Ibisagara 10 vya mbere kw'isi biryoshe kubamwo mu 2026

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Ikinyamakuru The Economist, co mu Bwongereza, carasohoye urutonde rushasha rw'ibisagara 10 biteye igomwe kandi biryoshe kubamwo kurusha ibindi kw'isi mu 2026.

Mu cegeranyo ico kinyamakuru cashize ahabona, hihwezwa ibisagara 173 vyo hirya no hino kw'isi.

Mu gutegura urwo rutonde, The Economist yisunga ibintu bitandukanye harimwo umutekano n'ituze, amagara y'abantu, imico n'akaranga, isuku, ikirere n'ibidukikije, indero, hamwe n'ibikorwa remezo bihari.

Iki cegeranyo cerekana ko ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bikibandanya kuza kw'isonga ry'ibihugu bifise ibisagara vyiza kandi biryoshe kubamwo kurusha ibindi kw'isi, bigakurikirwa na Australie.

BBC yarasesanguye ico cegeranyo yongera kandi iganira n'ababa muri bimwe muri ivyo bisagara kugira irushirize gutahura ubuzima babayemwo n'ingene babayeho.

Ivyo bisagara ni ibihe ?

1. Copenhague

Umurwa mukuru wa Danemark, Copenhague, ni wo uza mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde, kandi ni ku ncuro ya kabiri wikurikiranya.

Nk'uko ikinyamakuru Copenhagen Magazine kibivuga, ico gisagara cahawe amanota menshi kubera urugero rwiza rw'ubuvuzi, umutekano, indero, ibikorwa remezo vyiza cane hamwe n'uko ico gisagara giha abahaba ubuzima buteye igomwe rwose bushingiye ku mico, akaranga, imyidagaduro n'imibano.

Ku Banya Danemark, kuba i Copenhague bisobanura kubaho neza, kuronka umwanya ukwiye wo kuruhuka no kwinezereza, no kubaho ata guhagarika umutima.

Laura Amira Qassem, umunyeshure yiga ivy'ubuganga akaba n'umushakashatsi amaze imyaka umunani aba i Copenhague, agira ati:

« Aha, umuntu arashobora kuja ku kazi akoresheje ikinga ata na kimwe yinona, akavayo aja kwinonora imitsi, mu nyuma akitahira gufungura. Ivyo ni ibisanzwe ngaha, kandi vyose bishobora gukorwa ku musi umwe. »

Yongerako ko amabarabara yagenewe abagenda n'amakinga yitwararitswe ku rugero rudasanzwe, hakaba n'amazi asukuye cane. Ibi bituma iki gisagara kiba ic'indoto, kibereye, kandi kiryoshe gutemberamwo n'ikinga. Ashimangira ko ubunini bw'iki gisagara « bubereye kandi bufasha neza umuntu atembera n'amaguru canke kw'ikinga. »

Ni ikintu Laura yemeza ko atigeze abona imbere y'aha.

2. Vienne

N'ubwo iki gisagara co muri Australie catakaje ikibanza ca mbere mu mwaka uheze, urwego rwiza rw'ubuvuzi n'indero vyatumye kiza mu kibanza ca kabiri ku rutonde rw'ibisagara biryoshe kubamwo kuruta ibindi kw'isi.

Ariko ku bw'abakibamwo, ubuzima bwiza bushingiye ahanini ku kuntu umuntu ashobora kwisanzura no kumererwa neza cane rwose mu mabarabara mu kwiyunguruza vyoroshe haba mu modoka canke ku wugenda n'amaguru.

Franziska Hochmüller, akorera ikigo c'ubukerarugendo ca Vienne, agira ati:

« Mu buzima bwanje bwa minsi yose, nja ku kazi nkoresheje imwe muri tramways zizwi cane muri iki gisagara. »

« Aho kugenda ndaba terefone yanje, nkunda gusoma ibitabu canke nkihweza inyubakwa nziza nca iruhande. Ivyo binyibutsa buri musi ukuntu ubuzima bwo kuba i Vienne buryoshe, n'ubwo ivyo mbona bisa n'ibisanzwe. »

3. Melbourne

Nk'uko The Economist ibivuga, Melbourne ni co gisagara kiza ubwa gatatu. Ni igisagara kigira kabiri muri Australie, kandi gifise ubutunzi budasanzwe bushingiye ku mico hamwe n'ibidukikije.

Abahaba bavuga ko ubudasa n'ubwinshi bw'iyo mico n'akaranga birangwa muri iki gisagara butuma umuntu yisanga aba ahantu haryoshe kandi hipfuzwa rwose, kuko buri gace gafise imico n'akaranga kisangije kandi bidasanzwe.

Anne-Marie Lennon, Umuyobozi mukuru mw'ihoteri mpuzamakungu Crowne Plaza Carlton, yakoreye mu Bwongereza, muri Irlande no muri Australie, agira ati: « Melbourne ni igisagara kinini ariko kirimwo umwuka wo guhimbarwa n'uburwaneza, aho abantu bakunda gukoranira hamwe. »

« Abahaba baritaho canke bakakira abashitsi neza cane. Ico gisagara gifise ubuzima bwiza cane bushingiye ku mico, imfungurwa z'ubwoko bwinshi, imideri, utugenegene n'umuziki bitera akanyamuneza ku rugero rwo hejuru. Buri karitiye ifise aka birya yisangije, ikarangwamwo n'imyidagaduro n'uburyohe vyihariye, ibituma karitiye imwe yose itandukana n'iyindi mu vyiza. »

4. Sydney

Sydney, ikindi mu bisagara bikomeye vya Australie, kiza mu kibanza ca kane.

Abahaba bakunda ubwiza bw'imisozi, ibidukikije vyaho, ubwinshi n'ubwiza bw'imico n'akaranga hamwe n'ubuzima butekanye kandi buryoshe.

Steve Kemper, Umushikiranganji w'ubukerarugendo muri reta ya Nouvelle-Galles du Sud (NSW), agira ati: « Aho uri hose muri Sydney, ntuba uri kure y'uburere bufise vyinshi vyo kuratira ijisho. Kuva ku nkengera z'amazi, ahari imisozi myiza cane isa n'ubururu, gushika ku bibanza vyo ku musenyi impande y'ikiyaga. »

Yongerako ko uruvangatirane rw'imico kandi myiza, ubudasa bw'uturere tugize ico gisagara, imfungurwa ziryoshe z'ubwoko butandukanye, hamwe n'ubuzima bwaco bwuzuyemwo imirimo itandukanye, ari vyo bituma Sydney kiba igisagara kidasanzwe. Avuga kandi ko ari igisagara mpuzamakungu cakira abantu b'imice yose kikagira n'ikirere ciza kandi kiruhura.

Mu gusozera agira ati:

« Sydney ni igisagara kibamwo abantu b'ubwenegihugu butandukanye, bafise imico y'ubwoko bwinshi. Hari ubwoko bw'imfungurwa buryoshe cane, n'abantu bava mu mihingo yose y'isi, hakaba n'ikirere gitekanye, n'ubwinshi bw'abanyagihugu bugereranye. Urwo ruvangatirane rw'ibintu vyiza gusa ruboneka gake mu gisagara kinini nk'iki. »

5. Zurich

Nk'uko The Economist ibivuga, Zurich, igisagara co mu Buswisi, kiza mu kibanza ca gatanu.

Abakibamwo bemeza ko ubuzima bwiza muri ico gisagara bushingiye ku kuntu hari ivya ngombwa vyose bituma abantu bagira amagara meza yo ku mubiri no mu mutwe, hamwe n'uko vyoroshe gushikira uburere buteye igomwe bwo kuratira ijisho kandi buruhura rwose.

Manuela Leonard, yavukiye kandi akurira i Zurich, avuga ati: « Zurich irimwo ibiyaga vyiza cane n'inzuzi ziteye igomwe. »

Yongerako ati: « Buri musi ndaja gutembera ku nkengera z'ikiyaga Zurich canke ku nzuzi Limmat na Sihl. Ivyo biramfasha kuruhurira umutima no gusubira kuronka inguvu. »

Abandanya ati: « Amazi yo muri izo nzuzi arasukuye gose, kandi mu gisagara cose hari ibibanza birenga 1.200 umuntu ashobora kwogamwo vyateguwe neza. »

N'ubwo Manuela Leonard amaze ubuzima bwiwe bwose aba i Zurich, avuga ko akibandanya gutangazwa n'ukuntu isuku ryitwararikwa muri iki gisagara.

Ibindi bisagara biri muri 'top 10'

  • Genève
  • Ōsaka
  • Adélaïde
  • Vancouver
  • Tokyo