Liban: Igisirikare catangaje irungikwa ry’abasirikare mu "karere k’igerageza" inyuma y'uko ingabo za Israel zihavuye

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Liban cavuze ko catanguye kurungika abasirikare baco mu "karere k'igerageza" (pilot zone) kari mu bumanuko bw'igihugu, inyuma y'uko ingabo za Israel zihavuye hisunzwe amasezerano ahagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashitsweko mu kwezi guheze.
Mw'itangazo bwasohoye, ubuyobozi bw'igisirikare ca Liban bwavuze ko ku wa kabiri mu gitondo, imirwi y’abasirikare yinjiye mu gace ka Zawtar al-Gharbiyeh gaherereye mu karere ka Nabatieh.
Ku wa mbere ku mugoroba, igisirikare ca Israel caremeje ko hatanguye gushirwa mu ngiro umugambi w’akarere k’igerageza. Uwo mugambi utegekanya ko ingabo za Israel ziva mu gice gito c'ubutaka bwa Liban zari zarigaruriye mu ntambara na Hezbollah, hamwe no kwaka ibirwanisho uwo muhari ushigikiwe na Iran.
Ivyo bibaye mu gihe bitegekanijwe ko Perezida wa Amerika Donald Trump abonana na mugenzi we wa Liban, Joseph Aoun, i Washington. Vyitezwe ko Perezida Aoun asaba Trump gutera igitsure Israel kugira ikure ingabo zayo mu bindi bice vyose vyo mu bumanuko bwa Liban, no gufasha igisirikare c’ico gihugu kugira gishobore kugenzura neza uturere Hezbollah ifisemwo ububasha.
Ku wa mbere, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bwatangaje ko “ibikorwa vy'akarere k'igerageza" vyatanguye muri Zawtar al-Gharbiyeh no mu yindi mitumba ibiri ya Liban, ari yo Froun na Srifa, hisunzwe amasezerano y’inyabutatu ahuriweko na Israel, Liban na Amerika.
Ubwo bushikiranganji bwavuze ko iyo ntambwe “idasanzwe” yavuye mu biganiro vyabaye mu ndwi iheze i Roma, hagati y'abaserukira Israel na Liban.
Mu nyuma ku wa mbere, umwe mu bategetsi b'igisirikare ca Israel yemeje ko ico gisirikare kizokwigizayo ibirindiro vy’ingabo zaco muri kamwe muri utwo turere tw'igerageza kugira zihe igisirikare ca Liban akaryo ko gukora igikorwa caco.
Ariko yavuze ko zizobandanya gucungera umutekano w'abasirikare ba IDF no kugumana uburenganzira bwo kwivuna no gukuraho ivyoshobora kubashira mu kaga.
Izindi nkuru wosoma:





