Indwara za 'gonorrhea' na 'syphilis' ziyongereye ku rugero rwo hejuru i Buraya

Umugabo w'ubwanwa yambaye ishati yera aboneka yugurura agakingirizo gatukura n'amaboko yiwe yompi mu cumba c'ibara ryera.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Indwara zandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina (STIs), harimwo gonorrhea na syphilis(sifirisi), zashitse ku rugero rwo hejuru cane i Buraya, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro bishasha.

Ikigo c'Uburaya kijejwe gukinga no kugenzura indwara, European Centre for Disease Prevention and Control (ECDC), cavuze ko izo ndwara zompi zashitse ku rugero rwo hejuru kuruta uko vyigeze kuboneka mu myaka irenga 10 mu mwaka wa 2024.

Indwara ya gonorrhea yashitse ku bantu 106.331 bayanduye, ivyo bikaba vyerekana ukwiyongera kw'ibice 303% kuva mu mwaka wa 2015. Na yo sifirisi, igitigiri c'abanduye cigwije na kabiri muri ico gihe nyene, gishika ku bantu 45.557.

Iki kigo c'amagara y'abantu cavuze ko "ubusumbasumbane mu gupima no gukinga izo ndwara" ari kimwe mu bituma abandura barushiriza kwiyongera, kikaba gisaba ko hafatwa ingingo zihutirwa.

Bruno Ciancio, umukuru w'igisata kijejwe indwara zandukira n'incanco zishobora gukingirwa yagize ati: "Izi ndwara zishobora gutera ingorane zikomeye, nk'ububabare budahera n'ukutavyara. Ku ndwara ya sifirisi, ishobora no gutera ingorane ku mutima canke ku turemangingo tw'imitsi".

Yavuze kandi ko igitigiri c'abana bavukana sifirisi — "aho umuvyeyi yanduza umwana ataravuka, bigatuma agira ingorane zishobora kumugumako ubuzima bwiwe bwose" — zigwije hafi incuro zibiri kuva mu 2023 gushika mu 2024.

Yongeyeko ati: "Kwikingira no gukingira amagara yanyu mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina biroroshe. Nimukoreshe agakingirizo igihe muryamanye n'umuntu mushasha canke muryamana na benshi, kandi mwipimishe nimwagira ibimenyetso vy'izo ndwara."

Igihugu ca Espagne ni co cari gifise igitigiri kinini c'abanduye gonorrhoea na sifirisi mu bihugu vya buraya biri muri ico cegeranyo mu mwaka wa 2024, aho habonetse abantu 37.169 barwaye gonorrhoea n'abarenga 11.556 barwaye sifirisi.

Ikigo European Centre for Disease Prevention and Control cavuze ko abagabo baryamana n'abandi bagabo ari bo bandura cane izo ndwara kurusha iyindi mirwi , kandi ari bo bagaragaje ukwiyongera gukabije kwa kwa gonorrhea na syphilis mu myaka iheze.

Iki kigo kandi cavuze ko abagore baryamana n'abagabo bagifise imyaka yo kuvyara na bo berekanye ukwiyongera gukomeye kw'indwara ya syphilis.

Na ho indwara ya chlamydia yagumye ari yo ndwara y'udukoko twandurira mu mibonano mpuzabitsina ivugwa cane muri rusangi, igitigiri c'abayanduye caragabanutse ku rugero rwa 6% kuva mu mwaka wa 2015, gishika ku bantu 213.443.

Ubwongereza ntibwongeye kuja muri ubwo bushakashatsi kuva buva mu Muryango w'Ubumwe bw'Uburaya (Brexit), ariko reta y'aho irasohora buri mwaka ibiharuro vyayo vyerekeye igihugu c'Ubwongereza .

Nk'uko biri mu cegeranyo casohowe muri Kigarama(12) n'ikigo c'Ubwongereza kijejwe umutekano w'amagara y'abantu, UK Health Security Agency, mu mwaka wa 2024 mu Bwongereza habonetse abantu 71.802 barwaye gonorrhoea n'abarenga 9.535 barwaye syphilis.

Muri ayo mezi 12 nyene, habonetse kandi abantu 168.889 banduye chlamydia.

Ubwongereza bwatanguje urucanco rwa gonorrhea mu mwaka wa 2025, inyuma y'uko iyo ndwara yari yashitse ku rwego rwo hejuru rw'abantu 85.000 bayanduye mu mwaka wa 2023.

Ni ibihe bimenyetso vy'indwara ya gonorrhea na sifirisi?

Ibimenyetso vya gonorrhea bishobora kuba ububabare, amazi adasanzwe ava mu gihimba c'irondoka, hamwe n'ugutukura canke kuvyimba kw'ibihimba vy'irondoka. Ariko rimwe na rimwe, umuntu ashobora kuyirwara ata kimenyetso na kimwe agaragaje.

Ikigo National Health Service (NHS) kivuga ko umuntu ashobora kuyikingira akoresheje neza agakingirizo no kwemera urucanco igihe yaruronkejwe.

Ibimenyetso vya Sifirisi birimwo ibisebe ku bihimba vy'irondoka canke ku munwa, ibihushi ku minwe, kuvunguka umushatsi hamwe n'ibimenyetso bisa n'ivyo ibicurane. Kenshi biragora kubibona mu ntango, kandi bishobora kuza no gusubira kugenda uko igihe kigenda kiragenga.

Nk'uko biri kuri gonorrhoea, umuntu ashobora kwikingira Sifirisi akoresheje agakingirizo kandi ikavurwa hakoreshejwe imiti yica udukoko bita antibiyotike. Izo ndwara zompi zishobora gutera ingorane zikomeye iyo zitavuwe.