Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
William Ruto yisubiyeko avuga ko 'abanyamahanga bafise umwidegemvyo wo gukora muri Kenya'
Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ko abanyamahanga bafise umwidegemvyo wo gukora no gushora imitahe muri Kenya.
Yabivugiye mw'ijambo yashikirije ari mu ntara (county) ya Bomet ku wa gatandatu aho yariko aragenzura isoko ya kijambere ya Chebunyo mu karere k'amatora ka Chapalungu.
Iryo jambo ryiwe ribaye nk'iryo gusuka mabisi ku ryo yari yavuze ku ndwi iheze ko hari imirimo y'ubucuruzi igenewe abanya-Kenya gusa, ko hari n'itegeko riri mu nama nshingamateka rizotomora urutonde rw'iyo mirimo.
Igihe yashikiriza iryo jambo mu nama n'abacuruzi b'ibigo bito bito n'ibibayabaye, prezida Ruto yari yababwiye ko mu kurindira ko iryo tegeko riheza guca mu nzira zitegekanijwe, bo batorindira kubuza abanyamahanga gukora ubucuruzi bubayabaye.
''Ku ndwi iza, ku wa mbere [itariki 7 ukwezi kw'icenda], ubwo bucuruzi mubuzindukire, abo bacuruzi bugare'', niko Ruto yari yababwiye muri iyo nama yabareye ku kirimba c'umukuru w'igihugu.
Bakivyumva, hataragera no kuri uwo munsi, hari abanya-Kenya baciye batangura gutera amajambo abanyamahanga bakora bene ubwo bucuruzi bababwira ko umunsi uzogera ivyabo ''bakabirya kuri gusa''.
Ku wa mbere benshi ntibagiye ku mirimo. Abatari bake mu Barundi bo baciye bazindukira ku buserukizi bw'igihugu cabo gusaba ivyangombwa vyo gutaha.
Kuri uwo munsi nyene, ku mupaka wa Isibania ihana na Tanzania haraye abarundi bashika 600 bahafatiwe kuko bashaka gutaha badafise ivyangombwa. Mu nyuma bararekuwe.
None mw'ijambo perezida Ruto yaraye ashikirije asa n'uwihindukije.
''Nk'abenegihugu b'iki gihugu, turi abantu bemera ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko [EAC]. Turi abantu bemera Comesa na African Continental Free Trade Area (AfCFTA: Akarere k'umwidegemvyo mu budandaji k'umugabane wa Afrika), '' niko Ruto yavuze.
Yabandanije ati:
''Abanyagihugu bo muri utwo turere twose tw'ubudandaji, yaba EAC canke AfCFTA, bafise umwidegenvyo wo gushora imitahe mu gihugu cacu, bafise umwidegemvyo wo gukora muri Kenya, hisunzwe amategeko ariho muri Kenya, kugirango dufatanije, dushobore guteza imbere akarere kacu.
Mu gihe aho yavuga ijambo rya mbere atari yasobanuye uwujejwe kwubahiriza ingingo yo kubuza abanyamahanga gukora ubucuruzi buciriritse, ubu prezida Ruto yavuze ari ''nta mwenegihugu afise uburenganzira bwo kwifatira amategeko mu minwe yiwe, hanyuma ngo agirire nabi abantu baturuka ahandi.
''Umuntu wese iyo ava hose azofatwa uko bibereye, hisunzwe amategeko, hanyuma yumvishwe kwubahiriza amategeko ajanye n'akazi muri Kenya, imitahe muri Kenya, ubukerarugendo muri Kenya''.
Prezida Ruto yavuze ko bazobandanya kuba igihugu ''c'amarembo yuguruye kuko iyo ni yo DNA yacu''.