Ni nde yatumye abagore bagira isoni z'ibihimba vyabo vy'ibanga?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Mu myaka ibihumbi n'ibihumbi, abantu bamye bavuga ku bihimba vy'irondoka vy'umugore biboneka inyuma.

Kuva kera cane, iki gice c'umubiri w'umugore camye ari ikimenyetso c'irondoka, ariko uko ibihe vyagiye bigenda, cahavuye gifatwa nk'ikintu giteye ubwoba, giteje isoni kandi umuntu akwiye guhisha.

Muri iki gihe, hari utwigoro twinshi twibanda ku bihimba vy'irondoka vy'inyuma vy'umugore, dusife intego yo kubisubiza itoto, hamwe kandi n'ibindi bikorwa vyo gukorwa/kubagwa mu rwego rw'ubuvuzi mu ntumbero yo kubiha ubwiza.

Muri iki gihe kandi, hari bamwe mu bakora utugenegene berekana ivyo bihimba mu tugenegene twabo, abarwanira uburenganzira bw'abagore na bo bakabikoresha mu rwego rwo kwiyamiriza ibi na biriya, mu gihe abaganga na bo bagerageza kwigisha abantu ko imero isanzwe y'igihimba c'irondoka c'umugore ishobora gutandukana cane hagati y'umuntu n'uwundi.

None ni kubera iki iki gice c'umubiri w'umugore cahindutse, kikava ku kimenyetso c'irondoka kikaba ikintu giteye isoni, kikava ku kimenyetso c'ubwiza kikaba igikoresho ca poritike?

Ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Monde caragerageje kwinjira muri kahise, mu gihe ikindi co mu Bwongereza The Guardian catanze ibiharuro vyerekana ingene amashusho y'ibiterasoni n'imbuga nyagiro vyagize ingaruka kuri iki kibazo.

Ivyo vyose vyerekana ko impari zijanye n'ibihimba vy'irondoka vy'abagore zidashingiye umubiri gusa, ahubwo ko zishingiye kandi ububasha, isoni, ubwiza hamwe n'uburenganzira bw'umuntu bwo kwifatira ingingo ku mubiri wiwe.

Igice c'inyuma c'igihimba c'ibanga c'umugore nk'ikimenyetso c'irondoka

Biragoye muri iki gihe kwiyumvira ko igice c'inyuma c'igihimba c'irondoka c'umugore coshobora kwerekanwa ku mugaragaro mu tugenegene ata soni kandi ata mugambi wo kugihisha.

Ariko mu myaka ibihumbi iheze, abantu barakora amashusho n'ibishushanyo vy'umubiri w'umugore, cane cane bibanda ku gice c'ibihimba vy'irondoka. Ivyemezo vy'ivyo biriho mu Bufaransa, ku kigo c'ivya ca La Ferrassie no mw'isenga rya Chauvet, ahabitswe bimwe mu bishushanyo vya kera cane bizwi kw'isi.

Hari n'ikindi kintu gitangaje catowe. Nk'akarorero, ku gishushanyo gito citwa Vénus de Monpazier, ibihimba vy'ibanga vy'umugore vyarongerejwe ubunini n'ibigirankana. Kumbure abahinga biyumvira ko abantu ba kera bashobora kuba bariko berekana bashimitse ubushobozi bw'umugore bwo kwibaruka.

No muri Mezopotamiya ya kera, ibijanye n'igitsina c'umugore ntivyafatwa nk'ikintu c'igiterasoni. Mu nyandiko ya kera, herekanwa ingene imanakazi Ishtar yabwira uwo yari yaratoranije iti: "Tera urubuto mu gitsina canje, rukundo rwanje!»

Ariko uko ibihe vyagiye birahera, ibintu vyose vyahavuye bihinduka.

Umuhinga mu vya kahise Christian-Georges Schwentzel yabwiye Le Monde ko ihinduka rikomeye ryatanguriye mu Bugiriki bwa kera, hanyuma rishika i Roma, igihe igitsina c'umugore catangura gufatwa nk'ikintu giteye ubwoba.

Agira ati: "Mu Bugiriki, hanyuma i Roma, igice c'inyuma c'igihimba c'irondoka c'umugore catanguye gufatwa nk'ikintu gisuzuguritse".

Umugore afise ivyipfuzo vyiwe bwite yatanguye buhorobuhoro gufatwa nk'umuntu akwiye gucungerwa no kugenzurwa. Ibi vyarabandanije igihe kirekire.

Umuhinga mu vy'inyifato Sarah Piazza na we avuga ku "bwoba bwubakiye ku bihimba vy'ibanga vy'umugore", akavuga ko ubwo bwoba bwagiye buragaragara ku kungene umugore yagiye agaragazwa muri kahise, kuva mu bihe vya kera cane gushika n'ubu.

Ukugenzura kwihishije inyuma y'ubwiza

Icipfuzo co guhindura uko ibihimba vy'irondoka vy'umugore biboneka si ikintu gitanguye vuba.

Mu mico itandukanye, harabaye imigenzo yo gukuraho ibice bimwebimwe vy'ibihimba vy'irondoka canke guhindura uko biboneka.

Ubuvuzi bw'i Buraya bwagiye busigura ibikorwa vyo kubaga bigamije kugabanya ubunini bw'ibice vyo ku mpande z'ibihimba vy'irondoka vy'umugore (hari abavyita imishino), imbere y'uko ubuhinga bwo kubaga bugamije ubwiza butera imbere nk'uko biri muri iki gihe.

Muri iki gihe, umugore arafise uburenganzira bwo kwifatira ingingo ku vyo ashaka gukorera umubiri wiwe. Ariko ibi bituma havuka ikibazo: Uwo mwidegemvyo woba koko ari uw'ukuri mu gihe ikibano kiguma gitegeka abagore uko umubiri w'umugore "mwiza kandi ubereye" ukwiye kumera?

Inyishu itangwa n'abaganga ni uko ata mero ntabanduka kandi "ibereye" y'ibihimba vy'irondoka vy'umugore ihari.

Umuhinga mu bijanye n'igitsina Joel Mignot ashimika ko ata gipimo c'ubuvuzi gishobora kuvuga neza uko ibihimba vy'irondoka vy'umugore bikwiye kuba bimeze. Hari itandukaniro rinini cane hagati y'umugore n'uwundi, nk'uko biri no ku bagabo.

Ariko rero, umugore arashobora kwitegereza umubiri wiwe, kandi ameze neza, ariko akabona ko ko hari ikitagenda neza.

Ni nde yazanye iciyumviro c'uko igihimba c'inyuma c'irondoka c'umugore gikwiye kumera?

Muri iyi myaka mirongo iheze, igitutu ku bagore gishingiye ku kungene ibihimba vyabo vy'ibanga bikwiye kugaragara mu buryo kanaka cariyongereye biciye mu mashusho y'ibiterasoni, ku mbuga nyagiro, mu matangazo yo kwamamaza ibikorwa vyo gukorwa mu ntego z'ubwiza, hamwe n'ingendo yo gushaka gukurako burundu umushatsi wo ku gihimba c'ibanga.

Buhorobuhoro, harubatswe ishusho y' "umugore akwiriye": umubiri mwiza, utagira ubwoya, utagira iminkanyari, woroshe, ufise ibara kanaka kandi udafise akamoto.

Umuganga w'indwara z'abagore Sophie Berville avuga ko iyo shusho yabaye nk'"igipimo nyaco c'ubwiza" catanguye kwigaragaza cane mu myaka ya 2000.

Ikinyamakuru The Guardian congerako ko ikibazo ari uko abakiri bato badashobora kubona bitagoranye ingene imero isanzwe y'ibihimba vy'ibanga vy'umugore ishobora gutandukana cane.

Mu 2024, ico kinyamakuru casubiyemwo ivyavuye mu bushakashatsi bwakorewe muri Australia, bwerekanye ko mu bakiri bato bafise hagati y'imyaka 18 na 24, 23% bumva bafise amakenga canke isoni ku kuntu ibihimba vyabo vy'ibanga biboneka, kandi ica kabiri c'abo bantu bariko biyumvira ko vyoba vyiza bakozwe.

Ariko kandi, si ukuvuga ko abagore bose bipfuza guhindura imibiri yabo bararazwa cane mu matangazo, ku mbuga nyagiro canke mu mashusho y'ibiterasoni.

Umuganga w'indwara z'abagore Sophie Berville yabwiye Le Monde ko bamwe mu bakiriya biwe bari bamaze imyaka myinshi batishimira uko ibihimba vyabo vy'ibanga biboneka. Bamwe baragira isoni zo kwambura impuzu imbere y'abakunzi babo canke bagakwepa imibonano mpuzabitsina.

Asigura ko inyuma yo gukorwa/kubagwa, bamwe bumva baruhutse mu mutwe kandi ko ubuzima bwabo bujanye n'imibonano mpuzabitsina bwari bumeze neza.

Kubw'ivyo, ikibazo si "ugukorwa canke ukudakorwa" gusa. Ikintu gihambaye ni kumenya nimba nyene kubagwa atahura ingorane n'ingaruka zishobora guterwa n'ico gikorwa, kandi nimba iyo ngingo yayifashe avyishakiye we nyene ubwiwe.

Ikigo co muri Amerika c'abahinga mu bijanye no kwibarutsa (American College of Obstetricians and Gynecologists, ACOG) kiragabisha ku ngaruka z'imbuga ngurukanabumenyi n'amashusho y'ibiterasoni, kuko bishobora gutuma umuntu yiyumvira ko imero y'umubiri wiwe atari nziza. Hejuru y'ibi, ubushakashatsi buracari buke ku bijanye n'umutekano n'akamaro k'ibikorwa vyinshi vyo guhindura imero y'ibihimba vy'irondoka vy'umugore arondera ubwiza.

Kuva kw'isoni ku mubiri w'umugore gushika rugamba rwo guharanira uburenganzira no kuwumenya

Ibintu biriko birahinduka mu nzira itari yitezwe.

Uno mubiri wari umaze igihe kirekire ufatwa nk'uwukwiye gushihwa, wahavuye uba uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro ku mugaragaro.

Mu 1969, umunyatugenegene wo muri Autriche Vali Export yinjiye mu sinema imwe i Munich yambaye impuzu yerekana cane imero y'umubiri wiwe.

Yakoze ibi n'ibigirankana kugira gusa ateze impari ku kungene umubiri w'umugore ufatwa nk'ikintu co kurabwa no gushimisha abagabo.

Muri ubwo buryo, Export yahaye abari muri iyo sinema akaryo ko kubona umugore nyawe imbere yabo kandi bashobora kuyaga nawe, aho kubona gusa ishusho y'umugore itera amero.

Mu myaka ya 1970, abanyatugenegene barwanira uburenganzira bw'abagore baciye batangura gukoresha ku mugaragaro amashusho y'ibihimba vy'ibanga vy'abagore mu bikorwa vyabo vy'utugenegene, kugira bashikirize ubutumwa bujanye n'ukuntu abagore bafatwa mu kibano, uko imibiri yabo ibonwa, hamwe n'uburenganzira bwabo bwo kwifatira ingingo ku mibiri yabo.

Judy Chicago ni umwe mu banyatugenegene bagize uruhara muri utu tugenegene.

Eka na Cindy Nemser, umuhinga mu bijanye na kahise k'utugenegene, yaragize uruhara rukomeye mu gutuma iri sekeza rikemyekana. Yanditse ku bijanye n'utugenegene dushigikira uburenganzira bw'abagore, kandi agashigikira abanyatugenegene b'abagore babifisemwop uruhara.

Uko igihe cagiye kirahera, ico kibazo cararenze imbibe z'utugenegene.

Mu 2019, umunyatugenegene Deborah de Robertis yaragaragaye ari gusa imbere y'Inama Nshingamateka y'Ubumwe bw'Uburaya, mu kwiyamiriza ko abagore ari bake mu bibanza vy'ubutegetsi.

Muri ico gihe nyene, hatangujwe imigambi ifise intego yo gufasha abantu guhindura isoni zishingiye ku mubiri w'umugore zikavamwo ahubwo inzira yo kuwumenya no kuwutahura neza.

Mu 2011, umunyatugenegene Jamie McCartney yatanguje isekeza ryiswe "Grand Mur du Vagin" (twogereranya mu kirundi na Urukuta runini rw'igihimba c'irondoka c'umugore) ryari rigizwe n'ibishushanyo vyerekana ibihimba 400 vy'irondoka vy'abagore, mu ntumbero yo kwerekana ubutandukanye bw'imibiri y'abagore.

Mu 2016, hatangujwe ikizwi nka "Vulva Gallery", isekera ryo ku mbuga ngurukanabumenyi ryerekana ukungene ibihimba vy'irondoka vy'abagore bishobora gutandukana.

Mu 2019 na ho, ikizwi nka "Musée du Vagin", (twogereranya na Inzu Ndangamurage y'Igihimba c'irondoka c'umugore), caratangujwe i Londres mu Bwongereza. Iyo nzu ndangamurage igamije kwigisha abantu ibijanye n'imero y'umubiri w'umugore, amagara y'abagore, hamwe n'ukuntu ikibano cagiye kibona umubiri w'umugore.

Uno musi, igihimba c'irondoka c'umugore congeye kwerekanwa ku mugaragaro, ariko, ni ku mvo zitandukanye.

Kirerekanwa ku mugaragaro n'abarwanira umwidegemvyo.

Kirihwezwa mu ntumbero yo kurwanya isoni.

Utugenegene turagishira ku mugaragaro mu kwerekana ububasha n'uburenganzira bw'umuntu wese bwo kwifatira ingingo ku mubiri wiwe.

Ubu ikibazo ntikikiri ukumenya ngo "igice c'inyuma c'igihimba c'irondoka c'umugore gikwiye kumera gute?"

Ikiriho ni uko ibihimba vy'irondoka vy'abagore bitandukanye kandi kimwe cose kikisa.

Kandi ibi ni ibintu bisanzwe cane.