Imbeya, iminyororo, intete: Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri Afrika

Yatangajwe

Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri iyi ndwi muri Afrika

 Umugabo ashitse ku musigiti Grand Mosque ku wa gatanu I Nouachott ku wa June 28, 2024

Buca haba amatora y'umukuru w'igihugu muri Mauritania, umugabo ashitse ku musigiti Grand Mosque i Nouachott mu masengesho yo ku wa gatanu...

 Abashigikiye umukuru w’igihugu wa Mauritania akaba n’umukuru wa Union pour la Republique, Mohamed Ould Cheikh El Ghazouani, ariko arigina intsinzi i Nouakchott, 2024. Uwo yari asanzwe ari umukuru w’igihhugu yatsinze amatora ku majwi angana na 56.12% ku ngunga ya mbere.

Haheze iminsi abashigikiye umukuru w'igihugu yari ahasanzwe bariko barigina intsinzi ko yasubiye gutorwa. Uwo bahiganywe , uwurwanya ubuja/ubucakara, avuga ko amatora yibwe.

Umuririmvyi wo muri Nigeria, Ayra Starr (ari hagati) ariko ararimba ku munsi ugira kane wa Glastonbury Festival 2024 I Glastonbury 2024, Pilton ku wa 29 Ruheshi, Glastonbury, England.

Ku wa gatandatu, Ayra Starr abaye umuririmbyi wa mbere wa Afrobeats aririmbiye kuri Pyramid mw'isabukuru ya Glastonbury Festival muri UK...

Umuririmvyi wo muri Nigeria, Burna Boy ariko araririmba kuri Pyramid ku munsi ugira gatanu w’isabukuru rya Glastonbury i Worthy Farm mu kigwati ca Pilton muri Somerset, mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubwongereza, ku wa 30 Ruheshi

Yakurikiwe bukeye na mugenziwe wo muri Nigeria Burna Boy.

Tyla ku musezero utukura ku wa 30 Ruheshi.

Ku wa mungu kandi, umuririmvyi wo muri Afrika y'Epfo, Tyla yagaragaye mw'ihiganwa rya BET awards muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika hanyuma atahana uudushimwe tubiri.

Silvio De Sousa wo muri Angola na Willy Hernangomez wo muri Espagne ku wa gatatu bariko baragwanira umupira mu rukino rwa basketball rwo kurondera itike yo kuja mu nkino za Olympique

Silvio De Sousa wo muri Angola na Willy Hernangomez wo muri Espagne bariko bararwanira umupira mu rukino rwa basketball rwo kurondera itike yo kuja mu nkino za Olympic.

Umunya-Eritrea asiganwa kw'ikinga Biniam Girmay ahagaze aho bambikirwa umudari.

Umunya-Eritrea asiganwa kw'ikinga Biniam Girmay ahejeje gutsinda agace ka gatatu ka Tour de France ku a mbere. Abaye umunya-Afrika wa mbere w'umwirabure atsinze kamwe mu duce 21 tw'iryo higanwa riba buri mwaka.

Abarovyi bavanye ubwato bwabo mu mazi

Abarovyi bavuye mu mazi bazanye ku musenyi wa Abidjan ifi bafashe , ku wa mungu.

 Georgia Oboh wo muri Nigeria ariko arakina mw’ihiganwa rya Dow Championship muri Midland Country Club ku wa 30 Ruheshi Midland, Michigan.

Umunsi ukurikira, umugore w'umunya-Nigeria akina golf ariko arakina mw'ihiganwa rya Dow Championship muri Amerika.

Uwuri mu mnyiyerekano n’amapingu ku maboko yompi ari myiyerekano yo kwiyamiriza reta ku wa kabiri Mukakaro

Imyiyerekano yarabandanije ku wa kabiri muri Kenya n'ubwo hahebwe integuro abanyagihugu baterekwa yo kuduza amakori...

 Umuporisi wo muri Kenya atumye urutoke uwuri mu myiyerekano yiyoberanije mu maso Nairobi, Kenya, ku wa 2 Mukakaro

Abakiri bato ni bo bagiye imbere muri iyo myiyerekano mu bisagara vyo hirya no hino mu gihugu.

Umugore w'umunya-Tunisia ariko aranikira couscous

Hanyuma ku wa gatanu, mu gisagara ca Nabeul muri Tunisia, umugore ariko arasanza couscous ku zuba ngo yume.