Bafise ubwoba kubera ingingo ya Trump yo kugabanya ingabo za Amerika mu Budagi

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igihe co gusoma: iminota 4
Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe kwivuna abansi avuga ko ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo gukura muri iki gihugu ca Bulaya ingabo 5000 yari ingingo "yari yitezwe".
Avugana n'itororokanirizo ry'amakuru DPA, Boris Pistorius, ashimangira ko kuba ingabo za Amerika ziri ku mugabane wa Bulaya, cane cane mu Budagi, ari "ku nyungu zacu no ku nyungu za Amerika".
Hagati aho, urunani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe ruvuga ko ruriko rurasaba umuco kuri ino ngingo. Umuvugizi w'uru runani, umupfasoni Allison Hart avuga ko ruriko "rukorana na Amerika kugira ngo dutahure ido n'ido ry'iyi ngingo".
Ejo ku wa gatandatu, Trump niho yatangaje ko agiye kugabanya izi ngabo. Abajiwe kuri iyi ngingo, yagize ati: "Tugiye kuzigabanya cane, kandi turiko turagabanya izishika 5.000". Nta zindi nsiguro yatanze.
Donald Trump n'umukuru wa Reta y'Ubudagi Friedrich Merz baracanyemwo inyuma y'uko ku wa mbere Merz abwiye abanyehure ko "Abanyamerika ata nteguro bafise".
Yongeyeko ko "igihugu cose" cariko "kiramaramazwa" na Irani.
Mu kumwishura, Trump yaciye ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, yandika ko Merz yibaza ko vyari "vyiza ko Irani itunga ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara" kandi ko atazi "ivyo ariko aravuga".
Ni aya majambo nyene yaciye akurikirwa n'itangazo ryo gutahukana ingabo za Amerika, Pentagon ikaba yavuze ko ryashikirijwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi Pete Hegseth.
Umuvugizi wayo Sean Parnell yongeyeko ati: "Twiteze ko itahukanwa ry'izi ngabo rizoba ryarangiye mu mezi atandatu gushika kuri 12 ari imbere".
Impungenge ziriko ziriyongera muri uru runani OTAN rugizwe n'ibihugu 32, bifise ubwoba ko iyi ngingo ya Amerika ishobora gutuma uru runani rutakaza inguvu.
"Ikibazo gikomeye cane kuri uno muryango wo hirya no hino ya Atlantike si ic'abansi bawo bava hanze, ahubwo ni ingene uru runani rwacu ruriko rurasambuka", niko umushikiranganji wa mbere wa Pologne Donald Tusk yavuze ejo ku wa gatandatu mu kugabisha.
Abandanya ati: "Dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo duhindure ibi bintu".
Eka n'abashingamateka babiri bo mu mugambwe W'Abarepubulikani, ari na wo mugambwe wa Trump, bavuga ko bafise "amakenga menshi kuri ino ngingo yo gutahukana birigade y'ingabo za Amerika ziri mu Budagi".
"Aho gukura ingabo kuri uwo mugabane, ni ku nyungu za Amerika kugumana ububasha bwo kuzibira umwansi", nk'uko bivugwa n'umukenguzamateka Roger Wicker hamwe n'umushingamateka Mike Rogers, barongoye amakomite ajejwe ingabo mu nama nkenguzamateka na nshingamateka uko bakurikirana.
Muri iki kiganiro c'ejo ku wa gatandatu na DPA, Pistorius yateye akamo umugabane wa Bulaya ko ari wo wo nyene ukwiye kwifatira mu minwe ikibazo c'umutekano wawo, akaba yavuze ko Berlin (ubutegetsi bw'Ubudagi) igiye gukorana n'incuti zayo mu buryo bwa hafi cane gusumba.
"Ubudagi buri mu nzira nyayo", ni ko yavuze, aho yerekanye ko igihugu ciwe congerejwe cane uburyo igisirikare caco gikoresha muri ino myaka ya vuba.
Umudemokarate, Adam Smith ari muri komite y'inama nshingamateka ijejwe ingabo avuga ko iyo ngingo idashingiye kuri poritike y'umutekano wa Amerika, canke ku mwihwezo uwo ari wo wose, ariko ko ushingiye ku "mubabaro umukuru w'igihugu yiyumvamwo arondera kwihora".
Gusa, mugenziwe Clay Higgins w'umurepubulikani bari kumwe muri iyi komite, asa n'uwushigikira iyi ngingo, kandi akanegura ico abona ko ari ukwiteza utunyoni mu nama nkenguzamateka.
Mu kubashinyagurira, yanditse kuri X ati: "Gukura ingabo za Amerika 5000 muri abo Badagi bishima. Ahubwo dukwiye kubarungikira iyo nama nkenguzamateka.
"Ni bo bikwiranye, kumbure ibihugu vy'uburengero bwa Bulaya vyokwumva ko bikingiwe n'uru runani rw'abadindiza ibikorwa".
Trump yavuze kandi ko ashobora gukura ingabo za Amerika mu Butaliyano no muri Espagne.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuva inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose, Amerika yararungitse ingabo ku mugabane wa Bulaya mu ntumbero yo gutesha Uburusiya gukora ibitero ku ncuti za OTAN.
Gushika ubu, ifiseyo abasirikare bababa 68.000 bari ku bigo 31 vy'igihe kirekire hamwe n'ibirindiro 19 vy'inyongera.
Ubudagi bwonyene bufise 36.000, iki kikaba ari co gitigiri ca mbere kinini c'ingabo za Amerika ku mugabane wa Bulaya, ugereranije na 12.000 ziri mu Butaliyano, hamwe na 10.000 ziri mu Bwongereza.
Mu mwaka uheze, Washington yafashe ingingo yo kugabanya ingabo zayo muri Roumanie, mu mugambi wa Trump w'uko ingabo za Amerika ubu zikwiye kwibanda cane ku karere ka indo-pacifique.
Indo Pacific ni akarere k'ibahari Indiano n'ibahari Pasifike, hamwe n'ibihugu bikikije aya mabahari. Ni akarere gahuriramwo ibihugu bikomeye nka Amerika, Ubushinwa, Ubuyapani n'Ubuhindi, kandi ni ngirakamaro mu bijanye n'umutekano n'ubutunzi.
Mu gihe asanzwe anegura cane OTAN kuva kera, ubu Trump ararakariye cane incuti zayo muri uru runani kubera banse kwitaba akamo kiwe ko gufasha mu kwugurura Umuhora wa Hormuz, inzira ikomeye icishwamwo igitoro, yazibiwe na Irani kuva Amerika na Israel bitanguje intambara kuri ico gihugu co mu kigobe c'Abarabu.












