IKIBIRIRAHO, Urwanda rwakajije kugenzura imbibe inyuma y’iboneka ry’umurwayi wa Ebola i Goma

U Rwanda rwakajije igenzura ku mipaka inyuma y’iyemezwa ry’indwara ya Ebola i Goma, ivyo bikaba vyatumye abanyagihugu basanzwe babayeho mu mutekano muke no mu bukene barushiriza kugira ubwoba.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Imodoka zitwara abantu n’ibintu zahagaritse gukora muri Kenya kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro

    Ifoto ya kera ya matatu , imodoka'bus' zungururza abantu muri kenya

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ifoto ya kera ya matatu, imodoka'bus' zungururza abantu muri kenya

    Imodoka zitwara abantu n’ibintu mu gihugu cose ca Kenya zahagaritse gukora uno musi ku wa mbere, inyuma y’aho abakora muri uwo murimo bahisemwo guhagarika ibikorwa kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro.

    Imodoka za matatu, amapikipiki ya boda boda, amatagisi hamwe n’amakamyo atwara ibintu vyitezwe ko bitaza gukora, ivyo bikaba bishobora gutuma haba ingorane zikomeye mu ngendo mu bisagara no mu tundi turere tw’igihugu.

    Iryo hagarikwa ry’ibikorwa ryakurikiye iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro ryaheruka gutangazwa n’ikigo ca Kenya kijejwe kugenzura ivy’inguvu na peteroli, EPRA, aho ibiciro vya essence na mazutu vyaduze cane.

    Amasendika hamwe n’amashirahamwe akorera mu rwego rw’ubwikorezi bavuga ko ayo mafaranga mashasha adashoboka ku bakora uwo murimo hamwe no ku banyagihugu.

    Amashure menshi yaburiye abavyeyi ko hashobora kuba ingorane mu gutwara abanyeshure, mu gihe abadandaza n’amashirahamwe bitegura ugucererwa kw’ibidandazwa n’ingendo z’abaja ku kazi.

    Ishirahamwe ry’abakora mu rwego rw’ubwikorezi, Transport Sector Alliance, rivuga ko iryo hagarikwa ry’ibikorwa rishigikiwe n’abatwara abantu, abatwara ibintu mu makamyo, amashirahamwe y’imodoka zunguruza abantu zo kuri internet hamwe n’abafise imodoka z’abantu ku giti cabo.

    Abari muri iyo myiyerekano basaba ko ibiciro vy’igitoro vyosubirwamwo, hagakorwa amahinduka mu rwego rw’igitoro, hamwe n’uko reta yofata ingingo zihutirwa zo kugabanya ubuzima buzimvye.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Urwanda rwakajije kugenzura imbibe inyuma y’iboneka ry’umurwayi wa Ebola i Goma

    Ifoto y'Abaganga bafotowe mu gihe c’ihungabana rya Ebola ryabaye muri Uganda mu mwaka wa 2022

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abaganga bafotowe mu gihe c’ihungabana rya Ebola ryabaye muri Uganda mu mwaka wa 2022

    Inyuma y’aho hamenyekaniye umurwayi wa Ebola mu gisagara ca Goma mu buseruo bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, igihugu c’u Rwanda cavuze ko cakajije kugenzura abantu binjira ku mipaka.

    Ivyo vyatumye haba ubwoba mu banyagihugu b’I Goma basanzwe bajabuka umupaka buri musi baja kurondera ubuzima.

    Bamwe mu banyagihugu babwiye BBC ko ubu Abanyarwanda bataha ari bo gusa bemererwa kwinjira mu Rwanda, mu gihe Abanyekongo bo batemerewe kujabuka.

    Izi ngingo zije mu gihe kigoye i Goma, igisagara kimaze igihe kiri mu maboko y’abarwanyi ba AFC/M23 kuva mu mwaka uheze. Amabanki yo muri ico gisagara na yo aracugaye , bituma benshi bategerezwa kujabuka baja mu Rwanda kurondera amafaranga, ibidandazwa n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.

    Abadandaza n’abakora ibikorwa hagati y’ivyo bihugu bibiri bavuga ko izi ngingo zijanye na Ebola ziriko zirongereza ubukene n’ingorane zisanzwe zihari.

    Umwe mu banyagihugu yavuze ko ibintu birenze urugero. Yabwiye BBC ati: “Twari dusanzwe tubona abantu bitwaje ibirwanisho hirya no hino, none hiyongeyeko na Ebola. Birarenze.”

    Urwanda ruvuga ko rwongereje uburyo bwo gusuzuma abantu ku mipaka inyuma y’aho Ebola yemejwe i Goma, hafi y’umupaka warwo. Hari kandi impungenge ziyongereye inyuma y’aho umuntu yishwe na Ebola ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

    Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bavuga ko abantu bose bamaze gupfa bazwi ko bari baheruka kuva mu ntara ya Ituri, ifatwa nk’icicaro c’iki kiza muri RD Congo.

    Abantu barenga 240 bakekwako banduye Ebola bariko barapimwa, mu gihe ibihugu bibanyi nka Kenya na Uganda na vyo vyakajije kugenzura ku mipaka no ku bibuga vy’indege kugira bikingire ikwiragira ry’iyo ndwara muri Afrika y’Ubuseruko.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.