Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone mu yindi gahunda nk'iyi.

  2. Kenya: Abantu 10 bafite aho bahuriye n'umuntu wa mbere wanduye Ebola bashyizwe mu kato

    Abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi muri Kenya bavuga ko abantu 10 bahuye n’umugabo wishwe na Ebola muri icyo gihugu bashyizwe mu kato.

    Abo bategetsi barimo no kugerageza kubona abandi bantu 57 bagize aho bahurira n’uwo murwayi wabonetse muri Kenya, nyuma yuko yari yagiye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), akaza gupfira mu bitaro i Nairobi ku wa mbere.

    Ni we muntu wa mbere urwaye Ebola ubonetse muri Kenya, ndetse ubu impungenge zikomeje kwiyongera ku bijyanye n’ingamba zo gupima z’icyo gihugu.

    Umukuru w’ikigo cy’Afurika cyo kurwanya no gukumira indwara (Africa CDC) yabwiye BBC ko nubwo uwo muntu yari amaze ukwezi arwaye, yanyuze mu mijyi myinshi yo muri DRC, agatwara imodoka akajya muri Uganda, nuko amaherezo akaza gukora urugendo rwo mu ndege rwamugejeje muri Kenya uburwayi bwe budatahuwe.

    Jean Kaseya yabwiye ikiganiro Focus on Africa cya BBC ati:

    "Turabizi ko yavuye i Buta, umujyi [uri mu majyaruguru] wo muri DR Congo, agatwara imodoka akajya i Kisangani. Nuko kuva i Kisangani, yafashe indege imugeza i Beni. Avuye i Beni, yatwaye imodoka ajya muri Uganda. Nuko mu kuva muri Uganda, yafashe indege imugeza i Nairobi."

    Kaseya yabajije ati: "Ni ibihe bimenyetso yagaragazaga? Kuki atatahuwe?"

    Ebola ikwirakwirira binyuze mu guhura n’amatembabuzi y’umuntu wanduye, nk’amaraso cyangwa ibirutsi.

    Icyorezo cya Ebola kiriho ubu muri DRC, cyatangiye muri Gicurasi (5) uyu mwaka, cyatewe n’ubwoko bwa Bundibugyo bwa Ebola, muri rusange budakunze kubaho, bukaba nta rukingo rwemewe cyangwa umuti bufite, nubwo hari amagerageza arimo gukorwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. 'Ibyabereye hano ntibyari ibya kimuntu': Israel yibutse imyaka itatu ishize habaye ibitero bya Hamas byo ku itariki ya 7 y'ukwa 10

    Abanya-Israel barimo kwibuka imyaka itatu ishize habaye igitero cyayobowe na Hamas cyo ku itariki ya 7 Ukwakira (10) mu mwaka wa 2023, cyiciwemo abantu hafi 1,200 naho abandi 251 bagashimutwa mu majyepfo ya Israel.

    Ibikorwa byo kwibuka birimo kubera hirya no hino muri Israel, n'ahandi ku isi, bikaba byatangiranye no gufata umunota umwe wo guceceka wo kubazirikana, byatangiye saa kumi n’ebyiri n’iminota 29 za mu gitondo (06:29) ku isaha yaho, ni ukuvuga saa kumi n’imwe n’iminota 29 za mu gitondo (5:29) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi, mu kuzirikana igihe ibyo bitero byatangiriye.

    I Tel Aviv, abantu bahagaze – baretse ibyo bari barimo gukora – mu modoka zabo mu guha icyubahiro abiciwe n’abashimutiwe muri ibyo bitero.

    Ahantu hari harimo kubera iserukiramuco ry’umuziki rya Nova ubwo ibyo bitero byabaga, aho hakaba hariciwe abantu 378 naho abandi 44 bakahashimutirwa, nyina w’umwe mu bishwe avuga ko ibyo bitero byari “bibabaje cyane, birenze ukwemera”.

    Ahuva Yavin Mayze, nyina w’umukobwa wishwe arasiwe muri iryo serukiramuco, yongeyeho ati: “Ibyabereye hano ntibyari ibya kimuntu.”

    Mu gusubiza kuri ibyo bitero byo ku itariki ya 7 Ukwakira, Israel yagabye igitero cya gisirikare muri Gaza, cyiciwemo abantu barenga 74,200, nkuko bivugwa na minisiteri y’ubuzima yaho igenzurwa na Hamas.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ubufaransa bwahagaritse ikoreshwa rya 'grenades' zo gukanga nyuma yuko ikiganza cy'umuhungu gicikiye mu myigaragambyo y'abanyeshuri

    Ubufaransa bwahagaritse ikoreshwa rya ‘grenades’ zo gukanga zitica, mu kugenzura imyigaragambyo y’abanyeshuri irimo kuba hirya no hino muri icyo gihugu, nyuma yuko ikiganza cy’umuhungu w’imyaka 15 gicitse giturikijwe n’iyo ‘grenade’ muri iki cyumweru.

    Minisitiri w’ubutegetsi bw’igihugu w’Ubufaransa Laurent Nuñez yavuze ko yasabye ko haba iryo hagarikwa kugeza ibyabaye ku wa mbere i Lens mu majyaruguru y’Ubufaransa bimaze “gusobanuka”, mu gihe hari amakuru avuguruzanya yatanzwe n’abigaragambya hamwe n’abategetsi.

    Amatsinda menshi yinubiye ko polisi ikoresha imbaraga zidahuye n’iyo myigaragambyo ikazikoresha kuri abo bafite munsi y’imyaka 20.

    Ihungabana ry’ibikorwa ryakomeje mu gitondo cyo ku wa gatatu, amashuri arenga 500 akaba yafunzwe by’igice cyangwa byuzuye. Minisitiri w’intebe w’Ubufaransa Sébastien Lecornu yitezwe kuvuga ijambo ku mugoroba rijyanye n’iyo myigaragambyo y’abanyeshuri.

    Minisitiri w’uburezi w’Ubufaransa Édouard Geffray, ubwo yavugiraga mu nteko ishingamategeko y’Ubufaransa, yavuze ko amashuri 24 “yaratwitswe cyangwa arangizwa” kuburyo azamara ibyumweru byinshi afunze, ibyo bikaba bizagira ingaruka ku banyeshuri 30,000.

    Abantu babarirwa mu bihumbi amagana biraye mu mihanda ku wa kabiri mu gusaba ko amashuri yitabwaho kurushaho, ndetse mu mijyi imwe n’imwe hakoreshejwe imyuka iryana mu maso n’amazi menshi akoreshwa mu gutatanya abigaragambya. Minisiteri y’ubutegetsi bw’igihugu yavuze ko abantu 488 batawe muri yombi, naho abantu 43 bo mu nzego zishinzwe umutekano barakomereka.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ruto yategetse ko hasuzumwa uko ibijanye na Ebola vyifashe muri Kenya

    Perezida wa Kenya William Ruto yategetse umurwi w’Inama y’Igihugu ijejwe Umutekano gusuzuma uko ibijanye na Ebola vyifashe muri ico gihugu no gutanga izindi ngingo zofatwa kugira ikingirwe.

    Iryo tegeko rije inyuma y’urupfu rw’umurwayi wa mbere yasanganywe Ebola muri Kenya.

    Uwo murwayi yari Umunyakenya yashitse avuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aciye muri Uganda.

    Ibipimo vyerekanye ko yari yanduye Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

    Abategetsi bavuga ko gushika ubu ata wundi muntu aremezwa ko yanduye. Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko abantu 27 bari mu ndege yavuye i Kampala ija i Nairobi bamaze kumenyekana canke baravuganye n’abategetsi kugira bakurikiranwe.

    Abantu umunani bo mu muryango w’uwapfuye hamwe n’abakozi 21 bakora mu gisata c’amagara y’abantu bamuvuye bashizwe ahantu ha bonyene. Bazokurikiranwa mu kiringo c’imisi 21 kugira harabwe ko ata bimenyetso vya Ebola berekana.

    Abategetsi basavye abanyagihugu kuguma batekanye no gukurikiza impanuro z’abahinga mu vy’amagara y’abantu.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Imyaka itatu irarumanye kuva Hamas igavye ibitero muri Israel

    Imyaka itatu irarumanye kuri uyu wa gatatu kuva Hamas igavye ibitero muri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) mu 2023, bigahitana abantu abantu hafi 1.200, abandi 251 bakanyuruzwa.

    Ivyo bitero vyavuzwe ko ari vyo vyahitanye Abayahudi benshi kuruta ibindi kuva habaye Ihonyabwoko ry’Abayahudi mu Ntambara ya Kabiri y’Isi.

    Israel yishuye mu gutangura ibitero bikomeye vya gisirikare mu ntara ya Gaza. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza bugenzurwa na Hamas buvuga ko intambara imaze guhitana Abanyapalestina barenga 74.200.

    Hamas na Israel vyumvikanye guhagarika intambara muri Gitugutu (10) umwaka uheze, biciye ku mugambi w’amahoro w’ingingo 20 watanzwe na Perezida wa Amerika Donald Trump.

    Ayo masezerano yarimwo guhagarika ibikorwa vyose vya gisirikare no kurekura abantu bose bari basigaye bafashwe na Hamas.

    Ariko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza buvuga ko abantu barenga 1.460 bishwe mu bitero vya Israel kuva ihagarikwa ry’intambara ritangajwe.

    Igisirikare ca Israel na co kivuga ko kibandanya gukurikirana abakuru ba Hamas hamwe n’abantu kivuga ko ari abakora iterabwoba.

    Ibikorwa bitandukanye vyo kwibuka abagandaguwe bitegekanijwe muri Israel yose. Mu bibanza bikuru bizokwibukirwamwo harimwo ahabereye ibirori vy’umuziki vya Nova, aho abantu amajana bishwe canke bajanwa bunyagano muri ivyo bitero.

    Uwo musi uribukwa mu gihe ingaruka z’intambara zikiboneka ku Banyapalestina no ku Banya-Israel, kandi utwigoro two gukomeza ihagarikwa ry’intambara tugihura n’intambamyi.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Lionel Messi yarangije urugendo rwe muri Argentina afite ibitego 126 mu mikino 208 yakinnye

    Messi ubwo yasozaga urugendo rwe rwo gukinira ikipe y'igihugu ya Argentine yagize ati "ndashimira, mfite ishema kandi mfite amahoro". ni urugendo yasoreje k' umukino wahuje iyi kipe n'iy'igihugu cya Benin, umukino waranzwe n'amarangamutima y'abakunzi b'uyu mukinnyi cyane.

    Uyu mukinnyi w'imyaka 39, wakinnye umukino we wa 208 ari nawo wabaye uwanyuma mpuzamahanga, yatsinze penaliti mugice cya kabiri anataga imipira ibiri`(2) yavuyemo ibitego, byari umukino wa gicuti warangiye Argentine itsinze Benin 3-0.

    Uyu niwo mukino we wa mbere muri Argentine kuva se, Jorge, wari ufite imyaka 68 y'amavuko yapfa azize uburwayi.

    Nyuma y'umukino yagejeje ijambo ku bari aho mu gihe cy'iminota hafi 10, bamwe mu bakinnyi bagenzi be barimo na Enzo Fernandez wa Manchester City - bararira ubwo Messi yemeraga ko adashaka kuva mu kibuga, abandi nabo bagiye bagaragaza amarangamutima yabo mu buryo butandukanye ku mbuga nkoranyambaga.

    Messi yagize ati: "Ubu amarangamutima ni menshi cyane muri njye. ndikwibagirwa ibintu byinshi nifuza kuvuga kuko ibi bihe birangoye cyane. Umuntu wa mbere uri kunza mu mutwe ni data."

    "Ngiye nishimye, mfite ishema kandi mfite amahoro. mwarakoze muri byose."

    Messi yakinnye iminota 90 yose mbere y'uko abantu 85,000 bari muri Monumental, bakira umuziki wa live ndetse n'ibitaramo byakozwe na laser.

    Ubwo yatangazaga muri Kanama, Messi yavuze ko icyemezo cyo gusezera mu kazi "kibabaza" ariko ko "igihe kirageze".

    Uyu mukinnyi watwaye Ballon d'Or inshuro umunani yavuze ko yanditse ubutumwa bwe bwo gusezera ku kazi ku ya 21 Nyakanga, nyuma y'iminsi ibiri Argentine itsinzwe na Espagne ku mukino wa nyuma w'igikombe cy'isi cyabaye mu mpeshyi.

    Messi yakinnye umukino we wa mbere muri Argentine mu 2005, asimbuye ku munota wa 63, ubwo batsindaga Hungary ibitego 2-1 mu mukino wa gicuti. Ariko, yahawe ikarita itukura nyuma y'umunota umwe, nyuma yo kuzunguza ukuboko no gukubita inkokora bye bifitanye isano n'umukinnyi wa Vilmos Vanczak ukina inyuma.

    Nubwo yatangiye nabi ku rwego mpuzamahanga, Messi yakomeje kuba umwe mu bakinnyi bakomeye mu bihe byose, atwara igikombe cy'isi n'ibikombe bibiri bya Copa America ari kumwe na Argentine.

  8. Sudani y’Epfo: Uwurongoye akarere ka Juba arahakana ko yategetse abanyamahanga kuva mu gihugu

    Umukuru mfatakibanza w’akarere ka Juba, Moulana Kalisto Lado Faustino Nyigilo, yahakanye amakuru avuga ko yategetse abanyamahanga kuva muri Sudani y’Epfo mu misi indwi.

    Mw’itangazo yashize ahabona, yavuze ko ayo makuru ariko arakwiragizwa ku mbuga nyagiro atari yo kandi ko ivyo yavuze vyahinduwe.

    Ayo makuru avuga ko Abanya-Uganda, Abanyakenya, Abanya-Eritrea n’Abarundi bakora ubudandaji butoduto basabwe kuva muri Sudani y’Epfo.

    Nyigilo yavuze ko atigeze atanga iryo tegeko kandi ko kwirukana abanyamahanga bitari mu bubasha bwiwe. Yavuze ko ico kibazo coba kijejwe ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’ubw’intwaro yo hagati mu gihugu.

    Yagize ati: “Sudani y’Epfo irakira abantu bose bashaka kuza kuhaba, gukora ubudandaji canke ibikorwa vy’ubutabazi, igihe cose batakoze ivyaha kandi bubahiriza amategeko.”

    Ariko yasubiriye gushimangira ko abanyamahanga badakwiye gukora ubudandaji butoduto nko guteka chapati, kugurisha ibitunguru, inyanya n’ibiraya, canke gutwara amapikipiki yunguruza abantu .

    Yavuze ko ubwo budandaji bukwiye kurekerwa abenegihugu. Abanyamahanga na bo ngo bakwiye gukora ubudandaji bunini, kurangura ibidandazwa vyinshi, gushinga amashirahamwe n’amahinguriro no gutanga akazi ku banyasudani y’epfo.

    Nyigilo yavuze ko ivyo bitagamije kwirukana abanyamahanga canke kubabuza gukora ubudandaji, ariko ko ari uburyo bwo gukingira akazi n’uturyo two kwiteza imbere tw’abenegihugu.

    Yongeyeko ko amajambo yavuze mu gikorwa co gusukura no gutunganya Juba yahinduwe, asaba abanyamahanga baba muri Sudani y’Epfo kudahagarika umutima.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Amerika: Christa Pike yikanguye kandi aravuga inyuma yo kurokoka igihano c'urupfu

    Umupfungwa wo muri Amerika yaciriwe urwo gupfa, Christa Pike, yarikanguye kandi arashobora kuvuga, inyuma yo kurokoka incuro zibiri bagerageje kumwica bamuteye urushinge mu ndwi iheze, nk’uko abamuburanira babivuga.

    Pike w’imyaka 50 aracavurirwa mu bitaro, ariko akiri mu mapingu. Abamuburanira babitangaje ku wa kabiri.

    Yaciriwe urwo gupfa inyuma yo kwagirwa n’icaha co kwica Colleen Slemmer mu 1995. Ku wa gatatu w’indwi iheze, abategetsi bo muri reta ya Tennessee baragerageje incuro zibiri gushitsa urwo rubanza bamuteye urushinge rurimwo imiti y’uburozi, ariko ntiyapfa.

    Amagara yiwe amaze kumera nabi, yaciye ajanwa mu bitaro n’ingoga. Yamaze imisi itari mike yataye ubwenge, mu gihe abaganga bariko baragerageza gukura mu mubiri wiwe imiti y’uburozi yari yatewe.

    Abahinga hamwe n’abashingwamanza biwe bavuga ko kuba yaragaruye ubwenge ari ikintu kidasanzwe cane. Bikekwa ko Pike ari we muntu wa mbere azwi yarokotse imiti y’uburozi imaze kwinjizwa guterwa mu mubiri wiwe mu gushitsa igihano co gupfa.

    Abamuburanira bavuze ko kuba yarikanguye kandi agashobora kuvuga ari ikintu “kidasanzwe kandi kitari bwigere kiboneka mu buvuzi”. Ariko abaganga ntibaramenya neza ingene amagara yiwe azomera, bakavuga ko ashobora gukenera igihe kirekire kugira akire.

    Deborah Denno, umuhinga mu bijanye n’ivyaha akaba n’umwigisha muri kaminuza ya Fordham, yavuze ko yatangajwe cane no kwumva ko Pike yikanguye.

    Denno yavuze ko hari abandi bapfungwa indwi barokotse igihe abategetsi bariko baragerageza gushitsa urubanza rwo kubica. Ariko muri izo ncuro, abari bajejwe ico gikorwa ntibashoboye kwinjiza imiti y’uburozi mu mitsi yabo.

    Yavuze ko Pike ari we muntu wenyene azwi yatewe iyo miti nk’uko bitegekanijwe, ariko ntapfe.

    Yagize ati: “Barakurikije intambwe zose zari zitegekanijwe, ariko ntivyakoze. Ivyo ntivyari bwigere biba.”

    Ivyashikiye Pike vyasubiye kuvyura impari ku gukoresha urushinge rw’uburozi mu gushitsa urubanza rwo gupfa muri Amerika, harimwo ibibazo vy’uko ubwo buryo bukora neza kandi ko bwemewe n’amategeko.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Australia: Uwahoze ari musenyeri yapfunzwe azira gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri batabishaka

    Uwahoze ari musenyeri muri Australia, Christopher Saunders, yaciriwe umunyororo w’imyaka itandatu n’igice kubera gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri b’Abasangwabutaka ba Australia.

    Saunders w’imyaka 76 yaciriwe uwo munyororo kuri uyu wa gatatu. Azoshobora kurekurwa imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira guhera muri Ruhuhuma (2) 2031.

    Muri Myandagaro (8), sentare yari yamwagirije icaha kimwe co gufata umuntu ku nguvu n’ivyaha 12 vyo gukorakora abo basore batabishaka.

    Saunders yatanze imihoho mu 2020 ku mabanga yo kuba Musenyeri wa Broome, igihe yatangura kwagirizwa ivyo vyaha.

    Mu rubanza rwabereye muri reta ya Australia y’Uburengero, ubushikirizamanza bwavuze ko Saunders yagiye arakwegera abo basore, akabatumira mu bikorane aho basabwa gukura amashati, akongera akabaha inzoga nyinshi. Ivyo ngo akenshi vyakorerwa mu nyubakwa za Kiliziya kandi hagakoreshwa n’amafaranga yayo.

    Sentare yamwagirije ko yasomye akongera agakora ku mibiri y’abo basore mu buryo hagati ya 2010 na 2019. Yahamwe kandi no gufata umwe muri bo ku nguvu.

    Ariko ntiyagiriwe n’ivyaha yari yagirijwe ko yakoreye uwundi musore wa gatatu.

    Umwe mu bahohotewe yabwiye sentare ko bigoye kuvuga ivyashitse. Yagize ati: “Nari igikinisho yakoreshа. Ubu umutwe uriko urandya kandi ndababara cane.”

    Umucamanza Martin Flynn yavuze ko Saunders atubahirije agateka k’abo yahohoteye kandi ko yabateye ububabare buzomara igihe kirekire.

    Musenyeri Mukuru wa Perth, Timothy Costelloe, yasavye imbabazi abo basore, avuga ko bagaragaje umutima rugabo mu kubwira sentare ivyabashikiye no kurondera ubutungane.

    Saunders yari yabanje gukorwako amatohoza n’igipolisi mu 2020, ariko ararangira ata caha yagirijwe. Igipolisi casubiriye kuyatangura inyuma y’amatohoza adasanzwe yari yategetswe na Papa.

    Kiliziya Gatolika iriko irasabwa kwambura Saunders izina rya musenyeri n’ububasha yari asigaranye. Ingingo ya nyuma izofatwa na Vatikano.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

    Mu vyatangajwe kuri uyu wa kabiri, UNICEF yavuze ko abo bana babuze umwe canke abavyeyi bompi, abandi na bo batandukana n’imiryango yabo kubera ico kiza catangajwe muri Rusama (5).

    Benshi muri abo bana bari muri Ituri, abandi amajana bakaba bari muri Kivu ya Ruguru. Ariko UNICEF igabisha ko igitigiri nyakuri gishobora kuba kiruta ico, kuko ibiharuro biriho vyavuye gusa mu turere ikoreramwo ifatanije n’inzego z’intara zijejwe imibano.

    Lucia Elmi, ajejwe ibikorwa vya UNICEF , yavuze ko Ebola ishobora gusiga abana ata muntu abitaho, bikabashira mu kaga ko gufatwa nabi, gukoreshwa canke kwandura izindi ndwara.

    Iryo shirahamwe ryamenye kandi ko hari abana 214 baba canke bakorera mw’ibarabara i Bunia bakeneye gukingirwa vyihutirwa. Kubera batagira ababitaho, bashobora kwandura Ebola bitagoranye no kutaronka imiti igihe barwaye.

    Gushika mu mpera za Nyakanga (9), abana barenga 2.000 bari bamaze kwandura Ebola, abarenga 1.100 na bo barapfuye. Abana barenga ica kane c’abanduye bose, ariko bakaba hafi ica gatatu c’abapfuye.

    UNICEF iriko irafasha ibigo vyakira abana biri hafi y’ibitaro bivurirwamwo Ebola. Iriko kandi irafasha abana bahungabanye no kurondera imiryango yabo.

    Iryo shirahamwe rikeneye imiriyoni 113,4 z’amadolari kugira ribandanye ibikorwa vyo kurwanya Ebola, ariko rimaze kuronka imiriyoni 40,1 gusa.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.