Dr Bajinya imbere y'ubutabera bw'Ubwongereza
Dr Bajinya imbere y'ubutabera bw'Ubwongereza
Yatangajwe
Ubwongereza bwatanguye kuburanisha umuntu wa mbere ku vyaha bifitaniye isano na jenoside yo mu Rwanda.
Dr Vincent Brown, yahoze yitwa Vincent Bajinya, yagirizwa kandi ibindi vyaha bitandatu vyo kugira uruhara mu bwicanyi bufatwa nk'ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu. Kutaburanisha no kutarungika abakekwako gukora jenoside mu Rwanda, ni kimwe mu vyari vyatumye umubano hagati y'ivyo bihugu bibiri ujamwo agatosi.



