Tedros Adhanom Ghebreyesus yabwiye abanyamakuru ko icyorezo cya Ebola muri DR Congo nigikomeza kwiyongera nk'uko biri kugenda ubu kizarenza icyabaye hagati ya 2014 na 2016, cyahitanye nibura abantu 11,000.
Amamiriyoni y'abantu hirya no hino ku mugabane wa Buraya baraye biboneye ubwirakabiri bw'agatangaza batari bwigere babona muri ako karere k'isi mu myaka hafi 30.
Travis Kelce yavuze bwa mbere ku bukwe bwe na Taylor Swift, ati: "Ni ryo joro ryiza kurusha ayandi mu buzima bwanjye"
Abanyagihugu ba Zambia baritaba amatora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashingamateka, igipimo kuri ikigihugu gifatwa nka kimwe mu bihugu vya Afrika vya mbere birangwa n'intwaro ya demokarasi ishinze imizi.
Amerika irarakariye mu buryo butamenyerewe incuti yayo Israel, inyuma y'uko umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Israel ashimangiye ko ingabo ziwe zizoguma mu bumanuko bwa Libani.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Latifa Mutesi
Football – Malaga Vs Fulham: Urukino rwarangiye mu buryo butamenyerewe
Ahavuye isanamu, Fulfam/website
Urukino rwa kivandimwe hagati y’umurwi Malaga wo
muri Espagne n’umurwi Fulham wo mu Bwongereza rwarangiye mu buryo
butamenyerewe mu mupira w’amaguru, aho abakinyi ba Fulham banse kwitabira igice
c’amapenalti.
Uru rukino rwari rwarangiye imirwi yompi inganya ibitsindo
2-2. Ariko umumenyereza wa Fulham yaciye ategeka abakinyi biwe kuva mu kibuga,
avuga ko ata mwanya bari basigaranye wo gutera penaliti, kugira ngo indege
ibatahana ntihave ibasiga.
Malaga yaciye itangazwa ko yatsinze, ihabwa igikombe
citwa Costa del Sol Trophy, inyuma y’aho umwe mu bakinyi bayo ateye
penaliti ayinjiza mw’igori ritagira umunyegori.
Ubuyapani buriyamiriza urugendo rwa Putin mu mazinga ateje impari
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ubuyapani bwatangaje ko bwiyamirije bwivuye inyuma urugendo
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagiriye mu mazinga amaze igihe kirekire ateje
impari hagati y’Uburusiya n’Ubuyapani.
Ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya vyatangaje kuri uyu wa kane
ko Putin yagendeye izinga rya Iturup, rizwi mu Buyapani nka Etorofu,
rimwe mu mazinga ane agize akarere ka Kuril buri ruhande rwiyitirira.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuyapani n’ayandi
makungu, Toshimitsu Motegi, yavuze ko ayo mazinga ari “ubutaka
bw’Ubuyapani kuva muri kahise ari na ko biri mu mategeko mpuzamakungu”, ari co
gituma “Reta y’Ubuyapani yiyamirije cane uru rugendo”.
Ibi bihugu vyompi bimaze imyaka mirongo biri mu mpari kuri iki
kibazo c’amazinga ya Kuril.
Izi mpari ni nazo zatumye ahanini Uburusiya n’Ubuyapani bidashira
umukono ku masezerano y’amahoro inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose.
Amazinga ya Kuril ari hagati y’uturere twa Hokkaido,
mu buraruko bw’Ubuyapani, hamwe na Kamchatka mu Burusiya. Ubuyapani bwiyitirira
amazinga ane ari mu bumanuko bwa Kuril, bukayita Intara zo mu Buraruko.
Aya mazinga atwarirwa mu butegetsi bw’Uburusiya. Igihe intambara ya Kabiri y’Isi Yose yahera, Ubumwe bw’Abasoviyeti bwarigaruriye ayo mazinga, buca bwirukana Abayapani bagera ku 17.000 bahaba.
Mu rugendo rwiwe rwo kuri uyu wa kane, Putin yafunguye ku magi y’amafi yongera aganira n’abanyagihugu baho, nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya.
Ayo mazinga ni kirumara ku bikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya, aho Iturup ikoreshwa nk’ikigo nyamukuru c’ingabo z’Uburusiya zirwanira mu kirere muri ako karere.
Mu kwezi guheze, amato y’intambara y’Ubushinwa n’Uburusiya yaraciye mu muhora uri hagati y’ayo mazinga ya Kuril mw’irondo rusangi.
Mu mwaka uheze na ho, Uburusiya bwarakoze imyimenyerezo ya gisirikare hafi y’ayo mazinga, igikorwa ciyamirijwe n’Ubuyapani.
Malawi izahura na Cameroon ku mukino wa nyuma w’Igikombe cy'Afurika cy’Abagore
Ahavuye isanamu, BACKPAGE PIX
Ikipe y'igihugu ya Malawi y'abagore yakomeje gutangaza benshi mu mikino y'Igikombe cy'Afurika cy’Abagore (WAFCON) nyuma yo gutsinda Algeria ibitego 3-1 mu mukino wabaye mu ijoro ryakeye, ihita ibona itike yo gukina umukino wa nyuma uzayihuza na Cameroun nk'uko tubikesha ibiro ntaramakuru Reuters.
Cameroon na yo yabonye itike yo gukina umukino wa nyuma nyuma yo gutsinda Maroc, yari yakiriye iri rushanwa, kuri penaliti 3-1 nyuma y'aho iminota isanzwe n'iy'inyongera yari yarangiye amakipe yombi anganya 0-0.
Malawi iri gukina Igikombe cy'Afurika cy’Abagore ku nshuro ya mbere, ariko yatangiye irushanwa itungura benshi itsinda Nigeria, yari ifite igikombe, mu mukino wayo wa mbere wo mu matsinda. Nyuma yaje no gutsinda Ghana muri kimwe cya kane cy’irangiza.
Umuyobozi mukuru w’Ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku Buzima (OMS/WHO) yavuze ko icyorezo cya Ebola kiri muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gishobora kurenza ibyorezo byahitanye abantu benshi kurusha ibindi byose byabayeho mbere.
Tedros Adhanom Ghebreyesus yabwiye abanyamakuru ko, “nigikomeza kwiyongera nk'uko biri kugenda ubu,” kizarenza icyabaye hagati ya 2014 na 2016, cyahitanye nibura abantu 11,000.
Iki cyorezo cyatangajwe ku mugaragaro ku wa 15 Gicurasi (5), ariko inzego z'ubuzima zivuga ko bishoboka ko cyari cyaratangiye nibura amezi atatu mbere y'aho.
OMS yavuze ku wa gatatu ko yizeye ko mu gihe cy’amezi atatu ishobora kuba yaragabanyije cyane ikwirakwira ry’iyo ndwara. Gusa, OMS yihanangirije ko ibi bitavuze ko icyorezo kizaba kirangiye burundu, ahubwo ko kizaba cyaragabanyijwe cyane.
Iki cyorezo cyatewe n'ubwoko bwa virusi ya Ebola buzwi nka Bundibugyo, bumaze kugaragara inshuro ebyiri gusa mu mateka, aho bwagaragaraye mu mwaka wa 2007 no mu 2012.
Kugeza ubu, nta rukingo rwemewe cyangwa imiti yihariye yemewe yo kuvura ubu bwoko bwa Ebola iraboneka.
Iki cyorezo cyibasiye cyane uburasirazuba bwa RDC, ahakomeje kugaragara ibibazo by'umutekano muke. Ibi byatumye kugenzura ikwirakwira ryacyo bigorana.
Umuyobozi wa OMS muri Afurika, Mohamed Janabi, yavuze ko kubera izo mbogamizi, abakozi bo mu rwego rw’ubuzima bagera kuri 30% gusa by’abanduye.
Ebola ni indwara ikomeye iterwa na virusi kandi ishobora guhitana umuntu mu gihe gito. Ibimenyetso byayo bishobora kugaragara hagati y'iminsi 2 na 21 nyuma yo kwandura.
Mu ntangiriro, umuntu ashobora kugira ibimenyetso bisa n’ibya grippe cyangwa malaria, birimo kugira umuriro, kubabara umutwe no kugira umunaniro, kandi bishobora gutangira mu buryo butunguranye.
Uko indwara ikomeje gukara, umuntu ashobora kuruka no guhitwa, bikaba byanageza ku kwangirika kwa zimwe mu ngingo z’umubiri.
Virusi ya Ebola yandurira cyane cyane mu gukorana cyangwa guhura n'amazi ava mu mubiri w'uwanduye, nk'amaraso, amacandwe cyangwa ibirutsi.
Uru rukingo rurimo gukorwa n'abahanga bo muri Kaminuza ya Oxford, bakoresheje ikoranabuhanga nk'iryakoreshejwe mu gukora urukingo rwa Oxford-AstraZeneca rwakoreshejwe mu kurwanya COVID-19.
Hari n'andi matsinda atatu y'abashakashatsi ari guteza imbere izindi nkingo zo kurwanya ubu bwoko bwa Ebola, nubwo zitaratangira kugeragerezwa ku bantu.
OMS kandi iri gutera inkunga irindi geragezwa ry’ubuvuzi rikorerwa ku bantu muri RDC igamije kureba niba imiti ibiri isanzwe ikoreshwa mu kurwanya virusi ishobora kongera amahirwe yo kurokoka ku barwaye Ebola.
Amamiriyoni y’Abanyaburaya biboneye ubwirakabiri batari bwigere babona mu myaka hafi 30
Ahavuye isanamu, Reuters
Amamiriyoni y’abantu hirya no hino ku mugabane wa Buraya baraye
biboneye ikintu kidasanzwe: ubwirakabiri bw’agatangaza batari bwigere babona
muri ako karere k’isi mu myaka hafi mirongo itatu iheze.
Abari ku murongo w’ibihugu vya Espagne mu gice c‘uburaruko,
ugaca muri Iceland no gushika mu bice vya Groenland, biboneye izuba rizimangana
burundu igihe ukwezi kwaca imbere yaryo.
Abantu bari ku birometero amajana ku mpande zompi z'uwo murongo, na bo nyene barabonye
ingene igice c’izuba cazimanganye mu kirere cari gikeye cane.
Igitangaje ni uko Espagne izosubira kwibonera ubundi
bwirakabiri muri Myandagaro (8) umwaka uza. Buzobera mu bumanuko bw'ico gihugu,
bukazoboneka kandi no mu buraruko bwa Afrika hamwe no mu karere ka Arabia
(kagizwe n’ibihugu vya Arabia Sawudite, Yemen, Oman, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu,
Qatar, Koweit, hamwe na Bahrain).
Ahavuye isanamu, PA Media
Insiguro y'isanamu, Mu Bwongereza, isinzi ry'abantu bahuriye ku gasozi kitwa Calton Hill mu karere ka Edinburgh kugira barahe ubwirakabiri
Travis Kelce yavuze bwa mbere ku bukwe bwe na Taylor Swift, ati: "Ni ryo joro ryiza kurusha ayandi mu buzima bwanjye"
Ahavuye isanamu, Jason Howard/Bauer-Griffin/GC Images
Umukinnyi w’umupira w’amaguru wo muri Amerika (American football), Travis Kelce, yavuze ku bukwe bwe na Taylor Swift, avuga ko uwo munsi wari "ijoro ryiza kurusha andi yose mu buzima bwanjye."
Kelce na Swift basezeranye ku wa 3 Nyakanga (7) mu muhango wabereye muri Madison Square Garden i New York. Uwo muhango wari witabiriwe n’ibyamamare byinshi, ariko amakuru menshi awuvugaho yagizwe ibanga.
Kugeza ubu, amakuru make cyane ni yo yari yaratangajwe ku byabereye muri ubwo bukwe. Ibyo Kelce yavuze ku wa gatatu ni byo bya mbere yari atangaje ku bukwe bwabo kuva we na Swift basezerana, mu muhango wayobowe n’umukinnyi wa filime uzwiho gusetsa Adam Sandler.
Kelce yavuze ko ubukwe bwari “ijoro ryiza kurusha ayandi yose mu buzima bwanjye”, ashimira abatumirwa babwitabiriye ndetse avuga ko bwari “ijoro ridasanzwe cyane.”
Uyu mukinnyi wa NFL (National Football League, irushanwa ry'umupira w’amaguru wo muri Amerika) ndetse n’umuhanzi watsindiye ibihembo byinshi bakomeje kugira ibanga amakuru menshi yerekeye ubukwe bwabo kandi kugeza ubu nta mafoto yemewe y’uwo muhango wabereye muri stade arashyirwa ahagaragara.
Mu bari bitabiriye uwo munsi harimo ibyamamare bikomeye bya Hollywood, birimo abakinnyi ba filime Hugh Grant na Jason Sudeikis, umuririmbyi Benson Boone, umunyamideli Gigi Hadid ndetse n’abandi benshi.
Kelce, uzuzuza imyaka 37 mu kwezi k’Ukwakira (10), amaze kwegukana ibikombe bitatu bya Super Bowl akinira ikipe ya Kansas City Chiefs.
Mu mwaka ushize, iyi kipe ntiyabashije kugera mu mikino ya nyuma ya NFL (playoffs) ku nshuro ya mbere mu myaka 10 ishize. Hari benshi batekereza ko shampiyona itangira ukwezi gutaha ishobora kuba iya nyuma kuri Kelce nk'umukinnyi wabigize umwuga, nubwo we ataravuga niba ateganya gusezera ku mupira.
Yagize ati: "Ndacyafite urukundo rwinshi rw’uyu mukino. Ndashaka kujya mu kibuga nkigaragariza ko nkiri umukinnyi ushoboye kurusha uko nagaragaye umwaka ushize."
Kelce yavuze kandi ko “gusubira mu kibuga buri gihe bizakomeza kuba ahantu yumva atekanye kandi yisanzuye.”
Yongeyeho ko gukorana cyane n’abandi bakinnyi, kumarana na bo igihe kinini no kubaka ubufatanye n’imikorere myiza y’ikipe ari ingenzi cyane, kandi ko uyu mwaka bashyizemo imbaraga nyinshi kurushaho.
Zambia mu matora y'umukuru w'igihugu n'ay’abashingamateka
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abanyagihugu ba
Zambia baritaba amatora y’umukuru w'igihugu hamwe n'abashingamateka, amatora afatwa
nk'igipimo kuri ikigihugu gifatwa nka kimwe mu bihugu vya Afrika vya mbere
birangwa n’intwaro ya demokarasi ishinze imizi.
Hagati aho, hari amakenga
ko umwidegemvyo wa politike uriko urahungabana.
Umukuru w'igihugu,
Hakainde Hichilema, ariko ararondera ikiringo ca kabiri. Benshi bamufata
nk'uwufise amahirwe menshi yo gutsinda inyuma y'uko ashoboye gusubiza igihugu
mu nzira y'iterambere ry'ubutunzi. Ariko rero, ubushomeri hamwe n'iduga ry’ibiciro
vy'ivya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose bikiri mu bibazo bikomeye bihanze Zambia.
Abakandida cumi na bane ni bo bari ku rutonde rw'abitoza,
ariko benshi babona ko ihiganwa rikomeye riri hagati y'abakandida babiri gusa.
Uwuhanganye cane na Hichilema ni Brian Mundubile, n’ihuriro ryiwe rishigikiwe
cane n’abanywanyi w’uwahoze ari umukuru w'ico gihugu yitavye Imana, Edgar
Lungu.
Reta Zunze Ubumwe
za Amerika zarakariye mu buryo butamenyerewe incuti yayo Israel, inyuma y'uko umushikiranganji
w'ukwivuna abansi wa Israel ashimangiye ko ingabo ziwe zizoguma mu bumanuko bwa
Libani.
Ubushikiranganji
bwa Amerika bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu bwavuze ko bwiteze ko Israel yubahiriza amasezerano yerekana
urupapuro rw’inzira asaba ko ingabo zayo zikurwa muri ako karere. Buvuga kandi
ko bushigikiye ata guhigimanga ubusugire bw'ubutaka bwa Libani.
Uwo
mushikiranganji, Israel Katz, yavuze ayo majambo mu rugendo yarimwo mu bumanuko
bwa Libani, yongerako ko ingabo ziwe ziriko zirasenyura amazu yose ari muri ako
karere.
Umushikiranganji
wa mbere wa Libani, Nawaf Salam, yavuze ko iyi ngendo ya Israel yo kubomagura
amazu n’ibigirankana ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu.
Amasezerano
ategekanya ko Israel ikura ingabo zayo muri utwo turere mu gihe ingabo za
Libani ziriko zirinjira kwaka ibirwanisho umuhari Hezbollah.
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko Kyiv yakoresheje misile, indege za gisirikare ndetse na drones zo mu mazi mu cyo yise “igikorwa kidasanzwe” kigamije kugaba igitero ku birindiro by’ingabo z’Uburusiya. Gusa, ntiyigeze avuga ko ibigo byohereza ibinyampeke mu mahanga byangijwe.
Ikigo gikomeye gicuruza ibinyampeke cyemeje ko ikigo cyacyo cyangijwe n’iki gitero, mu kiganiro cyahaye ibiro ntaramakuru by’Uburusiya TASS. Ni mu gihe ikindi cyabihamirije Reuters ndetse n’ikinyamakuru cyo mu Burusiya RBK .
Kugeza ubu, Uburusiya ntiburagira icyo butangaza ku byangijwe n’ibi bitero.
Ahandi muri ako gace, guverineri w'akarere ka Krasnodar, Veniamin Kondratyev, yavuze ko umuntu umwe yishwe n’ibisigazwa bya ‘drone’ byaguye hasi.
Ku rundi ruhande, Uburusiya na bwo bwagabye ibitero byo mu kirere muri Ukraine hagati yo ku wa Kabiri no ku wa Gatatu, bihitana nibura abasivili 11.
Abenshi muri bo bapfiriye mu mujyi wa Zaporizhzhia wo mu majyepfo ya Ukraine, nyuma y'uko Uburusiya buwugabyeho misile za ballistique n'ibisasu biyoborwa bishyirwa ku ndege (glide bombs).
Ku wa Gatatu, umuvugizi wa Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Uburusiya, Maria Zakharova, yashinje Ukraine kugaba ibitero ku bikorwa remezo by’Uburusiya byifashishwa mu buhinzi no kohereza ibinyampeke mu mahanga, avuga ko ibyo bishobora gutuma ibiciro by’ibiribwa ku isi byongera kuzamuka ndetse bikongera ikibazo cy'ibura ry'ibinyampeke.
Kuva Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yatangiza igitero simusiga kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, isi yakomeje guhangayikishwa n'ingaruka z'iyo ntambara ku mutekano w'ibiribwa.
Uburusiya na Ukraine biri mu bihugu byohereza hanze umusaruro munini w'ibinyampeke, bityo ibikorwa byose bihungabanya ibyambu n'inzira z'ubucuruzi bwo ku Nyanja y'Umukara bishobora kugira ingaruka ku bihugu byinshi bishingira kuri ibyo biribwa.