Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Venezuela: Umubare w'abapfiriye mu mitingito wikubye inshuro zirenga ebyiri ugera ku bantu 589
Abantu hafi 3000 bakomeretse nyuma yuko imitingito ibiri y'ubukana burenze karindwi yari yegereye ubutaka yajegeje Venezuela, umwe ukaba nyuma y'amasegonda undi ubaye.
Incamake
- Uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz ntirushoboka hatarimwo uruhara rwacu – Iran
- Videwo: Reba umugore akurwa mu bisigazwa by'amabuye y'inzu yaguye ari muzima nyuma y'imitingito yabaye muri Venezuela
- Uwahoze ari umukuru w'iperereza rya Ukraine yakatiwe gufungwa ubuzima bwose azira kunekera Uburusiya
- Paris yashyizeho amabwiriza agabanya kunywa no kugurisha inzoga mu gihe cy'ubushyuhe bukabije i Burayi
- Kuki Amerika yafatiye ibihano kompanyi enye z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda n'abazikuriye?
- ONU yahagaritse gahunda yo gucyura abasare nyuma yuko ubwato butewe mu muhora wa Hormuz
- Umwongerezakazi w'icyamamare kuri TikTok araregwa ubwicanyi i Dubai
- Ngaba abafana ba ruhago bahembwa $50,000 kugira ngo barebe imikino yose y'Igikombe cy'Isi
- Côte d'Ivoire yageze mu byiciro byo gukuranwamo ku nshuro ya mbere mu mateka mateka y'Igikombe cy'Isi
- Venezuela: Umubare w'abapfiriye mu mitingito wikubye inshuro zirenga ebyiri ugera ku bantu 589
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Dinah Gahamanyi na Latifa Mutesi
Wakumva Amakuru ya BBC Gahuzamiryango yo ku wa 26.06.2026| BBC News Gahuza
Wakurikira Amakuru ya BBC Gahuzamiryango yo ku wa 26.06.2026| BBC News Gahuza kuri You Tube hano:Amakuru ya BBC Gahuzamiryango yo ku wa 26.06.2026| BBC News Gahuza
Uruja n’uruza mu muhora wa Hormuz ntirushoboka hatarimwo uruhara rwacu – Iran
Uruhagarara mu muhora wa Hormuz rurabandanya kwongerekana.
Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran yavuze ko uruja n’uruza rutekanye muri uwo muhora rudashoboka Iran itabigizemwo uruhara, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi perse.
Uwo mutegetsi agabisha ko inzira yose yoshirwa muri uwo muhora hatabaye ubwumvikane na Iran ishobora guhagarikwa.
Iran yaneguye kandi itangazo ryasohowe ku wa kane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifadikanije n'Inama y'ibihugu vyo mu kigobe (GCC), aho ivuga ko ririmwo ukwivanga mu bibazo vyayo bwite no gukokeza icuka kibi.
Itangazo ry'iyo nama yabereye muri Bahrain rishima intambwe y’ibiganiro iherutse gushikwako hagati ya Amerika na Iran, ariko rikiyamiriza umugambi uwo ari wo wose ugamije kurihisha ubwato canke kugerageza kugenzura uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz.
Izindi nkuru wosoma:
Reta ya Tanzania yahagaritse amakoraniro yose ya poritike
Reta ya Tanzania yahagaritse amakoraniro yose ya poritike mu gihugu cose gushika igihe kitazwi, ivuga ko yabitewe n'impungenge z'umutekano no gukingira ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi.
Umushikiranganji w'Intwaro yo hagati mu gihugu, Patrobas Katambi, yabwiye Inama Nshingamateka ko igipolisi kitazosubira gutanga impusha zo gukora amakoraniro ya poritike ku migambwe yose, harimwo n'umugambwe uri ku butegetsi CCM, avuga ko igihugu gikwiye gushira imbere guteza imbere ubutunzi.
Ico cemezo gifashwe mu gihe igihugu kiriko citegurira imurikagurisha mpuzamakungu rya Sabasaba rizoba mu kwezi kw'indwi, inyuma y’amakuru ko hari imyiyerekano yariko irategurwa.
Imigambwe itavuga rumwe na Leta yiyamirije iyo ngingo, ivuga ko ihonyanga uburenganzira bwemewe n'Ibwirizwa nshingiro kandi ikagiriza Leta kugerageza kunigira mu menshi abatavuga rumwe na yo.
Iryo hagarikwa rije haciye imyaka itatu Perezida Samia Suluhu Hassan akuyeho ibwirizwa ryari rimaze imyaka itandatu ribuza amakoraniro ya poritike, ryari ryashizweho n'uwahoze ari Perezida John Magufuli.
Videwo: Reba umugore akurwa mu bisigazwa by'amabuye y'inzu yaguye ari muzima nyuma y'imitingito yabaye muri Venezuela
Uwahoze ari umukuru w'iperereza rya Ukraine yakatiwe gufungwa ubuzima bwose azira kunekera Uburusiya
Uwahoze ari umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu nzego z'iperereza za Ukraine yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa gukorera urwego rw’iperereza rw’Uburusiya, FSB.
Colonel Dmytro Kozyura yagiriwe n’icaha co guhemukira igihugu ku rwego rwo hejuru hakurikijwe amategeko y’intambara, nk’uko vyatangajwe n’umushikirizamanza mukuru wa Ukraine. Imbere y’aho, yari umukuru w’abakozi mu kigo kirwanya iterabwoba c’urwego rw’iperereza rwa Ukraine (SBU).
Nk’uko SBU ibivuga, amatohoza yiswe "Rat" (Imbeba) yerekanye ko Kozyura yakoresha inzu y’ibanga iri i Kyiv, umurwa mukuru wa Ukraine, mu kuvugana n’abamukoresha bo muri FSB, baba bashaka amakuru y’ibanga yerekeye igisirikare ca Ukraine hamwe n’abategetsi bakuru b’ico gihugu.
Umushikirizamanza mukuru yavuze ko Kozyura yemeye gutanga amakuru “y’ibanga ya reta” kugira aronke amafaranga, kandi ko akwiye guhanishwa igihano gikomeye kuruta ibindi.
Kuva Uburusiya butanguye igitero cabwo cagutse kuri Ukraine muri Ruhuhuma(2) 2022, ubutegetsi bwa Kyiv bumaze gutangaza ibikorwa vyinshi vyo guhiga no gufata abantu bakekwako bakorera iperereza ry'Uburusiya.
Inyuma yo gufatwa muri Ruhuhuma 2025, SBU yasohoye ifoto y’uwo yahoze ari umutegetsi ari kumwe n’umukuru w’urwego rw’ipereza rwa Ukraine, Vasyl Malyuk, ari na we yari arongoye amatohoza yamufashe.
Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'urubanza rwiwe, ico kigo kivuga ko Kozyura yinjijwe mu bikorwa vy’iperereza vya FSB mu gisagara ca Vienne muri Autriche mu 2018. Ariko haciye imyaka itari mike batayaga gushika abo basubiye kumuvugisha muri Kigarama(12) 2024.
SBU yavuze kandi ko yaciye asabwa kwegeranya no gutanga amakuru Ukraine yari ifise ku bijanye n’aho abasirikare b’Uburusiya bari n’ingene bagenda barimurwa, hamwe n’amakuru yerekeye ibigwanisho vya Ukraine, ibikorwa remezo vyayo, n’abategetsi bayo ba politike n’igisirikare.
Izindi nkuru wosoma:
Paris yashyizeho amabwiriza agabanya kunywa no kugurisha inzoga mu gihe cy'ubushyuhe bukabije i Burayi
Abategetsi bo mu Bufaransa batangaje ko bagabanyije kunywa no kugurisha inzoga ahantu hahurira abantu benshi i Paris, mu rwego rwo kugabanya igitutu ku bitaro by’uwo murwa mukuru mu gihe cy’ubushyuhe bukabije.
Abatuye i Paris babujijwe kunywa inzoga mu ruhame kuva saa sita z’amanywa zo kuri uyu wa gatanu kugeza saa moya za mu gitondo ku wa gatandatu (07:00) ku isaha yaho, ari na yo saha yo mu Rwanda no mu Burundi. Izi ngamba zizakomeza gukurikizwa no kuva ku wa gatandatu kugeza ku cyumweru kuri ayo masaha.
Ubushyuhe bukabije bumaze iminsi bushegesha Espagne, Ubwongereza n’Ubufaransa buteganyijwe gukomereza no mu burasirazuba bw'Uburayi, aho ikigo cy'igihugu cy'iteganyagihe mu Budage no muri Repubulika ya Tchèque baburiye ko hazabaho ibihe by'ubushyuhe bukabije.
Mu Budage, ubushyuhe bushobora kugera kuri dogere 40°C hirya no hino mu gihugu kuri uyu wa gatanu. Ni mu gihe kandi mu bice byinshi bya Repubulika ya Tchèque hatanzwe impuruza y’ikirere kibi cyane.
Minisitiri w’intebe w’Ubufaransa, Sébastien Lecornu, yavuze ko urwego rw’impuruza ku buzima rwazamuwe rukagera ku rwego rwo hejuru cyane, hagamijwe kongera abakozi mu bitaro no kurinda abantu bafite intege nke baba bari mu kaga kurusha abandi.
Kuki Amerika yafatiye ibihano kompanyi enye z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda n'abazikuriye?
Leta y'Amerika yafatiye ibihano itsinda ry'abantu ivuga ko bakorana n'umutwe w'inyeshyamba wa M23 urwanya ubugetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) kubera "gukora magendu y'amabuye y'agaciro mu buryo bunyuranyije n'amategeko riyakura mu burasirazuba bwa DRC riyajyana mu Rwanda".
Ibiro bishinzwe kugenzura imitungo yo mu mahanga (OFAC, mu mpine y'Icyongereza) byo muri minisiteri y'imari y'Amerika bivuga ko ibyo bihano biri muri gahunda yo gushyigikira amasezerano y'amahoro Perezida w'u Rwanda Paul Kagame na Perezida wa DRC Félix Tshisekedi bashyizeho umukono ku itariki ya kane Ukuboza (12) mu 2025.
Inkuru irambuye hano
ONU yahagaritse gahunda yo gucyura abasare nyuma yuko ubwato butewe mu muhora wa Hormuz
Ishami rya ONU rishinzwe ubwikorezi bwo mu nyanja (IMO) ryahagaritse by’agateganyo gahunda yari iteganyijwe yo gucyura abasare barenga 11,000 baheze mu muhora wa Hormuz, nyuma y’uko ubwato butwara imizigo bwari burimo kuwunyuramo bugabweho igitero.
Umukuru wa IMO, Arsenio Dominguez, yavuze ko amato menshi yamaze gucyurwa, ariko ko icyo kigo gishaka ko "ingamba zose za ngombwa z’umutekano" zikomeza gushyirwa mu bikorwa.
Ikigo cy’Ubwongereza gishinzwe umutekano wo mu nyanja, UK Maritime Trade Operations (UKMTO), cyatangaje ko ku wa kane hari ubwato bwagabweho igitero bukaraswaho ikintu kitazwi, ku ntera ya kilometero 13 mu majyepfo ashyira uburasirazuba bw’icyambu cya Dahit muri Oman ariko ko nta bantu bahasize ubuzima.
Ikigo cya Vanguard gishinzwe gucunga ibyago bishobora kuba mu nyanja cyavuze ko ubwato bwitwa Ever Lovely, bufite ibendera rya Singapore (Singapour), bwakomeje urugendo rwabwo nubwo bwagabweho igitero.
Abategetsi bo muri Amerika bavuze ko Iran yarashe kuri ubwo bwato, nkuko byatangajwe n'ibitangazamakuru byo muri Amerika. Urwego rwa Iran rushinzwe kugenzura uwo muhora rwavuze ko amato atanyuze mu nzira zemewe atazizezwa umutekano.
Mu butumwa cyashyize ku rubuga X, ikigo gishinzwe Umuyoboro w’Ikigobe cya Perse (PGSA) cyagize kiti: “Ingaruka zose zaterwa no gukoresha inzira zitemewe zizabazwa nyir’ubwato, ubukoresha n’uwubuyobora.”
Ibi bibaye mu gihe hari amato amagana n’abasare babarirwa mu bihumbi bagumye mu Kigobe cya Perse kuva muri Gashyantare (2) uyu mwaka kubera intambara y'Amerika na Israel kuri Irani.
Umwongerezakazi w'icyamamare kuri TikTok araregwa ubwicanyi i Dubai
Umukobwa w’imyaka 23 wamamaye ku rubuga rwa TikTok araregwa kwicira i Dubai umusore bakundanaga.
Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu wavuze ko ashobora guhanishwa igihano cy’urupfu arashwe mu gihe icyaha cyaba kimuhamye.
Brooke George, ukomoka i Gravesend, mu karere ka Kent, mu majyepfo ashyira uburasirazuba bw'Ubwongereza, yarezwe ibijyanye no guterwa icyuma kw'umugabo bakundanaga, nyuma yo guhurira ku mbuga zo kuri murandasi (internet), nkuko byatangajwe n’umuryango uharanira uburenganzira bw’afungiwe i Dubai witwa Detained in Dubai.
Uwo muryango uvuga ko George yafashe icyuma mu rwego rwo kwirwanaho, ubwo yakorerwaga ihohoterwa n’umukunzi we bari kumwe muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE) i Dubai. Basabye ko arekurwa by’agateganyo ndetse urubanza rwe rukaburanishwa nk’urujyanye n’ihohoterwa rikorerwa mu ngo.
Minisiteri y'ububanyi n'amahanga y'Ubwongereza yavuze ko irimo gufasha umugore w’Umwongereza wafunzwe muri UAE ndetse n’umuryango we.
George, wahoze akora mu iduka rinini ryitwa John Lewis ryo mu Bwongereza, yatawe muri yombi mu masaha ya kare yo ku itariki ya 22 Kamena(6), aregwa kwica umuntu abigambiriye.
Naramuka ahamwe n’icyaha, ashobora guhanishwa igihano cy’urupfu hashingiwe ku mategeko ya UAE.
Ngaba abafana ba ruhago bahembwa $50,000 kugira ngo barebe imikino yose y'Igikombe cy'Isi
Igikombe cy'isi kiri kugenda gifata indi ntera, aho hateganyijwe imikino itandatu ku munsi kugeza ku mpera y'icyiciro cy'amatsinda. Ibyo bigatuma kuyireba bisa nk'akazi ka buri munsi.
Urebye uko ni ko bimeze kuri Kevin Akoto na Austin Franklin. Aba bafana bombi bari guhembwa buri umwe amadolari y'Amerika 50,000 (angana na miliyoni 73 FRW) kugira ngo barebe imikino yose uko ari 104 y'igikombe cy'isi.
Inkuru irambuye hano
Côte d'Ivoire yageze mu byiciro byo gukuranwamo ku nshuro ya mbere mu mateka y'Igikombe cy'Isi
Ikipe y'igihugu y'umupira w'amaguru ya Côte d’Ivoire yageze mu byiciro byo gukuranwamo ku nshuro ya mbere mu mateka y’igikombe cy’isi, ibikesheje ibitego bibiri byatsinzwe na Nicolas Pépé, byatumye isezerera ikipe nto ya Curaçao.
Abanya-Côte d’Ivoire bari bakeneye inota rimwe gusa kugira ngo bagere mu cyiciro cya 1/16, nyuma yo gusezererwa mu matsinda mu nshuro eshatu bari bamaze kwitabira igikombe cy’isi.
Igitego cya mbere cyinjiye ku munota wa 7, ubwo ba myugariro ba Curaçao bagaragaye badahagaze neza inyuma maze bakamburwa umupira na Yan Diomandé, wahise awuhereza Pépé agatsinda byoroshye.
Ku munota wa 65, Pépé, wahoze akinira Arsenal ,wari warasizwe mu bakinnyi b’ikipe ya Côte d’Ivoire mu gikombe cy'Afurika cy’uyu mwaka yatsinze igitego cye cya kabiri, ubwo yateraga umupira n’ikirenge cy’ibumoso ugana mu nguni yo hejuru, awurenza umunyezamu wa Curaçao, Eloy Room.
Ibi byatumye Côte d’Ivoire isoza iri ku mwanya wa kabiri mu itsinda E n’amanota atandatu, yandika amateka yo gutsinda imikino ibiri mu gikombe cy’isi ku nshuro ya mbere.
Venezuela: Umubare w'abapfiriye mu mitingito wikubye inshuro zirenga ebyiri ugera ku bantu 589
Abakora ubutabazi barimo gushakisha byihuse mu byasenyutse ngo barebe niba hari abo barokora nyuma yuko imitingito ibiri ikomeye yibasiye Venezuela hafi y’umurwa mukuru Caracas, ikica abantu nibura 589, igakomeretsa abandi 2,980, nkuko byatangajwe na Perezida w'agateganyo w'icyo gihugu Delcy Rodríguez.
Mbere, umubare w'abakomeretse bari batangajwe n'ubutegetsi wari abantu 4,300.
I Caracas no mu mujyi bituranye wa La Guaira uri ku nkombe y’inyanja ya Atlantika, abantu bashoboraga kumvikana basaba ubufasha bari munsi y’ibisigazwa by’inyubako zahirimye.
Umutingito wa mbere w’ubukana bwa 7.2 ku gipimo cya Richter waje gukurikirwa nyuma y’amasegonda n’undi ukomeye cyane kurushaho w’ubukana bwa 7.5, nkuko bitangazwa n’ikigo cy’Amerika gikurikirana iby’imitingito, US Geological Survey (USGS), cyavuze ko yombi yabereye hafi y’ubutaka, byatumye ishobora gusenya mu buryo bukomeye.
Hari ubwoba ko abandi bantu benshi bapfuye, mu gihe abandi basigaye badafite aho kwikinga cyangwa bakaba bafite ubwoba bwinshi cyane bwo gukomeza kuba mu nzu zangiritse kandi zidatekanye, bakaba baryamye mu mihanda nyuma y’ibyo byago.
Iyo mitingito yabaye ku wa gatatu ku isaha ya saa kumi n’ebyiri n’iminota 4 z’umugoroba (18:04) ku isaha yaho, umunsi wari uw’ikiruhuko muri Venezuela, bivuze ko abantu benshi bari bari mu ngo zabo kurusha uko ubundi biba bimeze ku munsi usanzwe w’icyumweru.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.