Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Kenya: Abanyeshure bikekwa guturira uburaro bw'ishure bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy'ubwicanyi

Abanyeshure bo muri Kenya bikekwa kugira uruhara mu muriro waturiye uburaro bw’ishure ugahitana abantu 16 bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy’ubwicanyi, nk’uko vyemejwe n’umushikirizamanza mukuru.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ndayishimiye avuga ko hakenewe ugukorera hamwe mu karere kugira hatuzwe imihari yitwaje ibirwanisho muri DRC

    Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye, akaba n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika, amenyesha ko kugira haboneke amahoro arama mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (DRC) hakenewe ugukorera hamwe kw'ibihugu vyo mu karere.

    Ndayishimiye yagize ati: “Mu guhangana n’akaga gaterwa n’imirwi y’iterabwoba y’abanyamahanga n’imihari ihungabanya umutekano, Uburundi bwemera ko bikenewe gutsimbataza ugukorera hamwe kw’ibihugu vyo mu karere”.

    Yabivuze ku wa kabiri igihe yarangiza urugendo rw’imisi ibiri yagize muri DRC.

    Yanavuze ko hakenewe kwihwezwa no gutahurwa ibisata vyose muri rusangi bifitaniye isano n’ico kibazo c'umutekano muke.

    Kuva mu mpera za 2023, Uburundi bwararungitse ingabo zabwo gufasha iza DRC kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho irwanira mu burasirazuba bw’ico gihugu, irimwo M23 urwanya ubutegetsi bwa DRC hamwe na RED-Tabara urwanya ubutegetsi bw'Uburundi.

    Perezida Ndayishimiye yatangaje kandi ko ashigikiye imigambi y’amahoro ya Washington na Doha, hamwe n’ubuhuza buriko bugirwa n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

    Perezida Félix Tshisekedi yakiriye neza ukuntu Uburundi bwitaho DRC, yongera abushimira ku kungene bushigikiye ingabo za DRC ku rugamba mu buseruko bw’ico gihugu.

    Amaze guhabwa amakuru ajanye n’ikiza ca Ebola, Tshisekedi yatangaje ko agiye kugendera intara ya Ituri, aho iyo ndwara yatangajwe ko yatanguriye ku wa 15 Rusama(5).

    Gushika ubu, abantu 1,048 baramaze kwemezwa ko banduye Ebola, abandi 267 yarabishe. Abantu 112 barayikize, nk'uko abategetsi babivuga.

    Ni mu gihe muri Uganda abategetsi baho bamaze kwemeza abantu babiri bishwe na Ebola – abo bakaba ari abantu bari barakoreye ingendo muri Uganda bavuye muri DRC. Abategetsi bo muri Uganda banemeje ko abantu 20 banduye Ebola, 14 bakaba barayikize.

    Perezida w’Uburundi ahamagarira ibihugu vyo mu karere n’abafatanyabikorwa mpuzamakungu kutugara imbibe kubera Ebola.

    We na mugenzi we barashimye ingene ibihugu vyabo vyakiriye impunzi zituruka ku mpande zompi, bakaba biyemeje gukomeza gufashanya gushika igihe hazorangira umugambi wo kuzitahukana, wumvikanyweko n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi (UNHCR).

    Ndayishimiye yatangaje kandi ko Uburundi buzokwakira muri Nyakanga (9) inama y’akanama gahuza ibihugu vyompi igamije kuganura ugukorera hamwe hagati yavyo, n’inama y'impande zitatu irimwo n'umuryango wa ICGLR w’ibihugu vyo mu karere, izwi nka ‘Troïka’.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Amerika 'yahaye' DR Congo umuti ukiri mu igerageza wa Ebola ngo ukoreshwe ku barwayi

    Amerika yatanze doze z'umuti ukiri mu igerageza w'ubwirinzi bw'umubiri w'uruganda Mapp Biopharmaceutical rwo muri icyo gihugu kugira ngo ukoreshwe mu igeragezwa ku barwayi mu rwego rwo kurwanya ikiza kirimo kwiyongera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Reuters, bisubiramo amagambo y'umuvugizi wa minisiteri y'ubuzima y'Amerika.

    Iyi ni impinduka ku ho Amerika yari ihagaze kuko uwo muti yawugeneraga Abanyamerika gusa.

    Inkuru irambuye hano

  3. Kenya: Abanyeshure bikekwa guturira uburaro bw'ishure bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy'ubwicanyi

    Umushikirizamanza mukuru muri Kenya (DPP) yemeje ko abanyeshure bikekwa kugira uruhara mu muriro wadutse kw’ishure ryisumbuye Utumishi Girls School, ugahitana abanyeshure 16, bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy’ubwicanyi.

    Ivyo vyago vyabaye ku wa 28 Rusama (5) kuri iryo shure riri i Gilgil, nko ku birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya. Abanyeshure 79 barakomeretse, ariko benshi muri bo baramaze kuva mu bitaro.

    Mw’itangazo yasohoye ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru yavuze ko yasuzumye dosiye y’itohoza ry’ibanze yashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatohoza ku vyaha (DCI), maze yemeza ivyaha abo banyeshure bakurikiranwako.

    Iryo tangazo rigira riti: “Abikekwa bazokurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi bikomoka ku vyabaye.”

    Uwo muriro ni kimwe mu vyago vya mbere bikomeye bimaze guhitana abantu benshi kw’ishure muri iyi myaka ya vuba, kandi watumye impungenge ku mutekano mu mashure ziyongera.

    Umushikirizamanza mukuru yanaburiye ko ibitero vyo guturira inyubakwa n’ibindi vyaha bikorerwa mu mashure hirya no hino mu gihugu biriko biriyongera, ashimangira ko abazogaragara ko babigizemwo uruhara bazobihanirwa hakurikijwe amategeko.

    Ubushikirizamanza bwifadikanije n’imiryango yabuze abayo muri ivyo vyago, bwiyemeza kandi gukurikirana iyi dosiye gushika ironse ubutungane bubereye, budahengamye kandi bushingiye ku vyemezo.

    Abikekwa kugira uruhara bitegekanijwe ko bazokwitaba muri sentare kugira baburanishwe ku vyo bakurikiranwako.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.