M23 yagiriza igisirikare ca leta ya congo kurasa indege yari itwaye imfashanyo

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuhari AFC-M23 wagirije ingabo zishigikiye leta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo kurasa indege y'abasivile yari itwaye imfashanyo i Minembwe, muri Kivu y'Epfo, ahamaze igihe harangwa intambara.
Mw'itangazo AFC-M23 yasohoreye i Goma italiki 2 z'ukwezi kw'icenda, yavuze ko ico gitero cabaye italiki 27 ukwezi kw'umunani, isaha zibiri n'iminota cumi zo mu gitondo. Uwo muhari uvuga ko iyo ndege yari itwaye imfashanyo zigenewe abanyagihugu hamwe n'ibindi bintu vya nkenerwa.
AFC-M23 yavuze ko kurasa iyo ndege ari igikorwa c'iterabwoba, yongerako ko bishobora gutuma amagorwa abanyagihugu barimwo arushiriza gukomera.
Uwo muhari uvuga ko atari bwo bwa mbere indege iraswa muri ako karere. Watanze akarorero k'iyindi ndege ivugwa ko yarasiwe i Minembwe mu kwezi kwa gatandatu, hamwe n'iyindi yarasiwe i Walikale mu 2025.
Ariko abategetsi ba Congo bashikiriza insiguro itandukanye cane n'iyo
Abategetsi b'i Kinshasa bavuga ko iyo ndege yakorana n'ico bita urunani rwa AFC-M23 be n'u Rwanda. Bavuga kandi ko yari itwaye ibikoresho vya gisirikare n'ibifungurwa.
Amakuru ava ku ruhande rwa leta avuga ko iyo ndege yarashwe iriko iregereza ikibuga c'indege ca Minembwe. Ico kibuga kirahambaye cane mu gushikana abantu n'ibikoresho muri ako karere impande zose ziriko zishaka kugenzura.
Bivugwa ko iyo ndege yarashwe hakoreshejwe akadege katajamwo umudereva k'igisirikare ca leta.
Ariko nta makuru yemejwe n'uruhande ataho rwegamiye avuga kuvyukuri ico iyo ndege yari itwaye.
Ibi bibaye mu gihe intambara yo mu buseruko bwa Congo igeze ahantu hatoroshe. Mu kwezi guheze, abaserukira leta ya Congo na AFC-M23 bari bumvikanye ku kuntu ibiganiro vy'amahoro vyobandanya. Ivyo biganiro vyari bihagarikiwe na Qatar, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika hamwe n'Ubusuwisi. Uwo mugambi wari ugamije gushiraho ibihe n'uburyo ibiganiro vyokorwa kugira intambara imaze imyaka muri ako karere ihagarare.
Naho hari intambwe imaze guterwa mu biganiro, intambara n'ukwagirizanya hagati y'impande zibiri ntivyahagaze.
Minembwe iri mu misozi miremire yo muri Kivu y'Epfo. Ako karere kamaze igihe karwanirwa n'ingabo za leta hamwe n'imihari yitwaje ibirwanisho ifitaniye imigenderanire na AFC-M23.
Ako karere karamaze kugabwako ibitero vy'indege hamwe n'utudege tutajamwo abadereva. Ni co gituma indege yose ihaca canke ihakorera ikurikiranwa cane.
Amashirahamwe afasha abanyagihugu asanzwe agira ingorane zo gushikira abantu bugarijwe n'intambara, umutekano muke, amabarabara yononekaye hamwe n'ibindi vyose bituma ingendo zigorana.
Ivyabereye i Minembwe birerekana ukutizerana kukiri hagati y'impande zibiri, mu gihe ibiganiro vy'amahoro bitarashika kure.
Mu gihe abanyepolitike n'abahuza bariko barondera guhagarika intambara, abarwanyi bari ku rugamba babandanya kubona ibikorwa vy'uruhande rumwe nk'ibibangamira umutekano w'urundi.













