Ni abahe bakinyi 10 bakuze bigeze gukina mu gikombe c'Isi?

    • Umwanditsi, Jonty Colman
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Sport
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abakinyi indwi gusa bafise imyaka 40 n'abayirengeje ni bo bamaze gukina mu nkino z'igikombe c'isi mu bagabo mu myaka 96 y'iryo higanwa - kandi n'imiburiburi abandi batanu bashobora kwongerwa kuri urwo rutonde inyuma yo gutorwa mu migwi y'ibihugu vyabo mu mahiganwa y'uno mwaka.

Umunyegori wa Misiri Essam El Hadary ni we afise agahigo ko kuba umukinyi akuze kuruta abandi bose bigeze gukina mu Gikombe c'Isi. Yari afise imyaka 45 n'iminsi 161.

El Hadary yakinye urukino rumwe gusa mu Gikombe c'Isi co mu 2018, igihe Misiri yatsindwa na Arabiya Sawudite ibitsindo 2-1 mu rukino rwo mu migwi.

Urwo rukino ni rwo rwatumye aca uwo muhigo, arusha uwari asanzwe afise umuhigo imyaka irenga ibiri.

Abakinyi 10 ba mbere bakuze kuruta abandi bose bigeze gukina mu Gikombe c'Isi bose bari bafise imyaka irenga 39 n'igice.

Umunyegori wa Ecosse Craig Gordon, afise imyaka 43, ni we mukinyi akuze kuruta abandi amaze guhamagarwa mu mugwi w'igihugu ciwe muri uyu mwaka.

Aramutse akinye n'urukino na rumwe mu Gikombe c'Isi, rizoba ari ubwa mbere Ecosse yitabiriye iri higanwa mu myaka 28, kandi yoca aba umukinyi wa kabiri akuze kuruta abandi bose muri kahise k'Igikombe c'Isi.

Kizigenza wa Portugal Cristiano Ronaldo, afise imyaka 41, na we yoshobora kwinjira mu murwi udasanzwe w'abakinyi bakinye Igikombe c'Isi barengeje imyaka 40.

Ivyo vyoshoboka mu gihe yokina muri iri higanwa rizoba ari irya gatandatu yitabiriye, agaca umuhigo.

Kugeza ubu, Essam El Hadary, Faryd Mondragon, Roger Milla na Pat Jennings ni bo bonyene bakinye Igikombe c'Isi bafise imyaka 41 canke irenga.

Myugariro w'Ubuyapani Yuto Nagatomo, afise imyaka 39, na we yoshobora kuja ku rutonde rw'abakinyi bakuze kuruta abandi muri kahise k'iri higanwa, aramutse aronse umwanya wo gukina mu Gikombe c'Isi co mu 2026.

Umusatirizi wa Bosnie-Herizegovina Edin Dzeko, umunyegori w'Ubudagi Manuel Neuer, hamwe n'umukinyi wo hagati wa Croatie Luka Modric, bose bafise imyaka 40 kandi birashoboka cane ko bazokina muri iri higanwa.

Umunyegori wa Cap-Vert Vozinha na we azokwuzuza imyaka 40 imbere y'urukino rwa mbere igihugu ciwe kizokina mu Gikombe c'Isi.

Aramutse akinye, yoca na we yinjira ku rutonde rw'abakinyi bakuze kuruta abandi bigeze gukina muri iri higanwa.

Nguru urutonde rw'abakinyi 10 bakuze kuruta abandi bigeze gukina mu Gikombe c'Isi

  • Essam El Hadary (Misiri) – yakinye na Arabie Soudite ku wa 25 Ruheshi(6) 2018.Yari afise imyaka 45 n'iminsi 161
  • Faryd Mondragon (Colombie) – yakinye n'Ubuyapani ku wa 24 Ruheshi(6) 2014. yari afise imyaka 43 n'iminsi 3
  • Roger Milla (Cameroun) – yakinye n'Uburusiya ku wa 28 Ruheshi(6) 1994. Yari afise imyaka 42 n'iminsi 39
  • Pat Jennings (Irlande ya Ruguru) – yakinye na Brazili ku wa 12 Ruheshi(6) 1986.Yari afise imyaka 41 n'iminsi 0
  • Peter Shilton (Ubwongereza) – yakinye n'Ubutaliyano ku wa 7 Mukakaro(7) 1990.Yari afise imyaka 40 n'iminsi 292
  • Dino Zoff (Ubutaliyano) – yakinye n'Ubudagi ku wa 11 Mukakaro(7) 1982. Yari afise imyaka 40 n'iminsi 133
  • Ali Boumnijel (Tuniziya) – yakinnye na Ukraine ku wa 23 Ruheshi(6) 2006. Yari afise imyaka 40 n'iminsi 71
  • Jim Leighton (Ecosse) – yakinye na Maroc ku wa 23 Ruheshi(6) 1998. Yari afise imyaka 39 n'iminsi 334
  • David James (Ubwongereza) – yakinye n'Ubudagi ku wa 27 Ruheshi(6) 2010. Yari afise imyaka 39 n'iminsi 330
  • Atiba Hutchinson (Canada) – yakinnye na Maroc ku wa 1 Kigarama 2022. Yari afise imyaka Imyaka 39 n'iminsi 296