Ibihugu vyo muri OTAN vyatangaje umugambi mushasha w'ama misire wa miriyaridi 50 z'amadorari

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Frank Gardner
- Igikorwa, Umunyamakuru w'ivy'umutekano
- Yakoze inkuru ari, Ankara
- Umwanditsi, Patrick Jackson
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Ibihugu 12, harimwo n'Ubwongereza, vyiteguriye gukoresha amafaranga arenga miriyaridi 37 z'amapawundi (miriyaridi 50 z'amadolari ya Amerika) mu myaka 10 iri imbere kugira bikore misire nshasha ishobora kurasa kure cane igamije gukingira umugabane wa Buraya.
Uwo mugambi wiswe 'Deep Precision Strike' watangajwe n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza. Bitegekanijwe ko uganirwako ku wa gatatu, mu nama y'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN iriko ibera i Ankara, ku murwa mukuru wa Turukiya.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Sir Keir Starmer, ari muri iyo nama, ikaba ari na yo ya nyuma yitavye akiri muri ayo mabanga.
Bishoboka ko aza kunegurwa na Perezida wa Amerika, Donald Trump, kubera ko atashoboye gushiraho umugambi utomoye werekana ingene Ubwongereza buzoshika ku ntumbero yo kuduza gushika kuri 3,5% urugero rw'amafaranga y'imbere mu gihugu azoshirwa mu gisata c'ukwivuna abansi bitarenze umwaka wa 2035.
Iyo ntumbero yaremejwe n'ibihugu nka vyose bihurikiye muri OTAN mu mwaka uheze.
Ariko muri iyi nama yo ku wa gatatu, Sir Keir Starmer aza gukoraniriza hamwe hafi abakuru b'ibihugu 12 kugira baganire ku mugambi mushasha wo gukora iyo misire nshasha.
Ubu bwoko bushasha bwa misire budondorwa nk'ubuzoba ari rutura kurusha ubundi bwose bwa OTAN. Bivugwa ko buzoba bushobora gutumberezwa, mu buryo budasanzwe kandi budahusha, ikintu kiri ku ntera y'ibirometero hafi 300, ikazoshobora mbere no gushika ku birometero 2.000.
Sir Keir Starmer yavuze ko uwo mugambi urongowe n'Ubwongereza "uzofasha gukomeza ubumwe bw'abafatanyabikorwa b'i Buraya kugira OTAN igume itekaniwe mu myaka iri imbere."
Ariko rero, nk'uko bimeze no ku yindi migambi myinshi y'igisirikare iriko irategurwa, 'Deep Precision Strike' ntivyitezwe ko izoba yamaze kurangira imbere y'imyaka ya 2030.
Muri Ruheshi, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, yatangaje ko hagiye gukorwa isuzuma rimara amezi atandatu ku bijanye n'ukuguma kw'ingabo za Amerika ku mugabane wa Buraya.
Perezida wa Amerika, Donald Trump, amaze igihe asaba ibihugu biri muri OTAN vyo kuri uwo mugabane kwongereza amafaranga bikoresha mu gisata c'ukwivuna abansi. Mw'ikoraniro rya OTAN ryabaye mu mwaka uheze, ibihugu bigize uwo muryango vyaremeje ko bizohora bikoresha 5% vy'umwimbu w'imbere mu gihugu mu bijanye n'umutekano be n'ukwivuna abansi bitarenze umwaka wa 2035.
Sir Keir yavuze ko "yiyemeje ata guhesha" gukingira Ubwongereza na ba somambike babwo", yongerako ati: "Dutegerezwa kwongereza umurindi kugira twubake OTAN yo ku mugabane wa Buraya ikomeye gusumba."
Reta y'Ubwongereza yaramaze kwiyemeza gushira miriyaridi 300 z'amapawundi mu gisata c'ukwivuna abansi bitarenze umwaka wa 2030, biciye mu mugambi wayo yise 'Defence Investment Plan'.
Muri iyo nama ya OTAN, vyitezwe ko Sir Keir Starmer avuga ashimitse ku kaga Uburusiya buteza Ubwongereza n'ibihugu bihurikiye muri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe.
Reta y'Ubwongereza yavuze ko indege z'intambara za OTAN zimaze kurungikwa incuro zirenga 700 kugira zibuze indege z'Uburusiya kwegereza ikirere c'ibihugu vya OTAN, kandi ko ibikorwa vy'igisirikare c'Uburusiya hafi y'amazi y'Ubwongereza vyiyongereye ku rugero rwa 30%.
Muri make, vyitezwe ko Sir Keir aja gushimangira ko n'ubwo OTAN idashaka guhangana n'Uburusiya, itegerezwa kwama yiteguriye gukingira igihugu cose kiyigize igihe coba gitewe.
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Yvette Cooper, yavuze ati: "Kubera ubwo bushobozi bushasha bwo kugaba ibitero vy'ukuri ku ntera ndende, Ubwongereza na ba somambike babwo bazoshobora kurasa ibibanza vy'igisirikare bihambaye hamwe n'ibikoresho bifasha ingabo gukora ibikorwa vyazo. Ivyo bizotuma uwoshaka gutera atinya kubikora, kandi bikomeze umutekano dusangiye."
Yabandanije agira ati: "Turi i Ankara, turungikiye ubutumwa butomoye Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin: OTAN irakomeye cane, iri ku ruhande rw'umugabane wa Buraya kandi yiteguriye gukingira abanyagihugu bacu akaga k'igihe kirekire gaturuka kuri we no ku gihugu c'Uburusiya."
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yakoresheje ijambo yashikirije muri iyo nama ku wa kabiri asaba ibihugu bifasha Ukraine kwihutisha kuyirungikira uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere, kuko bikenewe cane mu guhangana n'ibitero vy'Uburusiya biriko biriyongera.
Na Ukraine ubwayo yarongereje ibitero ikoresha ama 'drones' na misire zishobora kurasa kure, ku nganda zitunganya igitoro n'ibibanza vya gisirikare imbere mu Burusiya. Ivyo vyatumye mu bice bimwe vy'Uburusiya habaho ikibazo gikomeye c'ikena ry'ibitoro hamwe n'umuyagankuba.
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza vyavuze biti:
"Ingabo za Ukraine zerekanye ko gukoresha neza ibirwanisho birasa kure bishobora guhindura cane uko urugamba rugenda, bikaziha ubushobozi bwo kumara inguvu ingabo z'umwansi n'ibikoresho vyazo biri kure y'urugamba.
"Ibitero vya Ukraine ku bibanza bikomeye bifasha mu kwunguruza ivyo ingabo zikenera, vyaragabanije cane ubushobozi bw'Uburusiya bwo kubandanya ibitero vyabwo."
Ku wa kabiri, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), Dmitry Peskov, yavuze ko Uburusiya, bwatanaguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, buzokurikiranira hafi ivy'iyo nama nkuru ya OTAN y'i Ankara.
Yavuze kandi ko ata birwanisho bishasha Ukraine yohabwa na OTAN bizobuza Uburusiya kubandanya ibikorwa vyabwo vya gisirikare muri Ukraine gushika bushikiriye ivyo bwipfuza.
Peskov yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Mu myiteguro y'iyi nama twumvise amajambo menshi yerekeye igihugu cacu. Ikibabaje ni uko atari amajambo ahamagarira ibiganiro n'ugufashanya, ahubwo yari amajambo yerekana uguhangana."
Yongeyeko ati: "Ku ruhande rw'Uburusiya, turacabona ko gutorera umuti iyi ntambara biciye mu nzira za politike n'ibiganiro ari vyo vyiza kuruta ibindi."













