Ivyo tumaze kumenya ku mudereva yacumise mugenzi we mu ndege ya Flydubai yariko ija muri Israel

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
Indege yari mu rugendo rusanzwe iva i Dubai ija i Tel Aviv yarahatswe gukora isanganya rikomeye ku wa gatatu, mu vyabaye abategetsi ba Israel bo bavuga ko ari igitero c’iterabwoba.
Ng’ibi ivyo tumaze kumenya:
- Benjamin Netanyahu yatangaje ko amatohoza yatanguye kandi ko umudereva yafatiwe muri Arabia Saoudite ariko arabazwa ibibazo. Yavuze ko mu nyuma azoshikirizwa Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, aho indege ya Flydubai yari yavuye.
- Flydubai yavuze ko indege FZ 1073 yahuye n’“ikibazo” haciye amasaha abiri n’igice ihagurutse.
- Netanyahu yavuze ko umwe mu badereva yacumise mugenzi we imbugita, ashaka gutuma indege igwa. Amakuru y’urugendo yerekana ko iyo ndege yamanutse imetero nka 5.200 mu minota ibiri.
- Abakozi bo mu ndege n’ingenzi barashoboye kwinjira aho abadereva bicara, bafata uwagavye igitero, baca basubira kugenzura indege. Yahavuye imanuka vyihutirwa ariko ata nkomanzi muri Arabia Saoudite.
- Ubuserukizi bw’Ubuhindi muri Arabia Saoudite bwavuze ko umudereva yakomeretse yitwa Samit Machchar. Ubu ariko aravurirwa mu bitaro vy’i Tabuk, aho indege yamanukiye. Netanyahu yamwise “intwari nyakuri”, amushimira ubutwari budasanzwe yerekanye.
- Izina ry’uwundi mudereva ntiriramenyekana. Netanyahu yavuze ko reta yiwe izogira uruhara mu matohoza, ariko igituma uwo mudereva yoba yagavye ico gitero ntikiramenyekana.
- Flydubai yarungitse iyindi ndege kugira itware izo ngenzi gushika i Tel Aviv. Ku kibuga c’indege Ben Gurion, imiryango yazakiriye n’amarira y’umunezero.
- Abategetsi ba Israel bavuze ko bagiye gusuzuma cane abadereva b’indege zinjira muri Israel, inyuma y’itegeko rya Netanyahu ryo gukomeza ingingo z’umutekano.
- Ivyo vyatumye haba ugukorana kudasanzwe hagati ya Arabia Saoudite na Israel, naho ivyo bihugu bitagira imigenderanire yemewe hagati ya reta zavyo. Abaganga bo muri Arabia Saoudite baravuye ingenzi zari zakomeretse zerekeza muri Israel. Umushikiranganji wo muri Israel yarashimiye Arabia Saoudite kuri iyo mfashanyo.
- Donald Trump na we yise umudereva wa kabiri w’iyo ndege “intwari”, mu kiganiro co kuri telefone yagiranye na Benjamin Netanyahu.
Izindi nkuru wosoma:

