Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Andy Burnham niwe mushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza

Andy Burnham yemejwe ku mugaragaro nk'umushikiranganji wa mbere agira 59 w'Ubwongereza.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Dinah Gahamanyi na Gildas Yihundimpundu.

  1. Aha ni ho turangirije aya makuru y'ikibiriraho y'uyu munsi, mwakoze kubana natwe, ni ah'ejo.

  2. Yemen: Aba Houthi bavuga ko batanguye ‘ukuzibira mu mazi’ ubwato bwa Arabie Saoudite

    Abarwanyi b'aba Houthi bo muri Yemen batangaje ko batanguye gushira mu ngiro umugambi wo gutangira ubwato buva canke bwerekeza muri Arabie Saoudite.

    Mw’itangazo basohoye, bavuga ko uwo mugambi ushingiye ku co bise “ingere ku yindi” kandi ko iyi ngingo ija mu ngiro buno nyene.

    Uruhagarara hagati y’ivyo bihugu bibiri rwasubiriye kwongerekana inyuma y'uko Arabie Saouditeigerageje kubuza indege ya Irani kurwa ku kibuga c'indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru wa Yemen, Sanaa.

    Hagati aho, Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagaragaje ibimenyetso vyerekana ko impande zompi zishobora kwemera gusubira mu nzira y'ibiganiro n’ubwo baguma barasana.

    Irani imenyesha ko abahuza bayishikirije ivyiyumviro vy’uko ibintu vyogenda, kandi umushikiranganji wayo w’intwaro yo hagati yitezwe kugendera Pakistan uno musi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Burundi: Abantu umunani bari baje mu masengesho bapfiriye mu musunikano

    Abantu umunani barapfuye abandi icenda barakomereka mu musunikano wabereye mu gikorane c'amasengesho cabereye mu gisagara ca Bujumbura, mu mpera z'indwi iheze.

    Ico gikorane cari categuwe n'umuvugabutumwa Chris Ndikumana, kikaba citabwe n'ibihumbi vy'abantu.

    Inkuru iramvuye soma ngaha

  4. Nigeria: Abantu benshi bikekwa ko bapfiriye mu yindi mpanuka y'ubwato

    Abajejwe ubutabazi muri Nigeria bariko bararondera abarokotse inyuma y'uko ubwato bw'igiti bwari butwaye abantu buzamye ku wa Mungu, mu ntara ya Jigawa.

    Bikekwa ko bwari butwaye abantu bagera ku 40. Benshi muri bo bari abagore, abarimyi n'abakozi bo mu mirima. Gushika ubu, hamaze kumenyekana abantu indwi bapfuye.

    Mu kwezi guheze, iyindi mpanuka y'ubwato yabereye mu ruzi Benue ruri hagati muri Nigeria yahitanye abantu 12, harimwo umugore yari yibungenze hamwe n'abana batandatu.

    Mu ntango z'uyu mwaka na ho, abantu 14 barapfuye igihe ubwato barimwo bwazama i Gumbi, mu ntara ya Kebbi. Bari bavuye mu bukwe.

    Kuva umwaka utanguye, abantu barenga 55 ni bo bamaze gupfira mu mpanuka z'ubwato muri Nigeria, kandi hari n’abataratorwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Andy Burnham, umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza

    Andy Burnham yemejwe ku mugaragaro nk'umushikiranganji wa mbere agira 59 w'Ubwongereza.

    Mu mwanya uheze, yakiriwe n'Umwami Charles III, mu mubonano w’ibanga wabereye ku kirimba Buckingham Palace. Umwami yamusavye gushinga reta nshasha.

    Igice c’itangazo ryo ku kirimba ryemeza ko Andy Burnham yabaye umushikiranganji wa mbere kigira kiti:

    "Umwami yahaye umubonano Nyeniteka, umushingamateka, Andrew Burnham, akaba yamusavye gushinga reta nshasha. Nyeniteka Andrew Burnham yemeye igisabo c’Umwami, ...”

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Triplets Ghetto Kids, itsinda ry'abana babyina ryo muri Uganda ryakoze amateka akomeye mu gitaramo mu gikombe cy'isi 2026

  7. Ukraine: Igitero c'Uburusiya ku bwato bwari butwaye ibigori hafi y'ikivuko ca Odesa cishe abantu cumi

    Abategetsi ba Ukraine batangaje ko igitero ca misire Uburusiya bwagavye ku bwato bwari butwaye ibigori hafi y'ikivuko ca Odesa mu bumanuko bwa Ukraine, cahitanye abantu 10, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Ni co gitero gihitanye abantu benshi kuruta ibindi vyabaye mu ndwi za vuba, mu gihe intureka zasubiriye gukara mu kiyaga cirabura.

    Kibicishije ku rubuga rwa Telegram, igisirikare co mu mazi ca Ukraine cavuze ko Uburusiya bwagemye ku wa Mungu ubwato bwitwa Golden Leo, hakoreshejwe misire zitatu zinyaruka, bituma haduka umuriro kuri bwo.

    Ico gisirikare kibandanya kimenyesha ko ubwo bwato bwariko ibendera rya Guinée-Bissau bukaba bwarimwo abakozi baturuka mu Buhindi no muri Siriya.

    Umumenyeshamakuru wa Reuters yari mu karere ka Odesa yabonye umwotsi mwinshi uduga uva ku bwato bwari hafi y'inkengera z'ikiyaga ku wa Mungu, kandi iri tororokanirizo ryarashoboye guhinyuza riramenya ko koko bwari ubwato bwitwa Golden Leo.

    Ikigo kijejwe ibivuko vya Ukraine cavuze ko ibikorwa vyo kurondera no gutabara abari baburimwo vyamaze ijoro ryose. Abakozi babwo icenda hamwe n'umuyobozi umwe ajejwe kuyobora ubwato bwinjira n’ubusohoka ku kivuko barapfuye. Abandi umunani, mu bantu 17 bari muri ubwo bwato bararokowe.

    Amakuru atangwa n’ikigo LSEG gikurikirana ibijanye n’ubwato bw’ubudandaji, amenyesha ko Golden Leo ari ubw'ishirahamwe Ocean Grace Shipping Ltd, rifise icicaro i Mumbai mu Buhindi.

    Abajejwe kuritunganya Reuters yabandikiye biciye mu butumwa bwa e-mail kugira bagire ico bavuze, ariko gushika igihe iyi nkuru yatangazwa ntibari bwishure.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Trump avuga ko Amerika yagavye igitero kuri Irani mu ‘guha icubahiro’ abasirikare ba Amerika bishwe

    Perezida Donald Trump yavuze ko ibitero vya nijoro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Iran “vyayibabaje cane”, kandi ko vyakozwe mu “guha icubahiro” abasirikare batatu ba Amerika bishwe muri iyi misi ya vuba, babiri muri Yorodaniya n'umwe muri Irak.

    Mu masaha ya kare yo kuri uno wa mbere, Ubuyobozi Bukuru bw'Ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) bwatangaje ko bwagavye ibitero bishasha vy’ijoro rigira icenda bidasiba, mu gihe haraye kumvikana urwamo rw'ibiturika irya n’ino muri Iran.

    Amerika yavuze ko yakubise ibirindiro vya gisirikare hamwe n'imihora y'itumatumanako kugira ngo irushirize kwaka Tehran ubushobozi bwa bwo kugaba ibitero ku mato aca mu Muhora wa Hormuz.

    Ku ruhande rwayo, Irani yavuze ko yihoye mu gitero yakoze “giturumbuka” muri Syria, yongera irasa indege za Amerika ku kibuga c'indege ca Aqaba muri Yorodaniya.

    Ahandi muri ako karere, igisirikare ca Koweit kivuga ko casamye amadrone ya Irani.

    Itororokanirizo ry’amakuru Tasnim ryo muri Irani rivuga ko ibisagara bitari bike vyatewe, harimwo Tabriz, Chabahar, Konarak, Bandar Mahshahr na Bandar Imam Khomeini.

    Ayandi makuru atangazwa n‘ibinyamakuru vya reta ya Irani avuga ko amato abiri atwara igitoro yaturitse igihe yariko aragerageza guca mu Muhora wa Hormuz.

    Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) rivuga ko ayo mato yariko aca aho ryita “inzira idatekanye kandi y’akaga yo mu bumanuko” bw’uwo muhora, hanyuma “araturika maze arahagarara”. CENTCOM ivuga ko ivyo atari vyo.

    IRGC ivuga kandi ko uno muhora utazokwigera “utekana ku mato yunguruza ibikomoka kuri peteroli” canke “n’ima na ritoya ry’igitoro canke rya gaze”, igihe cose ibitero vya Amerika bizoba bikibandanya.

    Mu mpera z'indwi, Amerika yemeje ko umwe mu basirikare bayo yapfuye inyuma y'igitero ca Iran mu buraruko bwa Irak ku wa gatandatu.

    Urwo rupfu rwabaye umusi umwe inyuma y'igitero ku bigo vya gisirikare muri Yorodaniya aho abasirikare babiri ba Amerika bishwe, mu gihe uwundi yatangajwe ko yaburiwe irengero.

    Mu gihe ibitero hagati ya Amerika na Iran vyabandanije mu mpera z'indwi, umushikiranganji wa Amerika Marco Rubio yavuze ko Amerika yama yiteguriye inzira y’ibiganiro.

    Yavuze kandi ko isi ikwiye kwihweza nimba yokwemera canke itokwemera ko iyi nzira mpuzamakungu ihambaye yo mu mazi igenzurwa na Irani, avuga ko Tehran iriko irayikoresha mu kurondera gushika ku nyungu zayo.

    Avuze ibi mu gihe amasezerano y'intangamarara yashitsweko hagati muri Ruheshi (6) yo guhagarika intambara yasambutse, kandi ibiganiro vy'amahoro arama bikaba ata ntambwe vyashitseko inyuma y'aho Trump atangarije ko ayo masezerano "yarangiye", hari ku wa 8 z’uku kw’indwi.

    Ayandi makuru kuri iyi ntambara: Irani

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  9. Umumenyereza wa Argentine yahejeje ikiganiro n’abanyamakuru mu marira igihe yavuga kuri kazoza kiwe

    Umumenyereza wa Argentine, Lionel Scaloni, yavuye mu kiganiro n’abanyamakuru inyuma y’urukino akorora amosozi igihe yariko avuga ivyerekeye kazoza kiwe, inyuma y’aho Argentine itsindiwe na Espagne mu rukino rwa nyuma rw’Igikombe c’Isi rwabaye nijoro ku wa Mungu.

    Scaloni, afise imyaka 48, yariko arondera kuba umumenyereza wa kabiri gusa muri kahise yari kuba atsindiye iki gikombe incuro zibiri zikurikirana, inyuma yo gufasha Argentine gutsindira ico mu 2022 muri Qatar.

    Ariko igitsindo ca Ferran Torres mu misegonda ya mbere y’igice c’inyongera (prolongation) cahagaritse icizere ciwe cose, kuko urukino rwarangiye Espagne itahukanye iki gikombe ku ncuro ya kabiri muri kahise kayo.

    Amasezerano ya Scaloni azorangira muri Kigarama (12) uno mwaka, bikaba vyanse ko yihangana, yishurana amarira, igihe yabazwa vyerekeye kazoza kiwe.

    Yagize ati: “Nzovugana n’umukuru w’umurwi. Mfise iciyumviro c’ivyo nipfuza gukora. Nzorangiza amasezerano yanje, ariko nari ngifise vyinshi nipfuza gukora, gusa sinzi nimba hari ikindi kintu kinini nk’iki gishobora gusubira gushikwako. Turakeneye kubiganirako neza.

    “Ndakenguruka umukuru w’umurwi kuba yarampaye akaryo ko gushika aha ndi uno musi. Aha ni ahantu umuntu wese yipfuza kuba. Gushika ku munota wa nyuma, twagerageje gukora tutiziganya, yaba abakinyi canke abo dukorana. Ndibaza ko bikwiye ko mfata akanya nkabanza kwiyumvira neza”.

    N’amarira, Scaloni yongeyeko ati: “Nimunyihanganire, sinzi nimba nshobora kubandanya”.

    Ati: “Aha ni ahantu heza cane, ni ikibanza umuntu yama arota. Je n’abo dukorana ntitwigeze twiyumvira ko twoshika kuri uru rugero.

    Kugira ngo umuntu abandanye, akeneye ibintu vyinshi, na canecane gutuza mu mutwe, gusubira kuronka inguvu nshasha no kwubaka umurwi umeze nk’uyu. Iki ni ikintu kigoye cane gusubira kugishikako”.

    Yaciye ahaguruka, asaba imbabazi aca arasohoka arira.

    “Birababaje cane, ndasavye imbabazi”.

  10. Espagne ni yo yegukanye igikombe cy'isi cya 2026

    Espagne yari ifite impamvu yo gutsinda umukino wa nyuma w'igikombe cy'isi nyuma yo gutsinda ikipe ya Argentine yarangije ifite abakinnyi 10 gusa. Nyuma igitego cya Ferran Torres mu minota y'inyongera cyaje guca intege Argentina.

    Iyi kipe y’i Burayi yatwaye igikombe cy’isi yakinnye neza cyane, yishingikirije cyane ku mayeri yo gutinza umukino no kubangamira imbaraga z’abo bahanganye.

    Enzo Fernandez yahawe ikarita itukura mbere gato y'uko umukino winjira mu minota y'inyongera.

    Torres yaje kuba intwari ya Espagne ubwo yahabwa umupira w'umutwe na Nico Williams wari winjiye nk'umusimbuye maze atsinda umunyezamu wa Argentina Emiliano Martinez ishoti rikomeye ku munota wa 106.

    Umukino wahindutse intambara y’imbaraga n’ubwitonzi aho kuba umupira w’amaguru utangaje.

    Perezida wa Amerika Donald Trump yageze i New Jersey akoresheje kajugujugu mbere y'umukino, mu gihe Shakira, Madonna na Justin Bieber bitabiriye igitaramo cya mbere mu mateka y'igikombe cy'isi, bituma ikiruhuko gitwara iminota 27.

    Mu mukino wuzuyemo amakosa n'ibihano bya hato na hato, Espagne yakomeje kugaragaza intego yayo yo gutwara igikombe cy'isi muri uyu mwaka aho Lamine Yamal na Mikel Oyarzabal bakomeje kugaragaza gusatira izamu rya Emiliano Martinez

    Abakinnyi ba Espagne bakomeje kwinubira ko umusifuzi Slavko Vincic ari umuntu utoroshye gutanga penaliti, cyane cyane nyuma y’uko Alexis Mac Allister akoreye ikosa Dani Olmo. Ikarita ya mbere y’umuhondo yabonetse ku munota wa 40 ubwo Lisandro Martinez yagushaga na Oyarzabal, nubwo uno myugariro wa Manchester United yaje kuvanwamo kubera imvune.

    Umukino warushijeho gukomera mu minota y'inyongera y'igihe gisanzwe, aho Enzo Fernandez, wari umaze kwihanangirizwa n'ikarita y'umuhondo, yabonye ikarita y'umuhondo ya kabiri kubera ikosa ryakorewe myugariro wa Espagne Pau Cubarsi maze nyuma akurwa mu kibuga n'ikarite itukura.

    Umunyezamu wa Argentine Emiliano Martinez yakomeje kuba umukinnyi ukomeye mu ikipe ye ubwo yaburizagamo ishoti rya Lamine Yamal mu masegonda ya nyuma y'iminota isanzwe. Yanarokoye umutwe wa Nico Williams mu minota y'inyongera.

    Argentine yari yagaragaje ubushobozi bukomeye ubwo yatsindaga Misiri n'Ubwongereza mu cyiciro cya 16, ariko ntiyashoboye kongera kubikora ubwo yakinaga na Espagne.

    Nyuma yo gutsinda, Espagne yegukanye igikombe cy'isi ku nshuro ya kabiri mu mateka yayo.

    Byongeye kandi, iyi ntsinzi yatumye Espagne iba igihugu cya mbere mu mateka cyatwaye igikombe cy'isi cy'abagabo n'abagore icyarimwe.

  11. Umupira w'amaguru: Mu myaka itanu, Espagne itsindiye ibikombe 16 vyose inyuma y’intsinzi ya nijoro

    Espagne yaraye isubiye kubikora.

    Inyuma y’aho itsindiye ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya mu 2024 (Euro 2024) i Berlin mu Budagi, La Roja (umurwi nserukiragihugu wa Espagne) yaraye itahukanye igikombe c’isi inyuma yo gutsinda Argentine igitsindo 1-0, mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’isi rwabereye ku kibuga ca New York New Jersey nijoro ku wa Mungu.

    Ni na ko vyagenze no mu 2010, kuko batsindiye igikombe c’isi ico gihe mw’ihiganwa ryabereye muri Afrika y’Epfo hari haciye imyaka ibiri nyene batsindiye Euro 2008.

    Intsinzi ya nijoro yerekanye ukungene Espagne muri iki gihe ari yo yiganje mu mupira w’amaguru, haba ku ruhande rw’abagabo canke ku rw’abagore.

    Ni co gihugu ca mbere gishoboye gutsindira ibikombe vy’isi mu mupira w’amaguru ku ruhande rw’abagabo no ku ruhande rw’abagore igihe kimwe. La Roja yaratsinze Ubwongereza mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry‘igikombe c’isi ku ruhande rw’abagore rwabereye i Sydney mu 2023.

    Si ivyo gusa. Umurwi nserukiragihugu w’abagabo watsindiye ihiganwa ry’ibihugu vya Bulaya (Nations League) mu 2023 wongera utahukana n’umudari w’inzahabu mu nkino za Olempike ya 2024, mu gihe umurwi nserukiragihugu w’abagore watsindiye Nations League mu 2024 no mu 2025.

    Tutarinze guharura, vyose hamwe muri rusangi, mu myaka itanu iheze, Espagne imaze gutsindira ibikombe 16 vy’isi n’ivya Bulaya, kuva ku rwego rw’abatarenza imyaka 17 gushika ku mirwi y’abakuze, ku ruhande rw’abagabo no ku ruhande rw’abagore.

    Umuhinga mu mupira w’amaguru muri Espagne, Guillem Balague, yabwiye BBC Sport ati: "Ni ukwiganza kwuzuye.

    “Ni nk’igihuhusi co nyaco. Mu mico yacu, dukora ibintu mu buryo kanaka. Bose baravyemera. Igihambaye ni uko tudahagarika.

    “Ni uwundi musozi wa Everest tuduze kuko batsindiye Igikombe c’Isi mu 2010, imyaka ibiri inyuma yo gutsindira Euro. Ubu twasubiye kubikora".

    Gushika ubu, Espagne imaze inkino 38 ikurikirana itaratsindwa na rimwe mu mahiganwa yose, bukaba ari bwo bwa mbere bibaye ku gihugu ico ari co cose co mu Burayi canke muri Amerika y’ubumanuko.

    Muri iri higanwa ryaraye rirangiye, Espagne yinjijwe igitsindi kimwe kitarenga ntikirenguke, cinjijwe n’Ububirigi mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma, nubwo yarutsinze kuri 2-1.

    Mu gihe hari abatari bake babona ko Argentine yari gushobora gutsinda urukino rwa finale rwa nijoro, siko vyagenze kuko vyaragaragaye ko Lionel Messi na bagenziwe barushijwe cane na Espagne mu mpande zose.

    Mu gihe urukino rwa nijoro rwoba ari rwo rwa nyuma rw’igihangange Lionel Messi mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, azoba arangije uko ata vyipfuza, co kimwe n’abafana biwe bari biteze ko akora ibidasanzwe, ariko bikaba vyagiye kurangira Argentine isubije igikombe.

    Nta kintu kidasanzwe Messi yakoze mu kibuga muri urwo rukino, bitandukanye no mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, aho bakuyemwo Ubwongereza kuri 2-1, akaba yagize uruhara mu mipira yose yavuyemwo ivyo bitsindo vyompi.

    Ayandi makuru kuri iki gikombe c'isi 2026:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  12. Ukraine yarekuriye kuri Moscou amadrone arenga 400 inyuma y’igitero rutura ca misire c’Uburusiya

    Umukuru w’igisagara ca Moscou avuga ko indege zitajamwo abadereva zirenga 400 ari zo zagomorewe ku ntara ya Moscou kuva ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu.

    Ikinyamakuru Interfax gisubiramwo amajambo ya Sergei Sobyanin agira ati: “Kuva isaha zibiri n’igice z’ijoro gushika isaha cumi n’imwe z’aka gatondo, amadrone arenga 400 yerekeje mu ntara ya Moscou.

    “Hafi yose yasamburiwe mu kirere n’ingabo zijejwe gukingira ikirere atarashika. Amadrone 85 yasambuwe ariko yegereza Moscou”.

    Sobyanin avuga ko abajejwe ubutabazi bariko barakorera ahaguwe n’ibisigarira vy’aya madrone.

    Kuva mu mezi aheze, Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) yarongereje akariro mu bitero vyayo ku butaka bw’Uburusiya , mu co ivuga ko ari ukwihora Uburusiya ku myaka ine bumaze bucucagira amabombe kuri Ukraine.

    Hagati aho, itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya TASS ryavuze kuri uno wa mbere ko abantu batandatu, harimwo abanyamahanga batatu, bajanwe mu bitaro bafise ibikomere vy’ibiturika, gusa bikaba bitazwi nimba bifitaniye isano n’ibi bitero vy’amadrone.

    Ni inyuma y’uko mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ku wa Mungu, Uburusiya bucucagiye ibibombe ku mugwa mukuru Kyiv bukoresheje ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ballistique.

    Abanyamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru AFP bari i Kyiv bavuga ko biboneye ingene ibi bisasu vyariko bigwa ku mazu y’uburaro.

    Umwe mu baba i Kyiv yabwiye AFP ati: “Ibisasu vya misire vyagumye bikoragurika kimwe inyuma y’ikindi, vyari bikomeye cane.

    “Nagira nti noneho ubwanje burashize”.

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ico gitero ari “kimwe mu bitero vya misire za ballistique bikomeye cane bikozwe kuri Kyiv”, aho ibisasu birenga 40 ari vyo vyarekuriwe kuri uno mugwa mukuru, 25 muri vyo bikaba ari ivyo mu bwoko bwa ballistique.

    Uburusiya kandi bwarabandanije n’ibitero vyabwo mu ntara za Zaporizhzhia, Kharkiv, Dnipropetrovsk hamwe na Odessa.

    Ayandi makuru ku nrambara yo muri Ukraine:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  13. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.