DR Congo yitwariye Urwanda muri sentare mpuzamakungu

Ifoto ya M23 yo muri Nzero (1) January 2023

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagwanyi ba M23 bamaze gufata ibice bitari bike vy'ubuseruko bwa RDC
    • Umwanditsi, Emery Makumeno
    • Yakoze inkuru ari, Kinshasa
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Repuburika ya Demokarasi ya Congo (RDC) yashingishirije urubanza Urwanda muri Sentare Mpuzamakungu y'Ubutungane (Cour Internationale de Justice CIJ), yagiriza ico gihugu kibanyi kurenga ku masezerano mpuzamakungu menshi.

Mw'itangazo, Congo yavuze ko Urwanda rwarungitse ingabo kandi rurashigikira imigwi yitwaje ibigwanisho mu gukora ibikorwa vya gisirikare binyuranye n'amategeko ku butaka bwayo inyuma ya jenoside yo mu 1994.

Ku wa gatanu, umushikiranganji wa Congo ajejwe ubutungane Guillaume Andali yavuze ko igihugu ciwe gikeneye ko hagira uwubazwa ibivugwa ko hari amasezerano mpuzamakungu yarenzweko arimwo gukinga jenoside, ivangura rifatiye ku moko, uburenganzira bw'abagore hamwe no kuboreza igufa.

Urwanda ntaco ruravuga kuri urwo rubanza rwashingishijwe, ariko kuva kera rwagumye rwiyamiriza ivyemezo vy'uko rushigikiye imigwi irwanya reta muri ico gihugu.

Abahinga ba ONU n'ibihugu vy'i Buraya na Amerika bari mu bavuga ko Urwanda rushigikiye M23, umwe mu migwi ikomeye yitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa RD Congo.

Urubanza Congo yashingishije rusaba CIJ, ikorera mu Buhorandi, gutegeka Urwanda guhagarika ivyaha rwagirizwa gukora hanyuma ruhe indishi abategetsi ba Congo n'abakorewe ivyaha.

CIJ ubu igiye kuzokwihweza ivyo yashikirijwe.

Ubu si ubwa mbere Congo yitwariye Urwanda muri CIJ.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urubanza rwa mbere rwarahebwe na Congo mu 2001. Mu 2006, CIJ yaranse kwiga urubanza rugira kabiri, ivuga ko rutashobora kubandanya kuko Urwanda rutemera iyo sentare.

Iyo ntambara imaze imyaka mirongo muri Congo irafitaniye isano na jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Abantu barenga 800.000 - cane cane b'Abatutsi - barishwe n'intagondwa z'Abahutu.

Batinya ingaruka z'ivyari bihejeje kuba, Abahutu bagereranywa mu muriyoni (1.000.000) - baciye bahungira hakurya muri Congo y'ubu - ico gihe yitwa Zaire. Ivyo vyatumye haduka icuka kibi c'amaoko mu gihe umugwi w'inkehwa z'Abatutsi bo muri Congo -Abanyamulenge- baciye bumva ko bageramiwe.

Ku ncuro zibiri, ingabo z'Urwanda zarateye Congo, zivuga ko zigiye guhiga bamwe mu bagirizwa guhunga bahejeje gukora jenoside, hanyuma zirakorana na bamwe mu Banyamulenge n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho.

Umwe mu migwi y'Abahutu, FDLR, urimwo bamwe mu bakoze amahano muri jenoside mu Rwanda, uracari ku rugamba mu buseruko bwa Congo.

Urwanda ruvuga ko FDLR ari ''umugwi w'ingendo ya jenoside'' rukavuga ko kuguma ngaho mu buseruko bwa Congo ari ingeramizi ku mutekano w'Urwanda.

Ico gihugu cagiriza reta ya Congo gukorana na FDLR - ivyo Congo iguma ihakana.

Iyo ntambara yararushirije ubukari mu kwezi kwa mbere mu mwaka uheze igihe M23 yafata ibice vyo mu buseruko birangwamwo cane ubutare n'amabuye y'agaciro, harimwo n'imigwa mikuru y'intara za Kivu zompi, Goma na Bukavu.

Iyo ntambara yarabandanije n'ubwo Urwanda na Congo basinye amasezerano y'amahoro mu kwezi kwa Kigarama (12) yashitwseko bifashijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.