Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Se wa Lionel Messi, Jorge Messi, yapfuye ku myaka 68 inyuma y'indwara y'igihe kirekire
Jorge Messi, se w'umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru Lionel Messi, yasandavye mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatandatu afise imyaka 68, aho yari ari kuvurirwa mw'ivuriro ryo mu gisagara ca Rosario muri Argentine inyuma y'igihe kirekire yari amaze arwaye, nk'uko umuryango w'uno mukinyi yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Lionel Messi w'imyaka 39, yamaranye igihe na se inyuma y'Igikombe c'Isi cabereye muri Amerika y'uburaruko, imbere yo gusubira mu murwi wiwe Inter Miami.
Jorge yamye yegereye cane umuhungu wiwe Lionel mu rugendo rwiwe rwose rw'umupira w'amaguru, kuva agitangura gukinira Barcelona. Yabaye inkingi ikomeye mu kumushigikira kandi imyaka myinshi yari n'umuserukizi wiwe.
Lionel yaheruka kuvuga ati: "Namye nkeneye ko dawe ashima ivyo nakoze kuva nkiri umwana. Inyuma ya buri rukino, naramubaza ico yiyumvira ku kuntu naba nakinye".
Mu Gikombe c'Isi, uno kizigenza w'umurwi nserukira gihugu wa Argentine yerekanye ibigumbagumba inyuma yo gutsinda ibitsindo bitatu mu rukino rwa mbere rwabahuje na Algeria, akorora amosozi igihe yinjiza igitsindo ciwe ca mbere.
Mu nyuma, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Lionel yasiguye ko ayo marira yatewe n'ikintu "kitari gifitaniye isano n'umupira w'amaguru", inyuma y'"imisi mikeyi igoye kandi yuzuyemwo ingorane" yaciyemwo.
Inyuma y'imisi mikeyi, ni ho umuryango wiwe wasohora itangazo rijanye n'"ingene amagara ya Jorge yari ameze", umenyesha ko yariko arivuza.
Imirwi itari mike, harimwo na Real Madrid hamwe n'umurwi Newell's Old Boys Lionel Messi yakuriyemwo, be n'Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru rya Argentine (AFA), barungikiye ubutumwa bwo guhoza Lionel Messi n'umuryango wiwe.