Uwahoze ari umukuru w'iperereza rya Ukraine yakatiwe gufungwa ubuzima bwose azira kunekera Uburusiya
Uwahoze ari umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu nzego z'iperereza za Ukraine yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa gukorera urwego rw’iperereza rw’Uburusiya, FSB.
Colonel Dmytro Kozyura yagiriwe n’icaha co guhemukira igihugu ku rwego rwo hejuru hakurikijwe amategeko y’intambara, nk’uko vyatangajwe n’umushikirizamanza mukuru wa Ukraine. Imbere y’aho, yari umukuru w’abakozi mu kigo kirwanya iterabwoba c’urwego rw’iperereza rwa Ukraine (SBU).
Nk’uko SBU ibivuga, amatohoza yiswe "Rat" (Imbeba) yerekanye ko Kozyura yakoresha inzu y’ibanga iri i Kyiv, umurwa mukuru wa Ukraine, mu kuvugana n’abamukoresha bo muri FSB, baba bashaka amakuru y’ibanga yerekeye igisirikare ca Ukraine hamwe n’abategetsi bakuru b’ico gihugu.
Umushikirizamanza mukuru yavuze ko Kozyura yemeye gutanga amakuru “y’ibanga ya reta” kugira aronke amafaranga, kandi ko akwiye guhanishwa igihano gikomeye kuruta ibindi.
Kuva Uburusiya butanguye igitero cabwo cagutse kuri Ukraine muri Ruhuhuma(2) 2022, ubutegetsi bwa Kyiv bumaze gutangaza ibikorwa vyinshi vyo guhiga no gufata abantu bakekwako bakorera iperereza ry'Uburusiya.
Inyuma yo gufatwa muri Ruhuhuma 2025, SBU yasohoye ifoto y’uwo yahoze ari umutegetsi ari kumwe n’umukuru w’urwego rw’ipereza rwa Ukraine, Vasyl Malyuk, ari na we yari arongoye amatohoza yamufashe.
Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'urubanza rwiwe, ico kigo kivuga ko Kozyura yinjijwe mu bikorwa vy’iperereza vya FSB mu gisagara ca Vienne muri Autriche mu 2018. Ariko haciye imyaka itari mike batayaga gushika abo basubiye kumuvugisha muri Kigarama(12) 2024.
SBU yavuze kandi ko yaciye asabwa kwegeranya no gutanga amakuru Ukraine yari ifise ku bijanye n’aho abasirikare b’Uburusiya bari n’ingene bagenda barimurwa, hamwe n’amakuru yerekeye ibigwanisho vya Ukraine, ibikorwa remezo vyayo, n’abategetsi bayo ba politike n’igisirikare.
Izindi nkuru wosoma: