‘Ntimukoreshe umuziki wanje’ - Ariana Grande abwira White House
Umuririmvyi w’umunyamerika, Ariana Grande, yasavye White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) kudasubira gukoresha umuziki wiwe, inyuma y’aho iwukoresheje muri videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi igamije kwamamaza politike ya Trump yo kurwanya abimukira.
Iyo videwo yacishijwe ku rubuga rwa TikTok ku wa mbere, yerekana abapolisi bacungera imbibe bariko barafata abantu bakabambika amapingu, mu gihe ururirimbo Grande yise ‘Bye’ ruba ruriko rukoreshwa nk’umudiho wayo.
Muri iyo videwo handitsemwo ngo: “Bye-bye… Perezida Trump yatumye imbibe zigira umutekano kurusha izindi zose mu mateka.”
Yishura kuri iyo video, Grande yagize ati: “Ntimukoreshe umuziki wanje mu bifitaniye isano n’ubugome, bitagira ubuntu kandi biteye isoni.”
Umuvugizi wa White House, Abigail Jackson, yabwiye ibimenyeshamakuru vya Amerika ati: “Ibintu mu vy’ukuri ari ubugome, bitagira ubuntu, biteye n’isoni, ni ibikorwa vy’abanyamahanga binjira mu gihugu mu buryo butemewe kandi bakoze ivyaha, bagakomeretsa canke bakica Abanyamerika b’inzirakarengane.”
Iyo videwo ya White House yashizwe ahabona inyuma y’aho Donald Trump ashize umukono kw’itegeko ritegekanya amafaranga arenga miliyaridi 70 z’amadolari, agenewe ibisata vya reta bigiye kurwanya abimukira mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice isigaye ngo Trump arangize ikiringo ciwe.
Iyo videwo yerekana abapolisi bambika amapingu abantu, bakaburiza amamodoka, hanyuma bakabajana mu bigo bapfungirwamwo.
Inyuma y’aho Grande yishuriye, iyo videwo yarakuwemwo ijwi kandi n’ubutumwa uwo muririmvyi yari yanditse bwarafuswe.
Uyu mukinyi w’ireresi ‘Wicked’ agiye ku rutonde rugenda rwaguka rw’abandi baririmvyi bagenda basaba ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika kudakoresha imiziki yabo mu kumenyekanisha imigambi ya politike ya Trump.
Izindi nkuru wosoma: