Ukraine ivuga ko n’ubu Starlink idakora neza, inyuma y’uko Trump atangaje ko igabanywa ry’umurindi wayo ryakuweho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amasoko yo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine avuga ko ico gihugu kigifise ingorane zo gukoresha umuhora w’ibigendajuru wa Starlink, inyuma y’uko Donald Trump avuze ko Elon Musk yasubijeho ubushobozi bwo guhanahana amakuru biciye kuri internet yawo.
Ayo masoko yabwiye BBC ko hari ama drones akigaragaza ugutakaza iyo internet, mu gihe aba ari ku muvuduko w’ibirometero 161 kw’isaha. Ivyo biriko bigira ingaruka ku bikorwa vya gisirikare.
Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yahakanye ko yoba yarategetse Elon Musk, nyene ubwo buhinga bwa none, kugabanya ubushobozi bwo guhanahana amakuru biciye ku muhora ufatanye na Starlink ukoreshwa n’igisirikare ca Amerika uzwi nka Starshield. Ariko ku wa kane, yavuze ko Musk yari « yasubijeho » ubwo bushobozi.
Musk yari yabanje kuvuga ko atari we yari inyuma y’igabanuka ry’uwo muvuduko ryagize ingaruka ku bushobozi bwa Ukraine bwo gukoresha ama drone mu kugaba ibitero no mu kwivuna.
Amasoko yo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine yavuze ko igisirikare c’ico gihugu kiguma gikurikirana uko imihora ya Starlink na Starshield ikora.
Avuga ko « muri iki gihe ata cemeza ko izo nzitizi zavanyweho ».
Mu ndwi iheze, igisagara ca Kyiv catangaje ko umuvuduko w’itumatumanako ry’ibigendajuru biri mu nzira yo mu kirere yegereye isi (low Earth orbit) wagabanijwe bikagira ingaruka ku muvuduko ama drones ashobora kugenderako. Abategetsi bavuze ko drone yose igendera ku muvuduko urenga ibirometero 100 kw’isaha yatakaza ubuhinga buyihuza n’uwo muhora.
Inyuma y’aho gato, Musk yavuze ko Starshield, ikoreshwa na Ukraine muri bimwebimwe mu bikorwa vyayo, igenzurwa n’igisirikare ca Amerika. Yaciye yerekana ko Pentagon ari rwo rwego rukuru rushobora kuba rwabaye inyanduruko y’izo ngorane.
Kuva ico gihe, White House yagumye ihakana ko yoba yarashizeho nkana inzitizi ku kuntu Ukraine ikoresha uwo muhora.
Ku wa kane, igihe Trump yabazwa nimba ari we yahamagaye Musk amusaba gukuraho izo nzitizi, inyuma y’uko hari amakuru yari yabivuze, nta vyinshi yabivuzeko. Yagize ati: « Ikiruta vyose ni uko wasubijweho [umuhora]. »
Ukraine ikoresha Starlink igenewe abasivire hamwe na Starshield ikingiwe cane, bivanye n’ubwoko bw’itumatumanako iba ikeneye.
Iyo mihora ikoresha ibigendajuru ibihumbi 10 biri mu nzira yo mu kirere yegereye isi kugira ngo itange ubuhinga bwo guhanahana amakuru, cane cane mu turere turi kure y’ibisagara no ku rugamba.
Starlink ntikora mu Burusiya, ni co gituma Kyiv idashobora kuyikoresha mu bitero bigabwa hanze ya Ukraine.
Izindi nkuru wosoma:



