Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Urwanda rwakajije kugenzura imbibe inyuma y’iboneka ry’umurwayi wa Ebola i Goma

U Rwanda rwakajije igenzura ku mipaka inyuma y’iyemezwa ry’indwara ya Ebola i Goma, ivyo bikaba vyatumye abanyagihugu basanzwe babayeho mu mutekano muke no mu bukene barushiriza kugira ubwoba.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Uganda: Anita Among yahagaritse ibyo kongera kuba umukuru w’inteko mu gihe arimo gukorwaho iperereza

    Umukuru w’inteko ishingamategeko ya Uganda yatangaje ko atazahatanira uwo mwanya nyuma y’uko ubu harimo gukorwa iperereza kuri we ndetse ingo ze ebyiri zasatswe n’inzego z’umutekano, nk’uko ibinyamakuru muri iki gihugu bibivuga.

    Anita Among, umwe mu banyapolitike bakomeje kugaragaza ko bari hafi cyane y’ishyaka NRM rya Perezida Museveni, yavuze ko yafashe icyo cyemezo “nyuma yo kugisha inama no kwisuzuma ubwe”.

    Anita yatangaje ibi nyuma y’uko amakuru yemeza ko arimo gukorwaho iperereza kubyaha bya ruswa no kwigwizaho umutungo.

    Asobanura ku birimo gukorwa, Gen Muhoozi Kainerugaba umugaba w’ingabo za Uganda yavuze ko ku mategeko ya se akaba na Perezida w’iki gihugu, “inzego z’umutekano zirimo gukora operation 'Maliza Ufisadi' [rangiza ruswa]”

    Yongeraho ko “nta n’umwe uzasigara”.

    Ibinyamakuru muri Uganda bivuga ko mu barimo gukorwaho iperereza harimo Anita Among umukuru w’Inteko Ishinga amategeko ya Uganda kuva mu 2022 asimbuye Jacob Oulanyah yari yungirije ubwo yari amaze gupfa.

    Ikinyamakuru NewVision kivuga ko mu minsi micye ishize gusaka ku rugo rwa Among ruri ahitwa Kigo muri Kampala kwahasanze imodoka nyinshi z’agaciro ko hejuru cyane harimo iyo mu bwoko bwa Rolls-Royce.

    Kivuga kandi ko ku wa gatandatu urundi rugo rwa Among ruri i Nakasero, naho muri Kampala, narwo rwasatswe.

    Among yibukwa cyane mu 2021 ubwo nyuma yo gutorerwa kuba umukuru wungirije w’inteko ya Uganda aho yagize ati: “Nzaba umukuru wungirije w’inteko imyaka 10, n’umukuru w’inteko indi myaka 10”.

    Umwaka ushize, Among yaranenzwe nyuma yo kugereranya avuga ko Museveni ari "Imana data" naho umuhungu we Muhoozi ari "Imana mwana".

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Trump aburira Iran ko “Umwanya uriko urahera” mu gihe ibiganiro vy’amahoro vyahagaze

    Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaburiye Iran ko “umwanya uriko urahera ” mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara vyahagaze.

    Yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ati: “Bategerezwa kwihuta cane, bitabaye uko nta na kimwe kizoba gisigaye kuri bo. UMWANYA NI NGIRAKAMARO!”

    Ubu butumwa bwaje mu gihe uwo mu Perezida yavuganye kuri telefone n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ku musi wa Mungu, nk’uko ikinyamakuru Times of Israel cabitangaje kivuye ku biro vya Netanyahu.

    ibinyamakuru vya Iran vyatangaje ko Amerika itigeze itanga inyishu yumvikana canke ngo yemere ivyo Iran yasavye bishasha kugira ngo intambara ihagarare.

    Ikigo c’amakuru Mehr, cegereye ubutegetsi bwa Iran, cavuze ko ukubura ukwumvikana kwa Washington kuzotuma haba “uguhagarara kw’ibiganiro”.

    Ubutumwa bwa Trump bwagarutse ku majambo yari yavuze mbere y’uko hatangazwa agahengwe k’intambara mu ntango za Ndamukiza(4), aho yari yavuze ko “ubuzima bwose” bwoshobora guhona Iran itemeye amasezerano yo guhagarika intambara.

    Mu ntango z’iyi ndwi kandi, Trump yari yavuze ko ako gahengwe kari “mu kaga gakomeye cane” inyuma yo kwanka ivyo Tehran yasaba, avyita “ibintu bidashoboka kwemerwa na gato.”

    Esmail Baghaei, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Iran n’ayandi makungu, yavuze ko ivyo basavye ari “ivyiyumviro biranga ukwikukira no kugira ubuntu.”

    Nk’uko ikigo c’amakuru Tasnim co muri Iran cabitangaje, ivyo vyasabwe birimwo guhagarika intambara ubwo nyene ku mpande zose, harimwo ibitero Israel ikomeje kugaba kuri Hezbollah ifashwa na Iran muri Liban, guhagarika ibihano vy’ubwato bwa Irani ku bivuko vyayo, hamwe no gutanga ivyemezo ko ata bindi bitero bizokwongera kugabwa kuri Iran.

    Bivugwa kandi ko Iran yasavye indishi z’akababaro ku vyononekaye kubera intambara no kwemezwa uburenganzira bwayo ku muhora wa Hormuz.

    Ikigo c’amakuru Fars co muri Iran cavuze ku musi wa Mungu ko Washington yashizeho ibisabwa bitanu mu nyishu yayo ku vyifuzo vya Tehran.

    Muri ivyo, harimwo ko Iran yosigaza ikibanza kimwe gusa gikorerwamwo ivyerekeye ubutare bwa nikleyeri, hamwe no guha Amerika ubutare bwa uranium bwinshi Iran yari yaratunganije cane.

    Ku wa gatanu, Trump yavuze ko yokwemera ko Iran ihagarika umugambi wayo wa nikleyeri imyaka 20, ikibazo kimaze igihe kirekire kidahuza ibihugu vyompi, ivyo bikaba vyasigura ko yahinduye ingingo yari yabanje yo gusaba ko iyo porogarama ihagarikwa burundu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Imodoka zitwara abantu n’ibintu zahagaritse gukora muri Kenya kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro

    Imodoka zitwara abantu n’ibintu mu gihugu cose ca Kenya zahagaritse gukora uno musi ku wa mbere, inyuma y’aho abakora muri uwo murimo bahisemwo guhagarika ibikorwa kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro.

    Imodoka za matatu, amapikipiki ya boda boda, amatagisi hamwe n’amakamyo atwara ibintu vyitezwe ko bitaza gukora, ivyo bikaba bishobora gutuma haba ingorane zikomeye mu ngendo mu bisagara no mu tundi turere tw’igihugu.

    Iryo hagarikwa ry’ibikorwa ryakurikiye iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro ryaheruka gutangazwa n’ikigo ca Kenya kijejwe kugenzura ivy’inguvu na peteroli, EPRA, aho ibiciro vya essence na mazutu vyaduze cane.

    Amasendika hamwe n’amashirahamwe akorera mu rwego rw’ubwikorezi bavuga ko ayo mafaranga mashasha adashoboka ku bakora uwo murimo hamwe no ku banyagihugu.

    Amashure menshi yaburiye abavyeyi ko hashobora kuba ingorane mu gutwara abanyeshure, mu gihe abadandaza n’amashirahamwe bitegura ugucererwa kw’ibidandazwa n’ingendo z’abaja ku kazi.

    Ishirahamwe ry’abakora mu rwego rw’ubwikorezi, Transport Sector Alliance, rivuga ko iryo hagarikwa ry’ibikorwa rishigikiwe n’abatwara abantu, abatwara ibintu mu makamyo, amashirahamwe y’imodoka zunguruza abantu zo kuri internet hamwe n’abafise imodoka z’abantu ku giti cabo.

    Abari muri iyo myiyerekano basaba ko ibiciro vy’igitoro vyosubirwamwo, hagakorwa amahinduka mu rwego rw’igitoro, hamwe n’uko reta yofata ingingo zihutirwa zo kugabanya ubuzima buzimvye.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Urwanda rwakajije kugenzura imbibe inyuma y’iboneka ry’umurwayi wa Ebola i Goma

    Inyuma y’aho hamenyekaniye umurwayi wa Ebola mu gisagara ca Goma mu buseruo bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, igihugu c’u Rwanda cavuze ko cakajije kugenzura abantu binjira ku mipaka.

    Ivyo vyatumye haba ubwoba mu banyagihugu b’I Goma basanzwe bajabuka umupaka buri musi baja kurondera ubuzima.

    Bamwe mu banyagihugu babwiye BBC ko ubu Abanyarwanda bataha ari bo gusa bemererwa kwinjira mu Rwanda, mu gihe Abanyekongo bo batemerewe kujabuka.

    Izi ngingo zije mu gihe kigoye i Goma, igisagara kimaze igihe kiri mu maboko y’abarwanyi ba AFC/M23 kuva mu mwaka uheze. Amabanki yo muri ico gisagara na yo aracugaye , bituma benshi bategerezwa kujabuka baja mu Rwanda kurondera amafaranga, ibidandazwa n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.

    Abadandaza n’abakora ibikorwa hagati y’ivyo bihugu bibiri bavuga ko izi ngingo zijanye na Ebola ziriko zirongereza ubukene n’ingorane zisanzwe zihari.

    Umwe mu banyagihugu yavuze ko ibintu birenze urugero. Yabwiye BBC ati: “Twari dusanzwe tubona abantu bitwaje ibirwanisho hirya no hino, none hiyongeyeko na Ebola. Birarenze.”

    Urwanda ruvuga ko rwongereje uburyo bwo gusuzuma abantu ku mipaka inyuma y’aho Ebola yemejwe i Goma, hafi y’umupaka warwo. Hari kandi impungenge ziyongereye inyuma y’aho umuntu yishwe na Ebola ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

    Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bavuga ko abantu bose bamaze gupfa bazwi ko bari baheruka kuva mu ntara ya Ituri, ifatwa nk’icicaro c’iki kiza muri RD Congo.

    Abantu barenga 240 bakekwako banduye Ebola bariko barapimwa, mu gihe ibihugu bibanyi nka Kenya na Uganda na vyo vyakajije kugenzura ku mipaka no ku bibuga vy’indege kugira bikingire ikwiragira ry’iyo ndwara muri Afrika y’Ubuseruko.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.