Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano: Kenya irabuza abanyamahanga ubucuruzi buciriritse
Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 ukwezi kw'icenda mu 2026.
Ikiganiro c'uyu musi gishimikiye ku ngingo prezida William Ruto yatanze mu yo kubuza abanyamahanga bose gukora ubucuruzi buciriritse mu gihugu ca Kenya bitera umitima uhagaze mu karere kose.
Muri abo banyamahanga, benshi n'abo mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko: Uburundi, Urwanda, Tanzania, Uganda, Sudan y'Epfo, Republika ya Demokrasi ya Congo hamwe na Somalia.
Uburundi, kimwe mu bihugu bifise abenegihugu benshi baba muri ico gihugu bwaciye buvuga ko ico gikorwa cokwitonderwa. Na Uganda yarinibiye ico gikorwa.
Mu nyuma reta ya Kenya yavuze ko ijambo ry'umukuru w'igihugu hari abaryumvise nabi canke ukutariko, abategetsi batandukanye barasohora amatangazo yo gutomora ico yashatse kuvuga.
Ku musi wa mbere ku mugoroba, ubutegetsi bwa Kenya, bubicishije mu bushikiranganji bw'imigenderanire bw'ico gihugu, bwarahumurije abanyamahanga, bubizeza kubongerereza umutekano.
N'ibiro vy'umuvugizi wa prezida wa Kenya vyarasohoye itangazo rihumuriza abanyamahanga ko bahawe imisi 90 kugira ngo bazobe bitunganije mu vyangombwa, ariko abanyamahanga baba muri ico gihugu bavuga ko ataco vyari bigifasha inyuma y'amajambo yari yashikirijwe n'umukuru w'igihugu.
Ku musi wa mbere itariki 7 z'ukwezi kw'icenda, ni ho ikiringo perezida yatanze kuri abo banyamahanga carangira.
Abo iyo ngingo yerekeye bavuga ko n'imbere y'uko uwo munsi ugera bamwe baciye batangura gukubagurwa, guterwa ubwoba no gusahurwa.
Kuva ku wa mbere, ni benshi baciye bahagarika imirimo yabo, bamwe bafata inzira yo gutaha, abandi na cane cane abarundi biruka ku buserukizi bw'igihugu cabo kurondera impapuro zo gutaha.
Ku mbuga hwaniro haragaragaye ubutumwa bwo gukokeza urwanko cane ku barundi. Ariko hari n'abanya Kenya batashigikiye iyo ngingo.
Amashirahamwe nka KNCHR riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya hamwe n'irihurikiyemwo abanyamategeko bo mw'ishirahamwe ry'ubuseruko bwa Afrika, barashikirije impungenge kuri iyo ngingo ya prezida Ruto bavuga ko ishobora kugira ingaruka ku gateka ka zina muntu no guca kubiri n'amategeko igihugu ca Kenya cashizeko umukono.
Iyo ngingo ya prezida Ruto yatumye hari abibaza ko yoba ifitaniye isano n'amatora yimirije mu mwaka uza.
Ibibazo ni vyinshi: Kubera iki yategetse ko abanyamahanga bakora urudandaza ruciriritse baruhagarika batarinze no kurindira itegeko we nyene avuga ko rikiriko ririgwa mu nama nshingamateka rizotomora ubucurizi burekuriwe abanya-Kenya gusa?
N'iyihe nkurikizi ishobora kuba ku bantu n'ivyabo? Iyi ngingo ishobora kugira iyihe nkurikizi mu karere? Amategeko mw'ishirahamwe EAC avuga iki ku ruja n'uruza rw'abantu n'imitahe mu karere?
Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye gushimikirano muri kino kiganiro c'imvo n'imvano mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.