeje gukina muri F1. Icyakora, mu kiganiro n’abanyamakuru cyabaye mbere y’isiganwa rya Grand Prix ryo muri Mexico muri iyi weekend, Hamilton yavuze ko akwiriye gufatwa nk’umwihariko.

    “Ese mwabonye uburyo nakiriye ibintu vuba mu isiganwa riheruka? Nari nihuse kurusha bamwe mu bashoferi bakiri bato cyane bari hano.

    Hamilton yagize ibihe bikomeye mu mwaka we wa mbere akorera ikipe ya Ferrari, ariko muri uyu mwaka yagize umusaruro mwiza cyane kurushaho. Muri byo harimo no gutsinda isiganwa rya Grand Prix rya Barcelona-Catalunya mukwezi kwa 6.

    Hamilton yavuze ko yagaragaje ko agifite ubushobozi bwo guhatana ku rwego rwo hejuru muri uyu mukino.

    Yongeyeho ati:“Igihe ni cyo kizerekana niba nzaba nkiri hano mu myaka ya 2030. Sinifuza gukomeza muri uyu mukino igihe ubushobozi bwanjye bwo kwitwara neza mu masiganwa buzaba butakiri ku rwego rukwiye, ku buryo naba nkomeje kuhaguma ntakibasha gutanga umusaruro mwiza.”

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Vyabaye ngombwa ko Mbappé asaba imbabazi Ubushinwa, ariko benshi ntibazi neza ivyo yavuze

    Mbappe

    Mu gihe Kylian Mbappé yari yitavye ibirori vyo gutanga agashimwe ka Ballon d'Or i Londres ku mugoroba wo ku wa mbere w’iyi ndwi, yisanze mu mpari zikomeye ku mbuga nyagiro zo mu Bushinwa.

    Abafana b’umupira w’amaguru babonye video aho Mbappé atera inkuru kw’isanamu yo gukekeza avuga ko imutwenza kurusha izindi zose. Iyo sanamu yerekana isura yiwe igeretse kw’isanamu y’indongozi y’umushinwa asa na Mao Zedong, ari na we yatangujue intwaro ya gikomunista y’Ubushinwa.

    Naho Mbappé atigeze avuga izina rya Mao mu buryo butomoye, benshi mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi mu Bushinwa babifashe nk’ugutuka uwo mutegetsi afatwa nk’ikimenyetso gikomeye kandi c’iteka muri kahise k’iki gihugu.

    Ivyo vyaciye biteza uburakari bukomeye bwakwiragiye n’umuvuduko munini ku mbuga nyagiro zo mu Bushinwa. Abatari bake bagiriza uwo mukinyi wa Real Madrid kutubaha Ubushinwa na kahise kabwo.

    Ibigo vy’ubudandaji vy’Ubushinwa, kimwe inyuma y’ikindi, vyaciye bihagarika amasezerano vyari bifitaniye na we, ikompanyi China Media Group, ari nayo mwene televiziyo ya reta CCTV, na yo ica ihagarika kwerekana inkino z’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Espagne, La Liga. N’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu bwaraneguye ayo majambo, buvuga ko “Amajambo n’ibikorwa bibabaza imitima y’Abashinwa vyiyamirizwa bikomeye mu mpande zoze z’igihugu”.

    Ariko igitangaje muri vyose ni uko benshi mu bagaragaje uburake batari bazi neza ico Mbappé yari yavuze. Kubera uburyo bukomeye Ubushinwa bukoresha mu kugenzura no gucengera ibica kuri internet, butuma abanyagihugu bababa miliyari 1,4 batamenya ibiriko birazunguruka kuri internet kw’isi yose, benshi ntibazi neza icabaye.

    Mao Zedong
    Insiguro y'isanamu, Gutuka canke gutyoza Mao Zedong, indongozi yatanguje intwaro ya gikomunista ni icaha gihanwa n'amategeko mu Bushinwa

    Kubera igitsure gikomeye, Mbappé yasohoye ubutumwa bwo gusaba imbabazi ku mugaragaro, avuga ko yicuza cane ku majambo avuga ko ari mabi. Abarongoye Real Madrid na La Liga na bo nyene basavye imbabazi, ivyerekana ikibanza umupira w’amaguru mpuzamakungu ufise mu Bushinwa.

    Naho abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko bafashe iki gikorwa c’ugusaba imbabazi ko ari ikintu gihambaye, uburakari bw’abanyagihugu ku mbuga nyagiro buracakomeye. Bamwe bavuga ko gushinyaguriza Mao ari ikintu kidashobora kwihanganirwa naho umuntu yosaba imbabazi, mu gihe abandi baguma barondera kumenya mu vy’ukuri ico Mbappé yavuze.

    Ayandi makuru kuri Mbappe ushobora gusoma:

  7. Tanzania: ONU ivuga ko ipfungwa rya Tundu Lissu riteye kubiri n’amategeko

    Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania, Tundu Lissu (hagati), yambaye amarori, agapira n’inkofero vyera.

    Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ribicishije ku bahinga baryo, rivuga ko ipfungwa rya Tundu Antipas Lissu, umukuru w’umugambwe CHADEMA w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania, rinyuranye n’amategeko.

    Mw’itangazo ryarungikiwe ibimenyeshamakuru, ONU yavuze iti: “Umurwi w’Ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe gukurikirana ibijanye no gupfungira abantu ubusa, wasanze ipfungwa rya Lissu ritubahirije amategeko kandi ko yapfunzwe ata mvo zumvikana.”

    Lissu yatawe muri yompi kuva muri Ndamukiza (4) 2025, yagirizwa icaha c’ubuhemu, gishobora no guhanishwa igihano c’urupfu. Bitegekanijwe ko urubanza rwiwe ruzosomwa ku wa 6 Munyonyo (11) 2026.

    Nk’uko umushingwamanza wa CHADEMA abivuga, ku wa 26 Gitugutu (10) 2026, Lissu yaratanguye yegereyegere yo kwisonzesha mu ntumbero yo kwiyamiriza ingingo yo kumubuza kubonana n’abamuburanira, ata wundi ariko arabumviriza.

    Hambavu ya dosiye ya Lissu, abo bahinga ba ONU bagaragaje kandi impungenge ku bantu amajana bivugwa ko bamaze igihe kirekire bapfunzwe muri Tanzania ata mvo zumvikana, bakaba bataranarengutswa mu butungane.

    Benshi muri bo bafashwe ku vyaha vy’ubuhemu no kugumuka, nk’uko abo bahinga babivuga.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Ibiciro vy’igitoro bibandanya kuduga kw’isi inyuma y’amakuru avuga ko ubwato bwagiye buca ku ma ‘mine’ muri Hormuz

    Ubwato bwagiriye ingorane y'uguturika muri Hormuz (ifoto mbarankuru yo mu bubiko).

    Ibiciro vy’igitoro ku rwego rw’isi vyabandanije kuduga ku wa gatanu, inyuma y’amakuru yavuzwe ko ubwato butari buke butwara igitoro bwagiye buca ku bisasu vyo mu bwoko bwa ‘mine’ mu muhora w’ingombane wa Hormuz.

    Nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse, izo mpanuka zongeye gushimangira ko hakiri akaga n’ingorane bishobora gutuma ukwunguruza no gukwiragiza igitoro kw’isoko mpuzamakungu bihungabana.

    Igiciro ca peterori izwi nka Brent isanzwe ari mfatirwako mu gushinga ibiciro, ku bayiguze ariko bazoyishikirizwa mu kwezi kwa 12, ciyongereyeko idolari 1.20 gica gishika ku madolari 116.8 ku kagunguru kamwe.

    Igiciro c’igitoro kidatunganije co muri Amerika kizwi nka West Texas Intermediate (WTI) na co nyene ciyongereyeko idolari 1.37 kigera ku madolari 103.37 ku kagunguru.

    Kuva mu ntango za kuno kwezi, igiciro c’igitoro co mu bwoko bwa Brent caduze hafi urugero rwa 11 kw’ijana (11%), mu gihe ic’igitoro co muri Amerika caduze hafi 14 kw’ijana (14%).

    Izindi nkuru wosoma:

  9. El Salvador: Uwahoze ari Perezida yafunguwe nyuma yo kurangiza igihano

    Perezida wa El Salvador Elias Antonio Saca arimo kuvugira kuri mikoro, yambaye umupira w'ibara rya kaki, ufite amaboko y'ubururu bwijimye. Imbere ye hicaye umugore utagaragara neza, wambaye agapfukamunwa, ikoti ry'ubururu, n'amadarubindi.
    Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari perezida wa El Salvador Elias Antonio Saca ubwo yarimo gutanga ubuhamya imbere ya komisiyo mu iperereza ku bikorwa bya ruswa, mu 2021

    Elias Antonio "Tony" Saca, wahoze ari Perezida wa El Salvador wari warafunzwe azira ibyaha bya ruswa, yafunguwe kuri uyu wa kane, nk'uko byatangajwe n'umwunganizi we mu mategeko.

    Ibiro ntaramakuru Reuters dukesha iyi nkuru, bivuga ko Saca, w'imyaka 61, yarangije igifungo cy’imyaka 10 yakatiwe, nyuma yo kwemera icyaha cyo kunyereza umutungo n’iyezandonke ry’arenga miliyoni 300 z'amadolari ya Amerika yari mu ngengo y'imari ya leta mu gihe yayoboraga igihugu hagati ya 2004 na 2009.

    Umwunganizi we, Mario Machado, yavuze ko uwahoze ari Perezida yarangije igihano cye cyose atabonye inyungu zo kugabanyirizwa igihe cy'igifungo cyangwa kurekurwa mbere y'igihe.

    Yagize ati: "Imyaka 10 yose yarangiye. Twaje mu rukiko gutanga amakuru yemeza ko yafunguwe."

    N’ubwo Saca yakatiwe n’urukiko mu mwaka wa 2018, igihano cye cyatangiye kubarwa bahereye muri 2016, ubwo yatabwaga muri yombi, muri gahunda y'ubukwe bw'umuhungu we.

    Amasezerano yemeye kugirana n'ubushinjacyaha yamufashije kugabanyirizwa igihano cyashoboraga kugera ku myaka 30 y'igifungo.

    Saca ni umwe mu baperezida bane bayoboye El Salvador bashinjwe ruswa, n’ubwo abandi batatu batigeze bakatirwa n’inkiko.

    Mauricio Funes na Salvador Sánchez Cerén bahungiye muri Nicaragua, mu gihe Francisco Flores yapfuye urubanza rwe rutaratangira.

    Saca, wari umucuruzi akaba n'umunyamakuru, yayoboye El Salvador ahagarariye ishyaka ry'abatsimbarara ku mateka yo hambere rya Nationalist Republican Alliance (ARENA).

    Mu mwaka wa 2014, nyuma yo kwirukanwa muri iri shyaka, yagerageje kongera kwiyamamariza kuyobora igihugu abinyujije mu ishyaka Grand Alliance for National Unity (GANA), ariko Urukiko rw'Ikirenga rwemeza ko uko kwiyamamaza kunyuranyije n'Itegeko Nshinga.

    Ubushinjacyaha bwamushinjaga gukoresha amafaranga ya leta ku nyungu ze bwite no gufasha abo bari bafatanyije mu bya politiki, harimo no kohereza amafaranga menshi mu ishyaka rye.

    Mu zindi manza mbonezamubano, Saca yanategetswe kwishyura leta miliyoni nyinshi z'amadolari, yari yaranyereje.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Umukinnyi wa filime w'icyamamare Sir Patrick Stewart yapfuye

    Patrick mu bihembo bya Peabody
    Insiguro y'isanamu, Sir Patrick Stewart, wamamaye muri filime y’uruhererekane rwa Star Trek, yapfuye afite imyaka 86

    Umukinnyi wa filime, Sir Patrick Stewart, wamamaye cyane kubera uruhare rwe muri filime y’uruhererekane rwa Star Trek, yapfuye afite imyaka 86.

    Amakuru y’urupfu rwe yatangajwe ku mbuga nkoranyambaga ze, avuga ko yapfiriye iwe mu rugo i Los Angeles tariki 28 ukwakira (10) nyuma yo kurwara indwara ya Alzheimer (kwibagirwa) n’indi izwi nka Lewy Body Dementia ifata imitsi y’ubwonko kugeza aho butagifite ubushobozi bwo kwibuka, gutekereza, kwigenzura mu kugenda,…

    Itangazo ryashyizwe hanze rivuga ko yari kumwe n’umugore we Sunny, anakikijwe n’abagize umuryango n’inshuti ze za hafi mu minsi ye ya nyuma.

    Rikomeza rivuga ko yari ataramiwe, yumva umuziki inyumvankumve, amasengesho, amarira n’ibyishimo, ibintu byagaragazaga urukundo n’icyubahiro yari afitiwe n’abamwegereye.

    Stewart asize amateka akomeye mu mwuga yamazemo imyaka irenga 70.

    Yegukanye ibihembo byinshi birimo Emmy Awards na Golden Globes, ahabwa n’inyenyeri ku muhanda wa Hollywood Walk of Fame ndetse anagirwa intwari y’Ubwongereza n’Umwamikazi Elizabeth II.

    Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth II, yambika ikamba ry'ubutwari, icyamamare Patrick Stewart
    Insiguro y'isanamu, Mu bahaye agaciro ibikorwa bye, harimo n'umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth II

    Patrick yavukiye i Mirfield mu ntara ya Yorkshire mu Bwongereza, mbere yo kwamamara mu itsinda ry’amakinamico rya Royal Shakespeare Company. Nyuma yaho yubatse izina rikomeye muri cinema, kuri televiziyo no ku rubyiniro rwa Broadway muri Amerika.

    Abamuzi bavuga ko yari afite ijwi ryihariye n’impano idasanzwe byatumye yigarurira abakunzi ba cinema ku isi yose.

    Uretse kumenyekana nka Kapiteni Jean-Luc Picard muri Star Trek, yanagaragaye mu zindi filime zikomeye zirimo izo muri Marvel Cinematic Universe.

    Mu itangazo ryasohotse nyuma y’urupfu rwe, umuryango we wavuze ko ibikorwa bye by’ubuhanzi byaherekezwaga n’ubwitange bwe mu bikorwa byo gufasha abandi, birimo kurengera uburenganzira bwa muntu, gufasha impunzi, abarokotse ihohoterwa ryo mu ngo ndetse n’abahoze mu gisirikare bafite ibibazo by’ubuzima bwo mu mutwe.

    Stewart azakomeza kwibukwa nk’umwe mu bakinnyi ba filime bakomeye bo mu bihe bye, wubatse umusingi ukomeye mu mateka ya sinema n’ikinamico ku isi.

    Mu magambo yakuwe mu gitabo cy’amateka y’ubuzima bwe, yavuze ko n’ubwo ubuzima bwe bwamugejeje kure cyane, yakomeje gukunda aho yakomokaga, ibintu byamuhaga umwirondoro ushyitse wubakiye kuri gakondo ye, ndetse bikamwibutsa buri gihe umuhamagaro wo gutaha iwabo.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Amafaranga ‘crypto’ y’agaciro ka miliyaridi 6.3 USD yagizweko igitero co kuri internet

    Iyi foto yerekana ibishushanyo vy’ibiceri bikozwe mu nzahabu vy’amahera yo kuri internet Bitcoin.

    Ikigo Binance gikomeye cane mu vyerekeye amafaranga yo kuri internet azwi nka ‘crypto’, kivuga ko ingorane y’umutekano yabaye ku wa kane ku rubuga rwaco yagize ingaruka ku matungo afise agaciro kagera kuri miliyaridi 6.3 z’amadolari y’Abanyamerika.

    Binance, urubuga runini kuruta izindi kw’isi mu kugurisha no kugura amafaranga yo kuri internet yo mu bwoko bwa ‘crypto’, ruvuga ko hafi ica kabiri c’ayo matungo camaze guhagarikwa biciye ku bufasha bw’izindi mbuga zikora ivy’ubwo bwoko bw’amafaranga.

    Rwavuze kandi ko ruzoriha amahera yose azoba yatakaye.

    Binance yavuze ko ivyegeranyo vya mbere vy’itohoza vyerekana ko abagize igitero bashobora kuba baciye kuri mudasobwa ngendanwa y’umuhinga akora muri ico kigo, yari ifise akagorane. Ako kagorane koba katumye uwagavye igitero ashobora gukura amafaranga kuri urwo rubuga atabifitiye uruhusha.

    Bivugwa ko ari co “gitero gihambaye kuruta ibindi vyose vyabaye muri kahise” mu bijanye n’amafaranga yo kuri internet. Gisumba icari cabaye mu 2025, aho urubuga Bybit rwibwe amafaranga afise agaciro ka miliyaridi 1.5 z’amadolari y’Abanyamerika.

    Iki gitero gishasha cegetswe ku murwi TraderTraitor wo muri Koreya ya Ruguru usanzwe uzwi kuri mwene ubwo bugizi bwa nabi.

    Ico kibazo cerekeye urubuga Binance.com. Ariko urundi rubuga ruto cane rwa Binance.US, rutanga ‘services’ zo kugura no kugurisha ayo mafaranga ku banyamerika gusa, rwavuze ko rutigeze rugirwako ingaruka n’ico kibazo.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. RDC: Ihuriro C64 rirasaba umuryango w’Ubumwe bw'Uburayi gushyigikira ibiganiro bihuza abanyekongo bose

    Martin Fayulu, mu ikoti ry'ikijuju, ishati y'umweru na karavati y'umuhondo, irimo utudomo
    Insiguro y'isanamu, Martin Fayulu arasaba EU kujyanisha dipolomasi n'ibikorwa

    Ihuriro C64 ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) rirashishikariza Ubumwe bw’Uburayi (EU) gushyigikira 'bihagije' ibiganiro bya politike byo mu gihugu bihuza Abanyekongo bose.

    Nk’uko bitangazwa n’urubuga rwa radiyo y’Abafaransa (RFI), abayobozi b’iryo huriro babisabye mu nama bagiranye n'abashinzwe akarere ka Afurika yo hagati muri SEAE (Urwego rwa EU rushinzwe ibikorwa byo hanze), yabereye i Bruxelles mu Bubiligi, ku wa kane tariki ya 29 Ukwakira.

    Abayobozi ba C64 banenze icyo babona nk'ukutajyana kw'imvugo n'ibikorwa bya dipolomasi y'Ubumwe bw'Uburayi. Bavuga ko n'ubwo uwo muryango uhora ushimangira ko Afurika ari umufatanyabikorwa w’ingenzi kuri wo, kugeza ubu ibikorwa bifatika byo gushyigikira demokarasi muri RDC bikiri bike.

    Martin Fayulu, umwe mu bayobozi b’iryo huriro, yagize ati: "Icyo mudakora ni ukwamagana ihonyorwa rikomeje kandi rishingiye kuri gahunda y'uburenganzira bwa muntu. Icyo mudakora, ni ukwamagana umugambi wo kurenga ku Itegeko Nshinga rya Congo. Icyo mudakora, ntimushyigikira bihagije ibiganiro bya politiki birimo bose".

    Ku bwe, "nta gufata ubutegetsi binyuze mu kurenga ku Itegeko Nshinga, kandi nta no kubufata hakoreshejwe intwaro."

    Ububiligi, bubinyujije kuri Minisitiri wabwo w’Ububanyi n’Amahanga, Maxime Prévôt, bwamaganye ihuriro rishya rya politiki n’igisirikare ryitwa FRN (Front pour la Refondation de la Nation), riherutse gushingwa na Joseph Kabila wahoze ari Perezida wa RDC.

    Nyuma y'inama i Bruxelles, intumwa za C64 zahuye kandi n'ibiro bya politiki bya rimwe mu mashyaka ari ku butegetsi mu Bubiligi, ariko ntizashoboye kubonana na Maxime Prévôt.

    Icyakora, iryo huriro ribona ko Joseph Kabila akwiye kugira uruhare mu biganiro bya politiki bigomba guhuza Abanyekongo bose.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Israel: Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yagirije Netanyahu kugerageza gutuma ivyavuye mu matora bitemerwa

    Abantu bari mu myiyerekano bafise ibendera ryanditseko ngo “Kunda umubanyi wawe”, mu ndimi z’Icarabu n’Igiheburayo.

    Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Israel, Gadi Eisenkot, hamwe n’abakuru b’imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu, baneguye umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, inyuma y’uko avuze ko hari ibihugu vyo hanze vyivanze mu matora.

    Ni mu gihe ururani rw’imigambwe arongoye rwatakaje ubwiganze mu nama nshingamateka.

    Umugambwe Likud wa Netanyahu wagirije imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu ko “yivye” amatora. Urwego rujejwe umutekano w’imbere mu gihugu, Shin Bet, ruriko ruratohoza nimba koko iyo migambwe yararonse amahera avuye muri Qatar no muri Turukiya, mu buryo butemewe n’amategeko.

    Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Qatar burahakana ivyo bwise ibirego “biteye isoni kandi vy’akaga”. Bwagiriza abanyapolitike ba Israel gukoresha amakuru y’ibinyoma mu ntumbero yo kwambika izina ribi Doha.

    Ivyavuye mu matora vyerekana ko ata ruhande na rumwe, haba urushigikiye Netanyahu canke urw’Abayahudi batavuga rumwe na we, rwaronse ubwiganze mu nama nshingamateka.

    Urunani rw’imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu, ari yo The Joint List na Ra’am, rwaronse amajwi asumba ayari yitezwe. Rufise ibibanza 19 kw’120 bigize inama nshingamateka ya Israel. Ivyo vyatewe n’uko igitigiri c’Abayahudi b’Abarabu bitavye amatora congerekanye ku rugero runini cane.

    Ivyo bituma uwo murwi ushobora kugira uruhara rukomeye mu kugena abazogira ubwiganze mu nama nshingamateka. Urunani rw’imigambwe rurongowe na Netanyahu rwaronse ibibanza 53, mu gihe urw’uwo bahanganye cane, Gadi Eisenkot, rwaronse 48.

    Ku wa kane, umugambwe Likud wagirije imigambwe y’Abayahudi b’Abarabu ko yatanze amahera kugira abantu bayitore, inyuma y’uko umukuru w’akanama k’igihugu kajejwe amatora asavye urwego Shin Bet gutohoza “amakenga akomeye” y’uko hoba hari ibihugu vyo hanze vyivanze mu matora.

    Imigambwe yompi y’Abayahudi b’Abarabu yarahakanye yivuye inyuma ivyo birego. Ishimangira ko ata shingiro bifise.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.