Imvo n'Imvano ku nzoga 'zigisibije' mu Burundi

Insiguro y'amajwi,
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 ukwezi kwa Gatandatu mu 2026.

Mu kiganiro c'uyu musi turabira hamwe ivyerekeye inzoga zitadukanye bivugwa ko zidakurikije amategeko zikorerwa mu Burundi. Zifise amazina atandukanye: Agasarabwayi, Kick n'auandi.

Baba abanyagihugu canke abategetsi bo ku nzego zose, gushika ku mukuru w'igihugu, bose baremeza ko izo nzoga zigisibije. Kandi baraziyamiriza bivuye inyuma. Abazinyoye ngo baragoyagoya, ubuzima bwabo bugasinzikara cane ku buryo ata gikorwa na kimwe baba bagishoboye.

Izo nzoga ariko ngo zirakundwa cane n'abanyagihugu kuko zizimbutse, kandi zikaba ziboreza vyihuta.

Igihe umushikiranganji w'ubutunzi yari mu nama nshingamateka mu ntango z'uku kwezi gusigura ivyerekeye amahera reta izokoresha, havuzwe ko, ikinyobwa conyene ca Kick catanze ikori rigera ku miriyaridi 6 mu mwaka uheze.

Yasavye abashingamateka kwitondera guhagarika ivyo binyobwa kuko ababikora babironkeye uruhusha hanyuma kandi reta ikaba ikeneye ayo mahera. Ariko adahakanye ko bibangamiye ubuzima bw'abantu.

Uriko urumviriza nta n'umwe atipfuza ko ivyo binyobwa biranduranwa n'imizi mbere hakanashikirizwa n'amajambo akomeye yo kuvyiyamiriza, ku buryo uyumvise, utokwibaza ko hari uwuzosubira gucutsaa umutima wo gukora, kudandaza canke kunywa izo nzoga.

Ariko budakeye na kabiri, abo bategetsi usanga bagiye kwugurura iratiro ry'ibidandazwa bitandukanye, harimwo n'ivyo binyobwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aha rero ni ho haza ibibazo bitandukanye. Abakora ivyo binyobwa ko bazwi, kubera iki batabuzwa kubandanya kubikora? Kuki ivyo biba mu gihe hariho ikigo c'igihugu kijejwe kugenzura ubuziranenga? Mbega amahera yoba asumba amagara y'abenegihugu? Hokorwa iki ngo imvugo ijane n'ingingo?

Ibi rero ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mwateguriwe.

Muri kino kiganiro twatumiye Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire no gusesagura itunga ry'igihugu,OLUCOM.

Turi kumwe kandi n'umwigisha wa kaminuza Prof. Severin Sindayikengera yigeze kuba arongoye ikigo kijjejwe kugenzura ubuziranenge, BBN.

Turi kumwe kandi n'umuhinga yanonosoye ivyo kwenga inzoga John Chris Kavakure, umuhinga mu kwenga inzoga.

Twari twatumiye n'ubushikiranganji bw'ubutare n'agataka, muvyo bujejwe harimwo kugenzura abakora ibinyobwa abarundi bihereza, ariko batubwira ko kuri ico kibazo twokwisunga ivyo umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Nestor Ntahontuye aherutse gushikiriza mu kiganiro aherutse kuremesha ari kumwe n'abashikiranganji bose.

Ico kiganiro cabereye ku murwa mukuru wa poritike i Gitega. Umushikiranganji wa mbere yavuze ko bagiye guhana abo bahingura izo nzoga badakurikije ibipimo vya BBC.

Ariko hagati aho izo zoga zirabandanya gukorwa ukuri kwamye mu gihe abanyagihugu bavuga ko zibabangamiye.

Iikiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.