Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Reta yadugije igiciro c'icayi mu gihe abarimyi basa n'abari bacitse intege
Ikilo c'amababi mabisi y'icayi kigiye kugurwa amafaranga 1000 y'Amarundi, mu gihe cahora ku 500, nk'uko bigaragara mw'itangazo Ubushikiranganji bw'ubudandaji bw'Uburundi bwasohoye.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo "kwishura ku myitwarariko y'abarimyi". Bumenyesha kandi ko yafashwe mu ntumbero ya reta yo "kugenda ibadugiriza buhorobuhoro amafaranga [bakura muri ico gisata]".
Haraciye igihe kitari gito abarimyi mu Burundi bidoga ko uburimyi bw'icayi ataco bubamariye kubera amafaranga bakuramwo atakibabeshaho. Bafatira ku kuntu ibiciro vy'ivya nkenerwa kw'isoko vyagumye biduga, mu gihe igiciro c'icayi kitakurikiye uwo murindi.
Ivyo vyunyuwe n'ingorane z'ikena ry'ifumbire. Vyageze n'aho bamwe mu barimyi batangura kurandura imirima yabo y'icayi, kugira bahatere ibiterwa mbumbarugo.
Ikigo ca reta kijejwe icayi mu Burundi, OTB, kimenyesha ko mu myaka 10 iheze, umwimbu w'icayi wasubiye inyuma ku rugero rwa 30 kw'ijana. Kivuga ko muri ico kiringo nyene amahegitari arenga 1000, mu yarimwamwo icayi, yahebwe.
Mu kuduza igiciro c'ikilo gushika ku gihumbi, reta y'Uburundi yizeye ko abarimyi bagiye kwiyumva ko bashigikiwe gurtyo bongereze umurindi wo kuvyura uburimyi bw'ico giterwa. Yizigiye kandi ko bagiye gusubiriza ibiterwa bishaje, bananagure imirima bari barahevye.
Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi vyahoze vyinjiriza Uburundi amafaranga mvamakungu, hambavu y'ipampa n'agahawa. Ariko ivyo bisata vyose bimaze imyaka bigenda bisubira inyuma, aho n'abarimyi babikoreramwo bakomeza gucika intege.