Umushikirizamanza
mukuru muri Kenya (DPP) yemeje ko abanyeshure bikekwa kugira uruhara mu muriro
wadutse kw’ishure ryisumbuye Utumishi Girls School, ugahitana abanyeshure 16,
bagiye gukurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi.
Ivyo
vyago vyabaye ku wa 28 Rusama (5) kuri iryo shure riri i Gilgil, nko ku
birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, umurwa mukuru wa
Kenya. Abanyeshure 79 barakomeretse, ariko benshi muri bo baramaze kuva mu
bitaro.
Mw’itangazo
yasohoye ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru yavuze ko yasuzumye dosiye
y’itohoza ry’ibanze yashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatohoza ku vyaha
(DCI), maze yemeza ivyaha abo banyeshure bakurikiranwako.
Iryo
tangazo rigira riti: “Abikekwa bazokurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi
bikomoka ku vyabaye.”
Uwo
muriro ni kimwe mu vyago vya mbere bikomeye bimaze guhitana abantu benshi
kw’ishure muri iyi myaka ya vuba, kandi watumye impungenge ku mutekano mu
mashure ziyongera.
Umushikirizamanza
mukuru yanaburiye ko ibitero vyo guturira inyubakwa n’ibindi vyaha bikorerwa mu
mashure hirya no hino mu gihugu biriko biriyongera, ashimangira ko
abazogaragara ko babigizemwo uruhara bazobihanirwa hakurikijwe amategeko.