Imvo n'imvano: Ivyananiye Prezida Kabila mu myaka 18 agiye kubishobora ari muri FRN?

Insiguro y'amajwi, Urunani FRN rwa Prezida Kabila rufise intumbero yo gukura ku butegetsi Félix Tshisekedi
Imvo n'imvano: Ivyananiye Prezida Kabila mu myaka 18 agiye kubishobora ari muri FRN?
Yatangajwe

Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 ukwezi kwa cumi mu 2026

Intambara yo mu buseruko bwa Repuburika ya Demokasi ya Congo yoba igiye guhindura isura?

Ni kimwe mu bibazo vyinshi kuva hashinzwe FRN, Front pour la Refondation de la Nation, urunani rushasha rurongowe n'uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Joseph Kabila Kabange.

Ni urunani rufatanya politike n'ibigwanisho mu kurondera guhindura intwaro muri Congo.

Mu bitari bike, nta bishasha kuri urwo runani.

Joseph Kabila afise ivyegera bitatu, Corneille Nangaa na Bertrand Bisimwa hamwe na Emmanuel Sultan Makenga afatanya ayo mabanga no kuba umukuru w'ingabo zegamiye urwo runani, ARC – Armée Révolutionnaire Congolaise. Abo bose bahora barongoye urunani AFC/M23 rwashinzwe mu mpera za 2023.

Hari kandi na Freddy Kaniki, umukuru wa MRDP-Twirwaneho, yashizwe mu kibanza c'umunyamabanga mukuru w'urwo runani.

Gishasha ni uwubaye umukuru w'urwo runani rushasha. Joseph Kabila, yabaye umukuru w'ico gihugu ca Congo imyaka 18.

Reta ya Kinshasa yagumye yagiriza Prezida Kabira ko ari we ari inyuma y'abagwanyi ba AFC/M23 ariko we akabihakana.

Itariki 30 z'ukwezi kw'icenda, sentare ya gisirikare yaciriye urubanza rwo gupfa Joseph Kabira atari ho ari, imuhamije ivyaha vyo mu ntambara n'ivyo guhemuka.

Kabila yagumye ahakana kugira aho bahuriye na AFC/M23 ubu igenzura ibisagara binini vyo mu buseruko bwa Congo, Goma na Bukavu.

Mu kwezi kwa kane uyu mwaka, Reta zunze Ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano prezida Kabila, zimwagiriza gufasha mu buryo bw'amafaranga na politike umuhari wa AFC/M23.

Aho agaragariye i Goma mu kwezi kwa gatanu mu 2025, hari benshi babibonyemwo kwemeza ivyahora bikekwa.

Itangazo ry'uwo muhari mushasha wa FRN ryashizwe ahabona inyuma y'imisi itatu Kabila ashikirije ijambo igihugu, aho yavuga ko mu misi no mu dwi ziri imbere azosigura neza ingene abanye Congo bokora mu ntumbero yo gutabara igihugu cabo.

Muri iryo jambo yagirije prezida Felix Tshisekedi ubu ari ku butegetsi kwirengagiza ivyo yasavye mw'ijambo yari yashikirije mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze, harimwo n'icokorwa kugira intambara zo mu buseruko bwa Congo ngo zirangire.

Yanavuze kandi ku banyepolitike batavuga rumwe na reta n'abasirikare benshi bapfungwa bazira ubusa. Hari kandi ko ubutegetsi ubu ngo butubahirije ibwirizwa shingiro, gukoresha nabi ubutunzi bw'igihugu no kunanirwa kugarukana umutekano. Ikindi yavuze n'uko ngo reta ya Tshisekedi iguma yinjiza mu gisirikare abagwanyi ba FDLR na ADF.

Ubu rero ibibazo ni vyinshi: Ko Kabila yari yarahakanye gukorana na AFC/M23, ubu bakaba bari kumwe muri urwo runani rushasha, ntaco bari basanzwe bapfana koko? Kuki AFC/M23 yemeye kwinjira mu runani rushasha?

Kazoza ka AFC/M23, ibiganiro wagiyemwo n'amasezerano uwo muhari wari warashizeko umukono ni akahe?

Kubera iki Prezida Kabila ashimye kwigaragaza ubu? Nk'uwahoze ari umukuru w'igihugu, umuntu yaciriwe igihano co gupfa, akaba ku bihano vya Amerika, inguvu nshasha azanye mu rugamba rwahahora rwa AFC/M23 canke intambanyi bashobora guhura kubera iryo zina n'igihagararo vyiwe ni izahe?

Inkurikizi ku banyagihugu bari bafise icizere ku masezerano ya Washington yo guhagarika intambara ni izihe?

Ibi ni bimwe mu bibazo twaganiriye muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Abatumire:

1. Dr Joseph Sebarenzi yigisha muri kaminuza ya School for International Training muri Reta zunze Ubumwe za Amerika

2. Dr Zenon Ndayisenga umwigisha muri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y'Epfo.